BE MASO! No 1 2020 | Ingene wogabanya umwitwarariko

Abantu benshi baguma barengerwa n’umwitwarariko. Naho ari ukwo, hari vyinshi wokora kugira ntukurengere.

Woba ufise umwitwarariko?

Hari vyinshi wokora kugira nturengerwe n’umwitwarariko.

Ni ibiki bitera umwitwarariko?

Raba ibintu bimwebimwe bitera umwitwarariko uce uraba ko hoba harimwo ibikwerekeye.

Umwitwarariko ni iki?

Ni ibisanzwe kugira umwitwarariko. Ariko raba ingene umwitwarariko urenze urugero ushobora kugira ingaruka ku mubiri wawe.

Wokora iki ufise umwitwarariko?

Raba ingingo ngenderwako zimwezimwe zoshobora kugufasha igihe ufise umwitwarariko canke kumbure zogufasha kuwugabanya.

Ubuzima butarimwo imyitwarariko burashoboka

Twebwe ubwacu ntidushobora gukuraho ibintu vyose bidutesha umutwe. Ariko Yehova we arabishoboye.

“Umutima utekanye ni ubuzima bw’umubiri”

Ayo majambo dusanga mu Migani 14:​30 yerekana ko impanuro Bibiliya itanga zitigera zita igihe.