UMUNARA W’INDERETSI Ruhuhuma 2015 | Ivyogufasha gukunda ibikorwa

Abantu benshi barakunda ibikorwa, gukora bikabahimbara cane. Ni ibiki vyabafashije gukunda ibikorwa?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Gukora cane—Vyoba vyarataye igihe?

Abantu bamwebamwe babona ko barengeye ivyo gukora cane. Yamara hari abandi benshi bahimbarwa no gukora cane. Ni igiki cabafashije guhimbarirwa akazi bakora?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ivyogufasha gukunda ibikorwa

Raba impanuro ngirakamaro zimwezimwe Bibiliya itanga zerekana ingene wohimbarirwa akazi ukora.

IKIYAGO ICABONA CA YEHOVA AGIRANA N’UWO ABWIRA INKURU NZIZA

Kubera iki wokwitaho Bibiliya?

Naho Bibiliya yanditswe kera, impanuro itanga ni ngirakamaro no muri iki gihe cacu. Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zogufasha gute mu buzima bwawe bwose?

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA

Narakozwe ku mutima n’inyishu zitomoye Bibiliya itanga

Ernest Loedi yararonse inyishu z’ibibazo bihambaye bijanye n’ubuzima nk’iki: ‘Intumbero y’ubuzima ni iyihe?’ Inyishu zitomoye Bibiliya itanga zaratumye agira icizigiro ca kazoza.

NIWIGANE UKWIZERA KWABO

“None ugusobanura si ukw’Imana?”

Ni igiki catumye Yozefu ashobora kugira umutima rugabo agasobanura indoto y’umukuru w’abahereza ibinyobwa umwami wa Misiri, iy’umukuru w’abotsa imikate be n’iya Farawo? Vyagenze gute ngo Yozefu ave mw’ibohero aje ku kirimba, mu kiringo c’umusi umwe gusa?

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Iyumvire amahoro n’umutekano vyozanwa n’intwaro imwe iganza isi yose. Kubera iki dushobora kwizigira ko Imana izozana iyo ntwaro nkuko yabisezeranye? Ni nde mutegetsi abikwiriye w’iyo ntwaro?

Ibindi usanga kuri internet

Bibiliya yoba ari igitabu c’ubukerebutsi bw’abantu?

Raba ivyo Bibiliya ivuga ku biyerekeye.