UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ntwarante 2020

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 4-31 Rusama 2020.

Gukunda Yehova no kumukengurukira bizotuma ubatizwa

Urukundo ukunda Yehova rushobora gutuma ubatizwa. Ni ibiki none vyotuma udatera iyo ntambwe?

Hoba hageze ko ubatizwa?

Inyishu utanga ku bibazo biri muri iki kiganiro zizogufasha gufata ingingo.

INKURU Y’UBUZIMA

“Turi hano! Dutume”

Jack na Marie-Line baratwiganira ivyatumye bakora umurimo w’igihe cose be n’ivyabafashije kumenyera ahantu hose bagiye bararungikwa gukorera.

Ni ryari bibereye ko tuvuga?

Raba uburorero bwo muri Bibiliya budufasha kumenya igihe co kuvuga n’igihe co kunuma.

Mukundane cane

Yezu yavuze ko urukundo ari rwo ruranga abakirisu b’ukuri. Ni gute urukundo rutuma tuba indemeshamahoro, twirinda kugira nkunzi, kandi tukaba abakiranyi?

Wari ubizi?

Uretse ibivugwa muri Bibiliya, hoba hari ibindi bimenyamenya vyerekana ko Abisirayeli babaye abashumba mu Misiri?

Ibibazo vy’abasomyi

Abapolisi b’Abayuda bo ku rusengero bari bande? Bari bajejwe iki?