UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Munyonyo 2019

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 30 Kigarama 2019–2 Ruhuhuma 2020.

Dukomeze ubugenzi dufitaniye imbere y’uko iherezo rishika

Turashobora gukura ivyigwa vyinshi ku vyashikiye Yeremiya, uwakijijwe n’abagenzi mu kiringo c’imbere y’uko Yeruzalemu isangangurwa.

Ingene impwemu nyeranda idufasha

Impwemu nyeranda y’Imana iradufasha kwihangana. Ariko rero hariho ibintu bine dutegerezwa gukora kugira ngo irushirize kudufasha.

Woba uriko urabungabunga ‘inkinzo yawe yagutse y’ukwizera’?

Ukwizera kwacu kumeze nk’inkinzo idukingira. Twokora iki kugira ngo twiyemeze yuko inkinzo yacu y’ukwizera imeze neza?

Ivyigwa dukura mu gitabu c’Abalewi

Igitabu c’Abalewi kirimwo amategeko Yehova yahaye Abisirayeli. Naho twebwe abakirisu tutagengwa n’ayo mategeko, turashobora kugira ico tuyigiyeko.

“Nimurangize n’ukubikora”

N’igihe dufashe ingingo nziza, birashobora kutugora kuyishira mu ngiro. Raba ivyiyumviro vyogufasha kuyishira mu ngiro.

Wari ubizi?

Mu bihe vya Bibiliya ababwiriza bari bajejwe iki?