UMUNARA W’INDERETSI No 4 2016 | Bibiliya yarasimvye imanga

Mu binjana n’ibindi, hari ibintu vyari gutuma Bibiliya n’ubutumwa bwayo bizimangana. Kuba yararokotse bitwereka iki?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Inkuru ukwiye kumenya

Nta kindi gitabu kimaze igihe kirekire gihindura ivyiyumviro vy’abantu cokimwe na Bibiliya. Mugabo none, twoba twoyizigira?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Yararokotse naho yashobora kubora

Abanditse Bibiliya n’abagiye barayimura bakunda kwandika ku mpapuro z’urufunzo no ku nshato z’ibikoko. None vyagenze gute ngo ivyandikano nk’ivyo vya kera bibe bikiriho gushika uyu musi?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Yararokotse naho bayirwanije

Indongozi mu vya politike no mu vy’idini zaragerageje kubuza abantu gutunga Bibiliya, kuyisohora canke kuyishira mu rundi rurimi. Ariko zarananiwe.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Yararokotse naho bagerageje kuyigoreka

Hari abantu ata co bibanga bagerageje kugoreka igisomwa co muri Bibiliya. Vyagenze gute ngo ivyo bagerageje kugoreka bimenyekane vyongere bikosorwe?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Igituma Bibiliya yarokotse

Ico gitabu gitandukaniye he n’ibindi?

Wari ubizi?

Yezu yari atandukaniye he n’abandi mu kuntu yafata abanyamibembe? Indongozi z’idini ry’Abayuda zemerera umuntu kwahukana ku mvo izihe?

Vyoba bishoboka ko ubukozi bw’ikibi buhera?

Hari abantu bafashijwe baraheba ubukozi bw’ikibi. Icatumye bahinduka cofasha n’abandi.

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA

Aho ubona umuntu ava kure!

Umugabo umwe yahevye gute ingeso yo kuraba amasanamu y’ibiterasoni maze arironkera amahoro yo mu mutima?

Gereranya ivyo wemera n’ivyo Bibiliya yigisha

Amadini menshi y’abakirisu usanga atigisha bimwe. Womenya gute uwigisha ukuri?

Bibiliya ibivugako iki?

Imana yoba ifise ishirahamwe ry’ivy’idini ikoresha kugira ifashe abantu kuyiyegereza?

Ibindi usanga kuri internet

Bibiliya yoba irimwo ivyiyumviro vy’Imana?

Benshi mu banditse Bibiliya bavuga ko ivyo banditse vyavuye ku Mana. Kubera iki?