Ivyigwa dukura muri Bibiliya

Iki gitabu kizogufasha kumenya ivyabaye, uhereye ku nkuru y’irema, ukaza kw’ivuka rya Yezu n’igikorwa yaranguye, no gushika Ubwami bw’Imana buje.

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Iki gitabu cokoreshwa gute?

ICIGWA CA 1

Imana irema ijuru n’isi

Bibiliya ivuga ko Imana yaremye ijuru n’isi. Woba uzi igituma yabanje kurema umumarayika umwe imbere y’uko irema ibindi bintu vyose?

ICIGWA CA 2

Imana irema abantu ba mbere

Imana yararemye umugabo n’umugore ba mbere ibashira mw’itongo ry’i Edeni. Yashaka ko bavyara kandi bagahindura isi yose iparadizo.

ICIGWA CA 3

Adamu na Eva bagambararira Imana

Igiti kimwe co muri Edeni cari gitandukaniye he n’ibindi? Kubera iki Eva yariye kuri ico giti?

ICIGWA CA 4

Yarishe mwene wabo

Imana yarashimye ishikanwa rya Abeli ariko ntiyashima irya Kayini. Kayini abibonye yaciye ashavura cane bituma akora ibara.

ICIGWA CA 5

Ubwato bwa Nowa

Igihe abamarayika babi barongora abagore bo kw’isi, bavyaye abana bakomeye kandi basinda. Abantu bose bo kw’isi bakora ibibi. Ariko Nowa yari atandukanye na bo; yarakunda Imana kandi akayigamburukira.

ICIGWA CA 6

Abantu umunani ni bo barokotse

Imvura yamaze imisi 40 n’amajoro 40. Nowa n’umuryango wiwe bamaze umwaka urenga bari mu bwato. Bahavuye basohoka.

ICIGWA CA 7

Umunara w’i Babeli

Hari abantu bafashe ingingo yo kwiyubakira igisagara hamwe n’umunara ugera kw’ijuru. Kubera iki Imana yaciye ivurunganya indimi zabo?

ICIGWA CA 8

Aburahamu na Sara baragamburutse

Kubera iki Aburahamu na Sara bahevye ubuzima bwo mu gisagara bakaja kuba mu mahema mu gihugu c’i Kanani?

ICIGWA CA 9

Baza baronka umwana!

Imana yoshikije gute umuhango yahaye Aburahamu? Uwo muhango worangutse biciye kuri Izahaki canke Ishimayeli?

ICIGWA CA 10

Mwibuke umugore wa Loti

Imana yaratiburiye umuriro n’amazuku kuri Sodomu na Gomora. Kubera iki ivyo bisagara vyatikijwe? Kubera iki dukwiye kwibuka umugore wa Loti?

ICIGWA CA 11

Imana igeza Aburahamu

Imana yabwiye Aburahamu iti: ‘Tora umwana wawe w’ikinege umutangeko ikimazi ku musozi w’i Moriya.’ Aburahamu yari kuvyifatamwo gute?

ICIGWA CA 12

Yakobo ahabwa intoranwa

Izahaki na Rebeka bari bafise abahungu b’amahasa bitwa Esawu na Yakobo. Kubera yuko Esawu ari we yari mukuru, ni we yari kuronka intoranwa idasanzwe. Kubera iki yayikavye isahani y’indya?

ICIGWA CA 13

Yakobo na Esawu basubira gukundana

Vyagenze gute ngo umumarayika ahezagire Yakobo? Yakobo yakoze iki kugira asubire gukundana na Esawu?

ICIGWA CA 14

Yozefu yaragamburukiye Imana

Naho Yozefu yakora ibigororotse, yarashikiwe n’ingorane nyinshi. Kubera iki?

ICIGWA CA 15

Yehova ntiyigeze yibagira Yozefu

Naho Yozefu yari kure y’umuryango wiwe, Imana yarerekanye ko yari kumwe na we.

