UMUNARA W’INDERETSI No 2 2020 | Ubwami bw’Imana ni iki?

Abantu baramaze ibijana n’ibindi bibaza ico kibazo. Inyishu yaco iroroshe kuronka muri Bibiliya.

“Ubwami bwawe nibuze”​—Igisabisho kivugwa n’abantu amamiliyoni

Ni ibibazo ibihe vyerekeye Ubwami bw’Imana dukeneye kuronkera inyishu kugira dutahure insobanuro y’ico gisabisho?

Kubera iki dukeneye Ubwami bw’Imana?

Igihe abantu badatunganye bitegeka bivamwo ingorane.

Umwami w’Ubwami bw’Imana ni nde?

Abanditsi ba Bibiliya batari bake baranditse amakuru adufasha kumenya ibiranga uwobaye Umwami w’Ubwami bw’Imana. Mu bantu bose babayeho, umuntu umwe gusa ni we akwije ivyo bintu.

Ubwami bw’Imana buzoganza isi ryari?

Bamwe mu bigishwa ba Yezu b’intahemuka na bo nyene baripfuje kubimenya. None yabishuye gute?

Ubwami bw’Imana buzokora ibiki?

Yezu yari azi ko Ubwami bw’Imana ari yo ntwaro yonyene ishobora gutorera umuti ingorane ziri kw’isi. Ni ibiki ubwo Bwami bumaze gukora bituma tugira icizigiro?

Nuhitemwo gushigikira Ubwami bw’Imana ubu

Yezu yahimirije abayoboke biwe kubanza kurondera Ubwami. None wobigira gute?

Ubwami bw’Imana ni iki?

Abantu benshi barasenga basaba ngo Ubwami bw’Imana buze, ariko none woba umaze kwibaza Ubwami bw’Imana ico ari co be n’ivyo buzokora?