Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

Iki gikoresho co kwiga Bibiliya kigenewe kugufasha kumenya ivyo Bibiliya ivuga ku vyiyumviro bitandukanye, ushizemwo igituma dushikirwa n’imibabaro, ingene bigenda iyo dupfuye, ingene twogira agahimbare mu rugo be n’ibindi.

Ibi vyoba ari vyo Imana yashaka?

Woshobora kwibaza igituma hari ingorane nyinshi muri iki gihe. Wari uzi ko Bibiliya ivuga yuko ibintu bigiye guhinduka cane be n’uko ushobora kuvyungukirako?

IKIGABANE CA 1

Ukuri kwerekeye Imana ni ukuhe?

Woba wibaza ko Imana ikubabaye ku giti cawe? Niwige ibijanye na kamere zayo be n’ukuntu ushobora kuyiyegereza.

IKIGABANE CA 2

Bibiliya ni igitabu kiva ku Mana

Bibiliya ishobora gute kugufasha kwihanganira ingorane zigushikira? Ni kubera iki wokwizigira ubuhanuzi buri muri yo?

IKIGABANE CA 3

Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?

Umugambi Imana ifise wo guhindura isi Iparadizo woba uzoranguka? Nimba uzoranguka, ni ryari?

IKIGABANE CA 4

Yezu Kristu ni nde?

Nurabe igituma Yezu ari we Mesiya yasezeranywe, aho yakomotse be n’igituma ari Umwana w’ikinege wa Yehova.

IKIGABANE CA 5

Incungu ni ingabirano iruta izindi zose Imana yatanze

Incungu ni iki? Ishobora kukumarira iki?

IKIGABANE CA 6

Abapfuye bari hehe?

Raba ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’iyo abapfuye bari be n’igituma abantu bapfa.

IKIGABANE CA 7

Icizigiro nyakuri ku bawe bapfuye

Woba warabuze abawe? Vyoba bishoboka ko usubira kubabona? Raba ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’izuka.

IKIGABANE CA 8

Ubwami bw’Imana ni iki?

Abantu benshi barazi rya sengesho rya Dawe wa twese. Imvugo ngo “Ubwami bwawe nibuze” isobanura iki?

IKIGABANE CA 9

Twoba turi mu “misi ya nyuma”?

Raba ukuntu ivyo abantu badukikuje bakora be n’ingeso zabo vyerekana ko ubu turi mu “misi ya nyuma” Bibiliya yari yaravuze.

IKIGABANE CA 10

Ukuntu abamarayika bagira ico bakoze kuri twebwe

Bibiliya iravuga ibijanye n’abamarayika be n’amadayimoni. Boba babaho koko? Boba bashobora kukugirira neza canke nabi?

IKIGABANE CA 11

Ni kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro?

Abantu benshi biyumvira ko Imana ari yo ikwiye kubazwa imibabaro yose iri mw’isi. Wewe uvyibazako iki? Raba ico Imana ivuga ku bijanye n’igituma abantu bashikirwa n’imibabaro.

IKIGABANE CA 12

Tubeho mu buryo buhimbara Imana

Birashoboka ko ubaho mu buryo buhimbara Yehova. Nkako, urashobora kuba umugenzi wiwe.

IKIGABANE CA 13

Nitubone ubuzima nk’uko Imana ibubona

Imana ibona gute ivyo gukorora inda, guterwa amaraso be n’ubuzima bw’igikoko?

IKIGABANE CA 14

Ico wogira ngo mu rugo iwanyu harangwe agahimbare

Urukundo Yezu yagaragaje ni akarorero abagabo, abagore, abavyeyi be n’abana bashobora kwigana. Ni igiki tumwigirako?

IKIGABANE CA 15

Uburyo bwo gusenga bushimwa n’Imana

Raba ibintu bitandatu biranga abari mw’idini ry’ukuri.

IKIGABANE CA 16

Nushikame ku gusenga kw’ukuri

Ni ingorane izihe woshobora kugira igihe ubwira abandi ivyo wemera? Wobigira gute utiriwe urabababaza?

