UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ruhuhuma 2018

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 2 gushika ku wa 29 Ndamukiza 2018.

Niwigane ukwizera n’ukugamburuka kwa Nowa, Daniyeli na Yobu

Abo bagabo bari bafise ukwizera barashikiwe n’ingorane zidushikira. Ni ibiki vyabafashije kugumana ugutungana kwabo?

Woba uzi Yehova nk’uko Nowa, Daniyeli na Yobu bari bamuzi?

Abo bagabo bamenye gute Mushoboravyose? Bungukiye gute kuri ubwo bumenyi? Twotsimbataza gute ukwizera nk’uko bari bafise?

INKURU Y’UBUZIMA

Kuri Yehova vyose birashoboka

Amajambo makeya akora ku mutima umugore umwe yumvise ari muri bisi muri Kirgistani, yarahinduye ubuzima bwiwe n’ubw’umugabo wiwe.

Kuba umuntu akomeye mu vy’impwemu bisobanura iki?

Bibiliya iravuga ibiranga “umuntu w’impwemu” be n’ico atandukaniyeko n’ “umuntu w’umubiri.”

Nugume utera imbere mu vy’impwemu!

Kugira ubumenyi bwo muri Bibiliya vyonyene ntibica bituma uba umuntu akomeye mu vy’impwemu. Ni igiki kandi gikenewe?

Akanyamuneza—Kamere dukura ku Mana

Nimba ibigeragezo vyo mu buzima bwa misi yose biriko bituma utakaza umunezero, ni ibiki vyogufasha gusubira kugira umunezero?

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

Insiguro zakwiragije inkuru nziza muri Irlande

Ni igiki cajijuye Russell ko imirima ‘yeze igeze kwimbura’?