UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ntwarante 2019

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 6 Rusama gushika ku wa 2 Ruheshi 2019

Ni igiki kimbuza kubatizwa?

Hari abamenya Yehova Imana mugabo ugasanga baragonanwa kubatizwa. None ni ibiki vyobafasha gutsinda intambamyi iyo ari yo yose yoba ibabuza kubatizwa?

Niwumvirize ijwi rya Yehova

Muri kino gihe Yehova atuganirira gute? Twungukira gute ku kwumviriza Imana?

Nugaragarize impuhwe abandi

Yehova na Yezu bagaragariza gute impuhwe abandi, kandi twobigana gute?

Nugaragaze impuhwe mu busuku

Ni mu buryo bune ubuhe twogaragariza impuhwe abo tuganiriza mu busuku?

Ukumera neza​—Wogutsimbataza gute?

Ukumera neza ni iki? Kubera iki dukwiye kwihatira gutsimbataza iyo kamere?

Yehova arahimbarwa igihe uvuze “amen”

Abantu benshi usanga bavuga ngo ‘amen’ iyo bahejeje gusenga. Iyo tuvuze ngo ‘amen’ birashemeza Imana. None iryo jambo risobanura iki kandi rikoreshwa gute muri Bibiliya?