UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Mukakaro 2018

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 3 gushika ku wa 30 Nyakanga 2018.

BARITANZE BABIKUNZE

Baritanze babikunze​—Muri Birmaniya

Ni igiki catumye Ivyabona vya Yehova benshi bava mu bihugu vyabo bakaja gufasha mw’iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu muri Birmaniya?

Wipfuza gushimwa na nde?

Twigira iki ku kuntu Imana yerekana ko izi abasavyi bayo b’intahemuka?

Ni nde uhanze amaso?

Turashobora gukura icigwa gihambaye kw’ikosa rikomeye Musa yakoze.

“Ni nde ari ku ruhande rwa Yehova?”

Inkuru ya Kayini, iya Salomo, iya Musa n’iya Aroni, zirerekana igituma biranga ubukerebutsi kuja ku ruhande rwa Yehova.

Turi aba Yehova

Twokora iki kugira twerekane ko dukengurukira Yehova kuba yaratumye bishoboka ko tugiranira na we ubucuti?

Nugirire impuhwe “abantu b’uburyo bwose”

Niwigane impuhwe za Yehova mu kubona ivyo abandi bakeneye n’ingorane bafise kandi ubafashe ivyo ubishoboye.

Icogufasha kwiga Bibiliya neza kandi bikakuryohera

Urashobora kwubura ubutunzi bwo mw’Ijambo ry’Imana.

Ibibazo vy’abasomyi

Igihe abantu babiri batubakanye bamaranye ijoro ryose mu nzu ata mvo yumvikana ibitumye, coba ari igicumuro gikomeye?