ICIGWA CA 16

Yobu yari nde?

Yaragamburukiye Yehova naho yari mu ngorane.

ICIGWA CA 17

Musa yahisemwo gukorera Yehova

Musa yararokotse kubera ubwenge bwa nyina wiwe.

ICIGWA CA 18

Igisaka caka umuriro

Kubera iki ico gisaka kitasha ngo gitokombere?

ICIGWA CA 19

Ibihano bitatu vya mbere

Farawo yarakwegeye abantu biwe kubera yanse gukora ikintu coroshe abitumwe n’ubwibone.

ICIGWA CA 20

Ibindi bihano bitandatu

Ivyo bihano vyari bitandukaniye he na bitatu vya mbere?

ICIGWA CA 21

Igihano kigira cumi

Ico gihano cari gikomeye ku buryo cagondoje wa munyabwibone Farawo.

ICIGWA CA 22

Igitangaro ku kiyaga Gitukura

Farawo yari yarokotse vya bihano cumi, ubwo yari ku kurokoka ivyabereye ku kiyaga gitukura?

ICIGWA CA 23

Bagiranira isezerano na Yehova

Igihe Abisirayeli bari ku musozi Sinayi, baragiraniye n’Imana isezerano ridasanzwe.

ICIGWA CA 24

Bararenze ku vyo basezeranye

Igihe Musa yariko arahabwa ya mabwirizwa cumi, abantu barakoze igicumuro gikomeye.

ICIGWA CA 25

Itaberenakulo yo gusengeramwo

Muri iryo hema ridasanzwe harimwo isandugu y’isezerano.

ICIGWA CA 26

Abatasi 12

Yosuwa na Kalebu bari batandukanye n’abandi bagabo cumi bajanye gutata igihugu ca Kanani.

ICIGWA CA 27

Bagarariza Yehova

Hari ikintu gihambaye Kora, Datani, Abiramu n’abandi bagabo 250 batatahura ku vyerekeye Yehova.

ICIGWA CA 28

Indogobwa ivuga

Indogobwa yarabonye umuntu Balamu atabona.

ICIGWA CA 29

Yehova atora Yosuwa

Imana yarahaye Yosuwa ubuyobozi bwodufasha no muri iki gihe.

ICIGWA CA 30

Rahabu anyegeza abatasi

Uruhome rwa Yeriko rwarasenyutse. Ariko inzu ya Rahabu yagumye ihagaze naho yari ifatanye n’urwo ruhome.

ICIGWA CA 31

Yosuwa n’Abanyagibeyoni

Yosuwa yasavye Imana ati: “Zuba, hagarara!” Imana yoba yaramwishuye?

ICIGWA CA 32

Baraki n’abagore babiri badatinya

Yosuwa amaze gupfa, Abisirayeli baciye batangura gusenga ibigirwamana. Ivyo vyatumye bagira ingorane, ariko Yehova yarabafashije biciye ku mucamanza Baraki, umuhanuzikazi Debora na Yayeli n’ikimito ciwe!

ICIGWA CA 33

Rusi na Nawomi

Abapfakazi babiri barasubiye muri Isirayeli. Umwe muri bo ari we Rusi, yaragiye gukora mu mirima, Bowazi aba yamubonye nk’ejo.

ICIGWA CA 34

Gideyoni atsinda Abamidiyani

Igihe Abamidiyani bari barembeje Abisirayeli, baratakambiye Yehova ngo abafashe. Abasoda bakeyi ba Gideyoni bashoboye gute gutsinda abasoda 135.000?

ICIGWA CA 35

Hana asaba Yehova umwana

Elikana yarajana Hana, Penina n’umuryango wiwe gusenga kw’itaberenakulo i Shilo. Hana ari ng’aho, yarasavye Yehova umwana. Haciye umwaka, Samweli yaravutse!

