UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Munyonyo 2015

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 28 Kigarama gushika ku wa 31 Nzero 2016.

Niwigishe umwana wawe gukorera Yehova

Kamere zitatu Yezu yagaragaje mu kwigisha zirashobora kugufasha kuroranirwa cane igihe wigisha abana bawe.

Niwigishe umwana wawe w’umuyabaga gukorera Yehova

Ushobora gute gufasha umwana wawe gutuma ubuyabaga bwiwe buba ikiringo co gukura mu vy’impwemu?

Ibibazo vy’abasomyi

Ni ibimenyamenya ibihe vyerekana ko igisagara ca kera ca Yeriko cigaruririwe ata gihe kirekire kihaciye gisugerejwe?

Dukenguruke ugutanga cane kwa Yehova

Bibiliya irerekana imvo zikwiye gutuma dutanga umwanya wacu, inguvu zacu n’uburyo bwacu be n’izotuma tutabigira.

Yehova ni Imana y’urukundo

Yehova yerekanye gute ko akunda abantu?

Woba “ukunda mugenzawe nk’uko wikunda”?

Urashobora gushira mu ngiro itegeko rya Yezu mu mubano wanyu w’abubatse, mw’ishengero no mu gikorwa co kwamamaza urangura.

Imyaka ijana Ubwami bumaze buganza!

Ni ibintu bitatu ibihe twaronkejwe kugira twamamaze Ubwami bw’Imana?

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

“Nta kintu na kimwe munsi y’izuba gikwiye kubabuza!”

Abasuku b’igihe cose bo mu Bufaransa mu myaka ya 1930 barasize iragi mu bijanye n’umwete be n’ukwihangana.