UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Nzero 2017

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 27 Ruhuhuma gushika ku wa 2 Ndamukiza 2017.

Baritanze babikunze

Bashiki bacu benshi bakoreye mu mahanga, mu ntango baratinya kwimukira mu kindi gihugu. None bashize ubwoba gute? Ni ibiki bigiye mu gikorwa baranguriye mu mahanga?

“Niwizigire Yehova, ukore iciza”

Yehova arahimbarwa no kudufasha ivyo tudashobora. Ariko yiteze ko ivyo dushoboye tubikora. None icanditswe c’umwaka wa 2017 kidufasha gute kumenya ivyo dushoboye n’ivyo tudashoboye?

Nukoreshe neza ububasha bwawe bwo kwihitiramwo

Ububasha bwo kwihitiramwo ni iki, kandi Bibiliya ibuvugako iki? Twokwerekana gute ko twubahiriza ingingo abandi bifatira?

Igituma kwifata ruto bigihambaye

Kwifata ruto bisobanura iki, kandi gufitaniye isano irihe n’ukwicisha bugufi? Ni kubera iki bihambaye ko dutsimbataza iyo kamere?

Turashobora kuguma twifata ruto mu bihe bitoroshe

Dushobora gute kuguma twifashe ruto igihe ibintu bihindutse, igihe batuneguye canke badushemagije, be n’igihe tutazi ingene ibintu bizogenda?

“Ivyo bintu ubizeze abantu b’abizigirwa”

Abitereye mu myaka bomenyereza gute abakiri bato kugira ngo bazoshingwe amabanga yiyongereye? Abakiri bato bokwerekana gute ko baha agaciro abamaze imyaka myinshi baja imbere abandi?

Wari ubizi?

Mu bihe vya Bibiliya batwara umuriro gute?