UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Kigarama 2014

Iki kinyamakuru kirimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 2 Ruhuhuma gushika ku wa 1 Ntwarante 2015.

‘Yari azi inzira’

Guy H. Pierce, uwari mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, yapfuye ku wa kabiri itariki 18 Ntwarante 2014.

Yehova arahezagira cane umutima ukunze

Hari icigwa gihambaye cane dushobora kwigira ku ntererano Imana yasavye Abisirayeli gutanga.

‘Nimwumvirize kandi mutegere insobanuro’

Yezu yaratanze ibigereranyo vyerekeye agatete ka sinapi, umwambiro, umudandaza w’ingenzi be n’itunga ryanyegejwe. None bisobanura iki?

Woba ‘utegera insobanuro’?

Ibigereranyo vya Yezu vyerekeye umubivyi asinzira, urusenga be n’umwana w’icangazi bisobanura iki?

Woba uvyibuka?

Ibibazo 12 biri muri iki kiganiro co kwisuzuma birashobora kugufasha kubona ivyo wibuka kuva ku nomero z’Umunara w’Inderetsi zo kuva muri Ruheshi gushika muri Kigarama 2014.

Woba ukwiye guhindura ingingo wafashe?

Ingingo zimwezimwe ufata zikwiye kudahinduka, mugabo si zose. None womenya gute izo wohindura n’izo utohindura?

Ibibazo vy’abasomyi

Yeremiya yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko Rasheli ariko aririra abahungu biwe?

Turindire iherezo ry’iyi si ishaje twunze ubumwe

Uburorero bune bwo muri Bibiliya burerekana agaciro k’ubumwe, be n’igituma buzoba buhambaye cane muri kazoza.

Woba uha agaciro ivyo waronse?

Twokwerekana gute ko duha agaciro intoranwa yacu yo mu vy’impwemu?

Ironderero ry’ibiganiro vyo mu Munara w’Inderetsi wo mu 2014

Urutonde rw’ibiganiro vyasohowe mu 2014, mu nteguro ya bose no mu nteguro y’ukwiga.