ICIGWA CA 36

Indagano ya Yefuta

Ni indagano iyihe Yefuta yagize kandi kubera iki? Umukobwa wa Yefuta yakoze iki yumvise ivyo se yasezeranye?

ICIGWA CA 37

Yehova avugana na Samweli

Abahungu babiri b’Umuherezi mukuru Eli bakorera kw’itaberenakulo, ariko ntibagamburuka amategeko y’Imana. Ka Samweli koko karagamburuka, kandi Yehova yaravuganye na ko.

ICIGWA CA 38

Yehova aha inguvu Samusoni

Imana yarahaye Samusoni inguvu zo kurwanya Abafilisitiya, ariko igihe Samusoni yafata ingingo mbi, Abafilisitiya baciye bamufata.

ICIGWA CA 39

Umwami wa mbere wa Isirayeli

Imana yari yarahaye Abisirayeli abacamanza bo kubayobora, ariko bo bishakira umwami. Samweli yarobanuye Sauli ngo abe umwami wabo wa mbere, ariko Yehova yahavuye amukurako amaboko. Kubera iki?

ICIGWA CA 40

Dawidi na Goliyati

Yehova yaratoye Dawidi ngo azobe umwami wa Isirayeli, kandi Dawidi arerekana igituma yari abereye kuba umwami.

ICIGWA CA 41

Dawidi na Sauli

Kubera iki umwe muri abo bagabo yanka mugenzi we kandi uwankwa yavyifashemwo gute?

ICIGWA CA 42

Umugenzi nyawe kandi adatinya

Umuhungu w’umwami yarabereye Dawidi umugenzi mwiza.

ICIGWA CA 43

Igicumuro c’Umwami Dawidi

Ingingo mbi yakweze ingorane nyinshi.

ICIGWA CA 44

Urusengero rwa Yehova

Imana yaremeye ivyo Umwami Salomo yayisavye yongera iramuhezagira cane.

ICIGWA CA 45

Ubwami bugaburwamwo kubiri

Abisirayeli benshi barahevye gusenga Yehova.

ICIGWA CA 46

Ku musozi Karumeli

Imana y’ukuri ni nde? Yehova canke Bayali?

ICIGWA CA 47

Yehova aremesha Eliya

Wibaza ko nawe ashobora kukuremesha?

ICIGWA CA 48

Eliya azura umwana w’umupfakazi

Ibitangaro bibiri vyabereye mu nzu imwe!

ICIGWA CA 49

Umwamikazi mubi

Yezebeli aragira umugambi wo kwica Naboti kugira atware umuzabibu wiwe. Yehova arabona ubwo bukozi bw’ikibi.

ICIGWA CA 50

Yehova atabara Yehoshafati

Umwami Yehoshafati yaratabaje Imana igihe abansi bagira batere Yuda.

ICIGWA CA 51

Agakobwa k’Akisirayelikazi

Akisirayelikazi karabwira inabuja ububasha Yehova afise bwo gukiza, bigatuma shebuja akira ku gitangaro.

ICIGWA CA 52

Yehova akingira Elisha

‘Abo turi kumwe ni benshi kuruta abari kumwe na bo’: Ingene umukozi wa Elisha yiboneye ko ayo majambo ari ay’ukuri.

ICIGWA CA 53

Yehoyada ntiyatinya

Umuherezi w’umwizigirwa arahangana n’umwamikazi w’umubisha.

ICIGWA CA 54

Yehova yarababariye Yona

Vyagenze gute ngo umuhanuzi w’Imana amirwe n’urufi runini? Yarokotse gute? Ni icigwa ikihe Yehova yamuhaye?

ICIGWA CA 55

Umumarayika yarakingiye Hezekiya

Abansi ba Yuda bavuga ko Yehova atazokingira abasavyi biwe, ariko baribesha!

ICIGWA CA 56

Yosiya yarakunda Itegeko ry’Imana

Yosiya aba umwami afise imyaka umunani, kandi arafasha abantu kugaruka kuri Yehova.

