UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ndamukiza 2017

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 29 Rusama gushika ku wa 2 Mukakaro 2017.

“Ico uraganye, gishitse”

Indagano ni iki? Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ivyo turaganira Imana?

Ni ibiki bizovaho Ubwami bw’Imana nibwaza?

Bibiliya ivuga ko “isi iriko irahita.” None bimwe mu bigize iyo “si” ni ibiki?

INKURU Y’UBUZIMA

Nariyemeje kuba umusoda wa Kristu

Demetrius Psarras yarapfunzwe azira ko yanse gufata ibirwanisho. Naho ari ukwo, yagumye ashemagiza Imana no mu bigeragezo bikomeye vyakurikiye.

Wa “Mucamanza w’isi yose” yama akora ibigororotse

Kubera iki twovuga ko Imana idashobora kurenganya? Ni kubera iki ico kintu gihumuriza cane abakirisu muri kino gihe?

Woba wigana ubutungane bwa Yehova?

Ukwicisha bugufi be n’ukubabarira abandi birahambaye nimba twipfuza kwigana ubutungane bwa Yehova. Uti kubera iki?

Ese ukwitanga kwawe kwoshemagiza Yehova!

Imana Mushoboravyose iraha agaciro akigoro abasavyi bayo bagira mw’iranguka ry’umugambi wayo, naho womengo nta co kavuze.