IKIGABANE CA 17

Niwiyegereze Imana mw’isengesho

Imana yoba yumviriza igihe usenga? Kugira uronke inyishu y’ico kibazo, urakeneye gutahura ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’isengesho.

IKIGABANE CA 18

Ibatisimu be n’ubucuti ugiranira n’Imana

Ni intambwe izihe ukeneye gutera kugira ushobore kuronka ibatisimu ya gikirisu? Raba ico igereranya be n’ukuntu ikwiye kugirwa.

IKIGABANE CA 19

Nugume mu rukundo rw’Imana

Twokwerekana gute ko dukunda kandi dukenguruka ibintu vyose Imana yakoze?

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Ukuntu izina ry’Imana rikoreshwa be n’insobanuro yaryo

Kubera iki izina ry’Imana ryakuwe muri Bibiliya nyinshi? Vyoba bihambaye ko dukoresha izina ry’Imana?

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Ukuntu ubuhanuzi bwa Daniyeli bwavuze ivyerekeye ugushika kwa Mesiya

Hagisigaye imyaka irenga 500, Imana yarahishuye igihe nyezina Mesiya yoshikiye. Nurabe ivyerekeye ubwo buhanuzi bukora ku mutima!

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Yezu Kristu ni we Mesiya yari yarasezeranywe

Yezu yarashikije ubuhanuzi bwose bwo muri Bibiliya bwerekeye Mesiya. Nusuzume muri Bibiliya yawe ko ubwo buhanuzi bwarangutse ido n’ido.

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Ukuri ku vyerekeye Data, Umwana be n’impwemu nyeranda

Abantu benshi baremera ko inyigisho y’Ubutatu iri muri Bibiliya. Vyoba ari vyo?

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Igituma abakirisu b’ukuri badakoresha umusaraba mu gusenga

Yezu yoba vy’ukuri yapfiriye ku musaraba? Niwisomere inyishu muri Bibiliya.

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Ihimbaza ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba riha Imana icubahiro

Abakirisu basabwa guhimbaza Icibutso c’urupfu rwa Kristu. Gikwiye guhimbazwa ryari kandi gute?

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Abantu boba vy’ukuri bafise muri bo ikintu kitaboneka kandi kidahwera?

Abantu benshi biyumvira yuko iyo bapfuye hari ikintu kitaboneka gica kibavamwo kikabandanya kubaho. Ijambo ry’Imana ritubwira iki?

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Sheoli na Hadesi ni iki?

Bibiliya zimwezimwe zikoresha amajambo “imva” canke “ukuzimu” mu kwerekeza kuri Sheoli na Hadesi. Ayo majambo asobanura iki vy’ukuri?

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Umusi w’Urubanza ni iki?

Nurabe ukuntu Umusi w’Urubanza uzoba ari umuhezagiro ku bantu bose b’abizigirwa.

AMAYAGWA Y’INYONGERA

1914 ni umwaka udasanzwe mu buhanuzi bwa Bibiliya

Ni ibimenyamenya ibihe vyo muri Bibiliya vyerekana ko umwaka wa 1914 wari uwudasanzwe?

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Mikaheli wa mumarayika mukuru ni nde?

Bibiliya iratubwira uwo mumarayika mukuru w’umunyabubasha uwo ari we. Numenye n’ibindi ku bimwerekeye be n’ico ariko arakora ubu.

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Ukuntu twomenya “Babiloni Akomeye”

Igitabu c’Ivyahishuwe kiravuga ibijanye n’umugore yitwa “Babiloni Akomeye.” Yoba ari umugore nya mugore? Bibiliya ivuga iki ku bimwerekeye?

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Yezu yoba yavutse muri Kigarama?

Raba ukuntu ikirere cari cifashe igihe Yezu yavuka. Ivyo bitwereka iki?

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Hoba hari imisi mikuru tudakwiye guhimbaza?

Imisi mikuru ikunda guhimbazwa aho iwanyu yakomotse hehe? Inyishu z’ico kibazo zoshobora kugutangaza.