ICIGWA CA 57

Yehova atuma Yeremiya

Ivyo uwo muhanuzi akiri muto yavuze vyatumye abatama bo muri Yuda bashavura cane.

ICIGWA CA 58

Yeruzalemu iturirwa

Abantu bo muri Yuda babandanya gusenga ibigirwamana, bigatuma Yehova abaheba.

ICIGWA CA 59

Abahungu bagamburukiye Yehova

Imisore y’Abayuda yiyemeje kudahemukira Yehova naho yari ku kirimba i Babiloni.

ICIGWA CA 60

Ubwami butazokwigera buvaho

Daniyeli asigura indoto idasanzwe ya Nebukadinezari.

ICIGWA CA 61

Baranse kwunamira igishusho

Shaduraki, Meshaki na Abedunego baranka gusenga igishusho c’inzahabu c’umwami wa Babiloni.

ICIGWA CA 62

Igiti cagereranya ubwami

Nebukadinezari arota ivyomushikiye.

ICIGWA CA 63

Indome ku ruhome

Ayo majambo y’amayobera aboneka ryari, kandi asobanura iki?

ICIGWA CA 64

Daniyeli mu cobo c’intambwe

Nusenge Yehova buri musi nka kumwe kwa Daniyeli!

ICIGWA CA 65

Esiteri arokora abantu b’iwabo

Naho yari umunyamahanga akaba n’impfuvyi, yahavuye aba umwamikazi.

ICIGWA CA 66

Ezira yarigisha amategeko y’Imana

Abisirayeli bahejeje kwumviriza Ezira, baciye basezeranira Imana ikintu kidasanzwe.

ICIGWA CA 67

Uruzitiro rwa Yeruzalemu

Nehemiya yaramenye ko abansi bagomba kubatera. None ni kubera iki atagize ubwoba?

ICIGWA CA 68

Elizabeti aronka umwana

Kubera iki umugabo wa Elizabeti yabwiwe ko atazosubira kuvuga gushika umwana avutse?

ICIGWA CA 69

Gaburiyeli agendera Mariya

Yamushikirije ubutumwa bwahinduye ubuzima bwiwe.

ICIGWA CA 70

Abamarayika batangaza ivuka rya Yezu

Abungere baciye baja kuraba Yezu bacumva ko yavutse.

ICIGWA CA 71

Yehova yarakingiye Yezu

Umwami w’umubisha yagomba kwica Yezu.

ICIGWA CA 72

Yezu akiri muto

Ni gute yatangaje abigisha igihe yari mu rusengero?

ICIGWA CA 73

Yohani ategura inzira

Yohani arakura akaba umuhanuzi. Arigisha abantu ko Mesiya ari mu kuza. None bavyakira gute?

ICIGWA CA 74

Yezu aba Mesiya

Igihe Yohani Umubatizi avuga ko Yezu ari Umwagazi w’Imana, aba ashaka kuvuga iki?

ICIGWA CA 75

Shetani agerageza Yezu

Shetani aragerageza Yezu incuro zitatu zose. Amugerageresha iki? Yezu avyifatamwo gute?

ICIGWA CA 76

Yezu ahumanura urusengero

Kubera iki Yezu yirukana ibitungwa mu rusengero akongera agahenura amameza y’abavunja amahera?

ICIGWA CA 77

Yezu n’Umusamariyakazi

Umusamariyakazi aratangazwa n’uko Yezu amuvugishije. Kubera iki? Ni igiki Yezu amubwira atari bwigere abwira uwundi muntu?

ICIGWA CA 78

Yezu yamamaza Ubwami bw’Imana

Yezu aratera akamo bamwe mu bigishwa biwe ngo babe “abarovyi b’abantu.” Mu nyuma, aramenyereza 70 mu bigishwa biwe kwamamaza inkuru nziza.

