Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UMUNARA W’INDERETSI No 2 2017 | Woba uzokwakira ingabire ntangere y’Imana?

UVYIBAZAKO IKI?

Ingabire iruta izindi zose Imana yaduhaye ni iyihe?

Bibiliya ivuga ko “Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege.”Yohani 3:16.

Uwu Munara w’Inderetsi urerekana icatumye Imana irungika Yezu kw’isi kugira ngo adupfire be n’ingene twogaragaza ko dukenguruka iyo ngabire.

 

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ingabire iruta izindi zose

Bibiliya iradondora ingabire y’agaciro ntangere, ishobora gutuma abayakira bironkera ubuzima budahera. Hari iyindi ngabire yoza iruta iyo?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ingabire ntangere y’Imana: Kubera iki ari iy’agaciro cane?

Ni ibintu ibihe bituma ingabire iba iy’agaciro kuruta? Kuzirikana kuri ivyo bintu birashobora gutuma turushiriza gukenguruka incungu.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Wokwerekana gute ko ukenguruka ingabire ntangere y’Imana?

Urukundo Kristu afise rutugobera gukora iki?

Bibiliya yoba ibuza abihebeye Imana kwubaka izabo?

Amadini amwamwe arabuza indongozi zayo kwubaka izabo. None Bibiliya ibivugako iki?

Baravuye mu buja, kera no muri iki gihe

Mu bihe vya kera, abasavyi b’Imana baravuye mu buja. Ikibabaje ni uko abantu amamiliyoni bakiri mu buja.

Niwironkere ivyiza biva ku gutanga

Gutanga biratuma wewe n’abandi mumererwa neza. Birakomeza kandi ubumwe n’ubugenzi. None twoshobora gute gutangana akamwemwe?

Bibiliya ibivugako iki?

Bibiliya ivuga ko “imisi ya nyuma” yobaye “ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” Ivyo none vyoba bihuye n’ikiringo tubayemwo?

Ibindi usanga kuri internet