Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Iki gitabu kizogufasha kumenya ivyabaye, uhereye ku nkuru y’irema, ukaza kw’ivuka rya Yezu n’igikorwa yaranguye, no gushika Ubwami bw’Imana buje.
Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
Iki gitabu cokoreshwa gute?
ICIGWA CA 1
Imana irema ijuru n’isi
Bibiliya ivuga ko Imana yaremye ijuru n’isi. Woba uzi igituma yabanje kurema umumarayika umwe imbere y’uko irema ibindi bintu vyose?
ICIGWA CA 2
Imana irema abantu ba mbere
Imana yararemye umugabo n’umugore ba mbere ibashira mw’itongo ry’i Edeni. Yashaka ko bavyara kandi bagahindura isi yose iparadizo.
ICIGWA CA 3
Adamu na Eva bagambararira Imana
Igiti kimwe co muri Edeni cari gitandukaniye he n’ibindi? Kubera iki Eva yariye kuri ico giti?
ICIGWA CA 4
Yarishe mwene wabo
Imana yarashimye ishikanwa rya Abeli ariko ntiyashima irya Kayini. Kayini abibonye yaciye ashavura cane bituma akora ibara.
ICIGWA CA 5
Ubwato bwa Nowa
Igihe abamarayika babi barongora abagore bo kw’isi, bavyaye abana bakomeye kandi basinda. Abantu bose bo kw’isi bakora ibibi. Ariko Nowa yari atandukanye na bo; yarakunda Imana kandi akayigamburukira.
ICIGWA CA 6
Abantu umunani ni bo barokotse
Imvura yamaze imisi 40 n’amajoro 40. Nowa n’umuryango wiwe bamaze umwaka urenga bari mu bwato. Bahavuye basohoka.
ICIGWA CA 7
Umunara w’i Babeli
Hari abantu bafashe ingingo yo kwiyubakira igisagara hamwe n’umunara ugera kw’ijuru. Kubera iki Imana yaciye ivurunganya indimi zabo?
ICIGWA CA 8
Aburahamu na Sara baragamburutse
Kubera iki Aburahamu na Sara bahevye ubuzima bwo mu gisagara bakaja kuba mu mahema mu gihugu c’i Kanani?
ICIGWA CA 9
Baza baronka umwana!
Imana yoshikije gute umuhango yahaye Aburahamu? Uwo muhango worangutse biciye kuri Izahaki canke Ishimayeli?
ICIGWA CA 10
Mwibuke umugore wa Loti
Imana yaratiburiye umuriro n’amazuku kuri Sodomu na Gomora. Kubera iki ivyo bisagara vyatikijwe? Kubera iki dukwiye kwibuka umugore wa Loti?
ICIGWA CA 11
Imana igeza Aburahamu
Imana yabwiye Aburahamu iti: ‘Tora umwana wawe w’ikinege umutangeko ikimazi ku musozi w’i Moriya.’ Aburahamu yari kuvyifatamwo gute?
ICIGWA CA 12
Yakobo ahabwa intoranwa
Izahaki na Rebeka bari bafise abahungu b’amahasa bitwa Esawu na Yakobo. Kubera yuko Esawu ari we yari mukuru, ni we yari kuronka intoranwa idasanzwe. Kubera iki yayikavye isahani y’indya?
ICIGWA CA 13
Yakobo na Esawu basubira gukundana
Vyagenze gute ngo umumarayika ahezagire Yakobo? Yakobo yakoze iki kugira asubire gukundana na Esawu?
ICIGWA CA 14
Yozefu yaragamburukiye Imana
Naho Yozefu yakora ibigororotse, yarashikiwe n’ingorane nyinshi. Kubera iki?
ICIGWA CA 15
Yehova ntiyigeze yibagira Yozefu
Naho Yozefu yari kure y’umuryango wiwe, Imana yarerekanye ko yari kumwe na we.
ICIGWA CA 19
Ibihano bitatu vya mbere
Farawo yarakwegeye abantu biwe kubera yanse gukora ikintu coroshe abitumwe n’ubwibone.
ICIGWA CA 21
Igihano kigira cumi
Ico gihano cari gikomeye ku buryo cagondoje wa munyabwibone Farawo.
ICIGWA CA 22
Igitangaro ku kiyaga Gitukura
Farawo yari yarokotse vya bihano cumi, ubwo yari ku kurokoka ivyabereye ku kiyaga gitukura?
ICIGWA CA 23
Bagiranira isezerano na Yehova
Igihe Abisirayeli bari ku musozi Sinayi, baragiraniye n’Imana isezerano ridasanzwe.
ICIGWA CA 24
Bararenze ku vyo basezeranye
Igihe Musa yariko arahabwa ya mabwirizwa cumi, abantu barakoze igicumuro gikomeye.
