UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ruheshi 2017

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 31 Mukakaro gushika ku wa 27 Myandagaro 2017.

Woba uvyibuka?

Woba warasomye inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba ibibazo ushobora kwishura uko bingana.

Yehova araduhoza mu makuba yacu yose

Ni ingorane izihe zishobora gushikira abakirisu mu mubano w’abubatse canke mu muryango muri iki gihe? Vyongeye, nimba uriko urashikirwa n’ingorane nk’izo, woronka gute uruhoza ruva ku Mana?

Nugumize umutima kw’itunga ryo mu vy’impwemu

Ni itunga irihe dukwiye guha agaciro, kandi twobigira gute?

Nturabe ibiboneka inyuma gusa

Igihe Icabona ca Yehova umwe yaganiriza umugabo yaba mw’ibarabara yasa nabi cane kandi ntashake n’uwumwegera, vyavuyemwo iki?

Nutunganye ingorane maze uremeshe amahoro

Abantu baripfuza cane kuronka amahoro. Naho ari ukwo, igihe abenshi bagize ubwibone canke bakabona umengo basuzuguwe, baca batangura gukora ibintu bihungabanya amahoro. None wokwirinda gute iyo nyifato?

“Hahezagirwe ukwiyumvira neza kwawe”

Ayo majambo yavuzwe n’Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera, igihe yashemagiza Abigayili. None ni igiki catumye Dawidi amushemagiza, kandi akarorero k’uwo mugore katwigisha iki?

Nugumize mu bwenge ca kibazo gihambaye

Ikibazo gihambaye cerekeye abantu bose ni ikihe? Kubera iki bihambaye ko utahura ibijanye n’ico kibazo?

Nushigikire ubusegaba bwa Yehova!

Kwemera ko Yehova ari we abereye kuba Segaba w’ibiriho vyose, bituma wigenza gute mu buzima?

Wari ubizi?

Ni kubera iki Yezu yavuze ko abadandariza ibitungwa mu rusengero bari “abambuzi”?