UMUNARA W’INDERETSI Ntwarante 2015 | Yezu arakiza—Adukiza iki?

Yoba adukiza Shetani, uburake bw’Imana, canke adukiza ikindi kintu?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Kubera iki dukeneye gukizwa?

Vyoba vyumvikana ko Imana y’urukundo yodushiramwo icipfuzo co kubaho ibihe bidahera kandi bidashoboka ko tugishikako?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Urupfu rwa Yezu n’izuka ryiwe vyokumarira iki?

Raba ibintu bitandatu vy’ishimikiro Bibiliya yigisha vyerekana ukuntu urupfu rw’umuntu umwe rushobora gutuma abantu benshi baronka ubuzima.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Icibutso c’urupfu rwa Yezu kizoba ryari kandi kizobera he?

Mu 2015, Icibutso c’urupfu rwa Yezu kizoba ku wa gatanu igenekerezo rya 3 Ndamukiza, izuba rirenze.

IBIBAZO VY'ABASOMYI

Abakirisu boba vy’ukuri bakwiye guhimbaza Pasika?

Abahinga mu vya kahise bavuga iki ku bijanye n’uwo musi mukuru uhimbazwa na benshi?

INKURU Y’UBUZIMA

Amaso ya Jairo ni yo amufasha gukorera Imana

Naho Jairo arwaye indwara yonona ubwonko mbi cane muri zose, arahimbawe kandi ubuzima bwiwe burafise intumbero.

Wari ubizi?

Kuba intumwa Paulo yari Umuroma vyamumarira iki? Abungere bahembwa gute mu bihe vya kera?

Ingabirano zari zibereye umwami

Naho muri iki gihe ivyo bimota biboneka ko bisanzwe, mu bihe vya kera bimwebimwe vyari bifise agaciro nk’inzahabu.

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Ni bande bafungura ku mukate bakanywa no ku muvinyu ku Cibutso c’urupfu rwa Yezu?