ICIGWA CA 26
Abatasi 12
Yosuwa na Kalebu bari batandukanye n’abandi bagabo cumi bajanye gutata igihugu ca Kanani.
ICIGWA CA 27
Bagarariza Yehova
Hari ikintu gihambaye Kora, Datani, Abiramu n’abandi bagabo 250 batatahura ku vyerekeye Yehova.
ICIGWA CA 30
Rahabu anyegeza abatasi
Uruhome rwa Yeriko rwarasenyutse. Ariko inzu ya Rahabu yagumye ihagaze naho yari ifatanye n’urwo ruhome.
ICIGWA CA 31
Yosuwa n’Abanyagibeyoni
Yosuwa yasavye Imana ati: “Zuba, hagarara!” Imana yoba yaramwishuye?
ICIGWA CA 32
Baraki n’abagore babiri badatinya
Yosuwa amaze gupfa, Abisirayeli baciye batangura gusenga ibigirwamana. Ivyo vyatumye bagira ingorane, ariko Yehova yarabafashije biciye ku mucamanza Baraki, umuhanuzikazi Debora na Yayeli n’ikimito ciwe!
ICIGWA CA 33
Rusi na Nawomi
Abapfakazi babiri barasubiye muri Isirayeli. Umwe muri bo ari we Rusi, yaragiye gukora mu mirima, Bowazi aba yamubonye nk’ejo.
ICIGWA CA 34
Gideyoni atsinda Abamidiyani
Igihe Abamidiyani bari barembeje Abisirayeli, baratakambiye Yehova ngo abafashe. Abasoda bakeyi ba Gideyoni bashoboye gute gutsinda abasoda 135.000?
ICIGWA CA 35
Hana asaba Yehova umwana
Elikana yarajana Hana, Penina n’umuryango wiwe gusenga kw’itaberenakulo i Shilo. Hana ari ng’aho, yarasavye Yehova umwana. Haciye umwaka, Samweli yaravutse!
ICIGWA CA 36
Indagano ya Yefuta
Ni indagano iyihe Yefuta yagize kandi kubera iki? Umukobwa wa Yefuta yakoze iki yumvise ivyo se yasezeranye?
ICIGWA CA 37
Yehova avugana na Samweli
Abahungu babiri b’Umuherezi mukuru Eli bakorera kw’itaberenakulo, ariko ntibagamburuka amategeko y’Imana. Ka Samweli koko karagamburuka, kandi Yehova yaravuganye na ko.
ICIGWA CA 38
Yehova aha inguvu Samusoni
Imana yarahaye Samusoni inguvu zo kurwanya Abafilisitiya, ariko igihe Samusoni yafata ingingo mbi, Abafilisitiya baciye bamufata.
ICIGWA CA 39
Umwami wa mbere wa Isirayeli
Imana yari yarahaye Abisirayeli abacamanza bo kubayobora, ariko bo bishakira umwami. Samweli yarobanuye Sauli ngo abe umwami wabo wa mbere, ariko Yehova yahavuye amukurako amaboko. Kubera iki?
ICIGWA CA 40
Dawidi na Goliyati
Yehova yaratoye Dawidi ngo azobe umwami wa Isirayeli, kandi Dawidi arerekana igituma yari abereye kuba umwami.
ICIGWA CA 41
Dawidi na Sauli
Kubera iki umwe muri abo bagabo yanka mugenzi we kandi uwankwa yavyifashemwo gute?
ICIGWA CA 44
Urusengero rwa Yehova
Imana yaremeye ivyo Umwami Salomo yayisavye yongera iramuhezagira cane.
ICIGWA CA 49
Umwamikazi mubi
Yezebeli aragira umugambi wo kwica Naboti kugira atware umuzabibu wiwe. Yehova arabona ubwo bukozi bw’ikibi.
ICIGWA CA 50
Yehova atabara Yehoshafati
Umwami Yehoshafati yaratabaje Imana igihe abansi bagira batere Yuda.
ICIGWA CA 51
Agakobwa k’Akisirayelikazi
Akisirayelikazi karabwira inabuja ububasha Yehova afise bwo gukiza, bigatuma shebuja akira ku gitangaro.
ICIGWA CA 52
Yehova akingira Elisha
‘Abo turi kumwe ni benshi kuruta abari kumwe na bo’: Ingene umukozi wa Elisha yiboneye ko ayo majambo ari ay’ukuri.
ICIGWA CA 54
Yehova yarababariye Yona
Vyagenze gute ngo umuhanuzi w’Imana amirwe n’urufi runini? Yarokotse gute? Ni icigwa ikihe Yehova yamuhaye?
ICIGWA CA 55
Umumarayika yarakingiye Hezekiya
Abansi ba Yuda bavuga ko Yehova atazokingira abasavyi biwe, ariko baribesha!
ICIGWA CA 56
Yosiya yarakunda Itegeko ry’Imana
Yosiya aba umwami afise imyaka umunani, kandi arafasha abantu kugaruka kuri Yehova.
