Gukurikiza impanuro zo muri Bibiliya

Ijambo ry’Imana riradufasha kuzirikana no gukora twisunze ingingo ngenderwako. Nurimbure uburorero bwerekana ukuntu impanuro Bibiliya itanga zihambaye cane.

Urashobora kuronka abagenzi aho utari witeze

Twese turakenera abagenzi. Igihe twipfuza kurondera abagenzi, ni ingingo ngenderwako iyihe yo muri Bibiliya yodufasha guhitamwo neza?

Yehova Imana azogufasha

Kugira ukorere Imana ntukwiye kuba uwutunganye. Mu bisanzwe Imana ishaka ko uroranirwa, ku bw’ivyo izogufasha yongere igushigikire.

Niwumvire impanuro kugira ucike inkerebutsi

Nushire umutima ku mpanuro ntuwushire ku wayitanze. Impanuro duhabwa n’abakurambere bakirisu ni ikimenyamenya c’uko Yehova adukunda.