ICIGWA CA 79

Yezu akora ibitangaro vyinshi

Aho Yezu aja hose, abarwayi baraza aho ari ngo abafashe, na we akabakiza. Aranazura n’agakobwa kamwe.

ICIGWA CA 80

Yezu atora intumwa cumi na zibiri

None azitora ngo zikore iki? Woba uzi amazina yazo?

ICIGWA CA 81

Insiguro yo ku musozi

Yezu arigisha ibintu bihambaye abantu bakoraniye hamwe.

ICIGWA CA 82

Yigisha abigishwa biwe gusenga

Ni ibiki abwira abigishwa biwe ngo bagume basaba?

ICIGWA CA 83

Yezu agaburira abantu benshi

Ico gitangaro kitwereka iki ku vyerekeye Yezu na Yehova?

ICIGWA CA 84

Yezu agendera ku mazi

Wibaza ko intumwa zimererwa gute zibonye ico gitangaro?

ICIGWA CA 85

Yezu akiza umuntu kw’Isabato

Kubera iki atari bose bashima ivyo akora?

ICIGWA CA 86

Yezu azura Lazaro

Yezu abonye Mariya ariko ararira, na we nyene aca arira. Ariko ayo mosozi ntateba guhinduka umunezero.

ICIGWA CA 87

Pasika ya nyuma

Yezu arigisha intumwa ziwe ibintu bihambaye igihe bariko barasangira na we irya nyuma.

ICIGWA CA 88

Yezu afatwa

Yuda Isikariyoti arayobora abantu benshi bafise amacumu n’amahiri kugira bafate Yezu.

ICIGWA CA 89

Petero yihakana Yezu

Ni ibiki bibera mu rugo kwa Kayifa? Kandi ni ibiki bishikira Yezu ari mu nzu?

ICIGWA CA 90

Yezu apfa

Ni kubera iki Pilato ategeka ko Yezu yicwa?

ICIGWA CA 91

Yezu azuka

Ni ibintu bitangaje ibihe biba haheze imisi Yezu yishwe?

ICIGWA CA 92

Yezu yiyereka abarovyi

None Yezu akora iki kugira baze aho ari?

ICIGWA CA 93

Yezu asubira mw’ijuru

Ariko imbere y’uko agenda araha abigishwa biwe ubuyobozi buhambaye cane.

ICIGWA CA 94

Baronka impwemu nyeranda

Ni ububasha ubuhe impwemu nyeranda ibaha?

ICIGWA CA 95

Nta cari kubabuza kwamamaza

Abakuru b’idini baricishije Yezu, none ubu na ho bagomba kunumya abigishwa biwe. Ariko ntibanuma.

ICIGWA CA 96

Yezu atora Sauli

Sauli ntiyerekwa abakirisu, ariko ibintu bigira bihinduke.

ICIGWA CA 97

Koruneliyo aronka impwemu nyeranda

Kubera iki Imana irungika Petero mu rugo rw’uwo mugabo kandi atari Umuyuda?

ICIGWA CA 98

Inkuru nziza ishika mu bindi bihugu

Intumwa Paulo n’abandi bamisiyonari baratangura kwamamaza mu bihugu vya kure.

ICIGWA CA 99

Umurinzi w’ibohero amenya ukuri

Idayimoni, nyamugigima n’inkota bivugwako iki muri iyi nkuru?

ICIGWA CA 100

Paulo na Timoteyo

Abo bagabo babiri baramara imyaka myinshi bakorana kandi ari abagenzi.

ICIGWA CA 101

Paulo arungikwa i Roma

Urugendo rurimwo intambamyi nyinshi, ariko nta na kimwe gica intege iyo ntumwa.

ICIGWA CA 102

Ivyahishuriwe Yohani

Yezu aramwereka ibintu bizoba muri kazoza.

ICIGWA CA 103

“Ubwami bwawe nibuze”

Igitabu c’Ivyahishuriwe Yohani kirerekana ingene Ubwami bw’Imana buzohindura ibintu ng’aha kw’isi.