UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Rusama 2018

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 9 Mukakaro gushika ku wa 5 Myandagaro 2018.

INKURU Y’UBUZIMA

Nakuriye mu bukene, mugabo ubu ndatunze

Samuel Herd yakuriye mu bukene, ariko yahavuye atunga mu buryo bw’impwemu kuruta uko yari gushobora kuvyibaza.

Amahoro​—Woyaronka gute?

Kubera ko tubaye mw’isi idurumbanye, dutegerezwa gukora uko dushoboye kwose kugira turonke amahoro. Ijambo ry’Imana rirashobora kudufasha.

Yehova arakunda ‘abama ivyamwa bihanganye’

Twoshobora gucika intege igihe twamamaza mu cibare kitimbuka. Naho ari ukwo, twese turashobora kuroranirwa mu busuku.

Igituma ‘tuguma twama ivyamwa vyinshi’

Birahambaye ko tuguma twibuka imvo zituma twamamaza.

Nitumenye umwansi wacu

Ntituyobewe ingene Shetani yosha abantu canke imigabo yiwe.

Yemwe bakiri bato, nimurwanye Shetani mushikamye

Twese turi mu ntambara yo mu buryo bw’impwemu. Abakiri bato ni bo canecane bageramiwe, mugabo bariteguriye urugamba.

Harabonetse ivyimburwa vyinshi!

Mu karere kamwe ka Ukraine, ica kane c’abanyagihugu bose ni Ivyabona vya Yehova!