Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?

Ivyabona vya Yehova bari kw’isi yose kandi bava mu moko yose no mu mico kama yose. Ni igiki catumye abo bantu batandukanye bunga ubumwe?

Ni ibiki Imana igomba?

Imana igomba ko ivyo igomba bimenyeshwa kw’isi yose. None ivyo igomba ni ibiki, kandi ni bande muri iki gihe bariko baravyigisha abandi?

ICIGWA CA 1

Ivyabona vya Yehova bameze gute?

Uzi Ivyabona vya Yehova bangahe? Ni ibiki mu vy’ukuri uzi ku bitwerekeye?

ICIGWA CA 2

Ni kubera iki twitwa Ivyabona vya Yehova?

Raba imvo zitatu zatumye twitwa iryo zina.

ICIGWA CA 3

Ukuri kwo muri Bibiliya kwasubiye kwuburwa gute?

Dushobora gute kumenya ko dufise ugutahura nyakwo ku bijanye n’ivyo Bibiliya yigisha?

ICIGWA CA 4

Kubera iki twasohoye Bibiliya y’isi nshasha?

Ni ibiki bituma iyo mpinduro y’Ijambo ry’Imana iba iyitandukanye n’izindi?

ICIGWA CA 5

Ni ibiki uzokwungukira ku makoraniro yacu ya gikirisu?

Dukoranira hamwe kugira ngo twige Ivyanditswe no kugira ngo turemeshanye. Uzokwakiranwa igishika!

ICIGWA CA 6

Twungukira gute ku kwifatanya n’abakirisu bagenzi bacu?

Ijambo ry’Imana rituremesha kwifatanya n’abandi bakirisu. Numenye ukuntu wokwungukira ku kwifatanya mwene ukwo.

ICIGWA CA 7

Amakoraniro yacu atunganijwe gute?

Woba urigera wibaza ibibera ku makoraniro yacu? Nta gukeka ko uzokorwa ku mutima n’inyigisho nziza zishingiye kuri Bibiliya uzoharonkera.

ICIGWA CA 8

Ni kubera iki twambara neza igihe tugiye ku makoraniro?

Ukuntu twambara kwoba guhambaye ku Mana? Numenye ingingo ngenderwako zituyobora igihe duhitamwo ukuntu twambara n’ukuntu twitunganya.

ICIGWA CA 9

Uburyo bwiza bwo gutegura amakoraniro ni ubuhe?

Gutegura amakoraniro yacu imbere y’igihe bizogufasha kuyungukirako cane.

ICIGWA CA 10

Ugusenga kwo mu muryango ni iki?

Numenye ukuntu iyo ntunganyo yogufasha kwiyegereza Imana no gukomeza ubucuti buri mu muryango wanyu.

ICIGWA CA 11

Ni kubera iki tuja ku materaniro maninimanini?

Buri mwaka, turakoranira hamwe mu biringo bitatu bidasanzwe. Wokwungukira gute kuri iyo mitororokano?

ICIGWA CA 12

Igikorwa cacu co kwamamaza Ubwami gitunganijwe gute?

Turakurikiza akarorero Yezu yatanze igihe yari kw’isi. Bumwebumwe muri ubwo buryo bwo kwamamaza ni ubuhe?

ICIGWA CA 13

Umutsimvyi ni iki?

Ivyabona bamwebamwe bamara amasaha 30, 50, canke mbere arenga ku kwezi bariko baramamaza. Babitumwa ni iki?

ICIGWA CA 14

Ni ivyigwa ibihe abatsimvyi baronswa?

Ni ukumenyerezwa kudasanzwe ukuhe kuronswa abahebera umwanya wabo wose igikorwa co kwamamaza Ubwami?

ICIGWA CA 15

Abakurambere bakora iki mw’ishengero?

Abakurambere ni abagabo bahumuye mu vy’impwemu baja imbere abandi mw’ishengero. Bafasha gute?

ICIGWA CA 16

Abakozi b’ishengero bajejwe ibanga irihe?

Abakozi b’ishengero barafasha ishengero gukora neza. Numenye ukuntu igikorwa barangura kigirira akamaro abitaba amakoraniro bose.

ICIGWA CA 17

Abacungezi b’imizunguruko badufasha gute?

Kubera iki abacungezi b’imizunguruko bagendera amashengero? Ushobora kwungukira gute ku ngendo bagira?

ICIGWA CA 18

Dufasha gute abavukanyi bacu bashikiwe n’ivyago?

Igihe hateye icago, duca ubwo nyene dutunganya ivyo gufasha mu buryo buboneka no guhumuriza mu buryo bw’impwemu ababa bashikiwe n’ico cago. None ivyo tubigira mu buryo butandukanye ubuhe?

ICIGWA CA 19

Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge ni nde?

Yezu yasezeranye ko yogenye umushumba kugira ngo atange ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu ku gihe kibereye. None ivyo abigira gute?

ICIGWA CA 20

Inama Nyobozi ikora gute muri iki gihe?

Mu kinjana ca mbere, umugwi mutoyi w’abagabo b’inararibonye be n’intumwa ni bo bari bagize inama nyobozi y’ishengero rya gikirisu. Bite ho muri iki gihe?

ICIGWA CA 21

Beteli ni iki?

Beteli ni ikibanza kidasanzwe categuwe ku bw’intumbero ihambaye cane. Nurondere kumenya n’ibindi ku bijanye n’abahakorera.

ICIGWA CA 22

Ni ibiki birangurirwa ku Biro vy’ishami?

Abipfuza gutemberezwa ku Biro vyacu vy’ishami ivyo ari vyo vyose barahawe ikaze. Turabahaye ikaze!

ICIGWA CA 23

Ibitabu vyacu vyandikwa gute bigahindurwa gute?

Turasohora ibitabu mu ndimi zirenga 750. Ni kubera iki tugira utwo twigoro?

ICIGWA CA 24

Amahera akoreshwa mu gikorwa kirangurirwa kw’isi yose ava he?

Ku bijanye n’amahera, ishirahamwe ryacu ritandukaniye he n’ayandi madini?

ICIGWA CA 25

Kubera iki twubaka Ingoro z’Ubwami kandi tuzubaka gute?

Kubera iki ibibanza dusengeramwo vyitwa Ingoro z’Ubwami? Nurondere kumenya n’ibindi ku bijanye n’ukuntu izo nyubakwa ziciye bugufi zifasha amashengero yacu.

ICIGWA CA 26

Twofasha gute kubungabunga Ingoro y’Ubwami yacu?

Ingoro y’Ubwami isukuye kandi ibungabunzwe neza iratuma Imana yacu ishemezwa. Ni intunganyo izihe zigirwa kugira ngo Ingoro y’Ubwami yitwararikwe?

ICIGWA CA 27

Ububiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami budufitiye akamaro akahe?

Woba wipfuza kugira ubushakashatsi kugira ngo wongerereze ubumenyi bwawe bwerekeye Bibiliya? Niwikore ku bubiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami.

ICIGWA CA 28

Ni ibiki biri ku muhora wacu wa Internet?

Urashobora kumenya n’ibindi ku bitwerekeye no ku vyerekeye ivyo twemera ukongera ukaronka inyishu z’ibibazo ufise Bishingiye kuri Bibiliya.

Woba uzokora ivyo Yehova agomba?

Yehova Imana aragukunda vy’ukuri. Ushobora gute kwerekana icipfuzo ufise co kumuhimbara mu buzima bwawe bwa misi yose?