ICIGWA CA 57
Yehova atuma Yeremiya
Ivyo uwo muhanuzi akiri muto yavuze vyatumye abatama bo muri Yuda bashavura cane.
ICIGWA CA 58
Yeruzalemu iturirwa
Abantu bo muri Yuda babandanya gusenga ibigirwamana, bigatuma Yehova abaheba.
ICIGWA CA 59
Abahungu bagamburukiye Yehova
Imisore y’Abayuda yiyemeje kudahemukira Yehova naho yari ku kirimba i Babiloni.
ICIGWA CA 61
Baranse kwunamira igishusho
Shaduraki, Meshaki na Abedunego baranka gusenga igishusho c’inzahabu c’umwami wa Babiloni.
ICIGWA CA 65
Esiteri arokora abantu b’iwabo
Naho yari umunyamahanga akaba n’impfuvyi, yahavuye aba umwamikazi.
ICIGWA CA 66
Ezira yarigisha amategeko y’Imana
Abisirayeli bahejeje kwumviriza Ezira, baciye basezeranira Imana ikintu kidasanzwe.
ICIGWA CA 67
Uruzitiro rwa Yeruzalemu
Nehemiya yaramenye ko abansi bagomba kubatera. None ni kubera iki atagize ubwoba?
ICIGWA CA 68
Elizabeti aronka umwana
Kubera iki umugabo wa Elizabeti yabwiwe ko atazosubira kuvuga gushika umwana avutse?
ICIGWA CA 70
Abamarayika batangaza ivuka rya Yezu
Abungere baciye baja kuraba Yezu bacumva ko yavutse.
ICIGWA CA 73
Yohani ategura inzira
Yohani arakura akaba umuhanuzi. Arigisha abantu ko Mesiya ari mu kuza. None bavyakira gute?
ICIGWA CA 74
Yezu aba Mesiya
Igihe Yohani Umubatizi avuga ko Yezu ari Umwagazi w’Imana, aba ashaka kuvuga iki?
ICIGWA CA 75
Shetani agerageza Yezu
Shetani aragerageza Yezu incuro zitatu zose. Amugerageresha iki? Yezu avyifatamwo gute?
ICIGWA CA 76
Yezu ahumanura urusengero
Kubera iki Yezu yirukana ibitungwa mu rusengero akongera agahenura amameza y’abavunja amahera?
ICIGWA CA 77
Yezu n’Umusamariyakazi
Umusamariyakazi aratangazwa n’uko Yezu amuvugishije. Kubera iki? Ni igiki Yezu amubwira atari bwigere abwira uwundi muntu?
ICIGWA CA 78
Yezu yamamaza Ubwami bw’Imana
Yezu aratera akamo bamwe mu bigishwa biwe ngo babe “abarovyi b’abantu.” Mu nyuma, aramenyereza 70 mu bigishwa biwe kwamamaza inkuru nziza.
ICIGWA CA 79
Yezu akora ibitangaro vyinshi
Aho Yezu aja hose, abarwayi baraza aho ari ngo abafashe, na we akabakiza. Aranazura n’agakobwa kamwe.
ICIGWA CA 86
Yezu azura Lazaro
Yezu abonye Mariya ariko ararira, na we nyene aca arira. Ariko ayo mosozi ntateba guhinduka umunezero.
ICIGWA CA 87
Pasika ya nyuma
Yezu arigisha intumwa ziwe ibintu bihambaye igihe bariko barasangira na we irya nyuma.
ICIGWA CA 88
Yezu afatwa
Yuda Isikariyoti arayobora abantu benshi bafise amacumu n’amahiri kugira bafate Yezu.
ICIGWA CA 89
Petero yihakana Yezu
Ni ibiki bibera mu rugo kwa Kayifa? Kandi ni ibiki bishikira Yezu ari mu nzu?
ICIGWA CA 93
Yezu asubira mw’ijuru
Ariko imbere y’uko agenda araha abigishwa biwe ubuyobozi buhambaye cane.
ICIGWA CA 95
Nta cari kubabuza kwamamaza
Abakuru b’idini baricishije Yezu, none ubu na ho bagomba kunumya abigishwa biwe. Ariko ntibanuma.
ICIGWA CA 97
Koruneliyo aronka impwemu nyeranda
Kubera iki Imana irungika Petero mu rugo rw’uwo mugabo kandi atari Umuyuda?
ICIGWA CA 98
Inkuru nziza ishika mu bindi bihugu
Intumwa Paulo n’abandi bamisiyonari baratangura kwamamaza mu bihugu vya kure.
ICIGWA CA 99
Umurinzi w’ibohero amenya ukuri
Idayimoni, nyamugigima n’inkota bivugwako iki muri iyi nkuru?
ICIGWA CA 100
Paulo na Timoteyo
Abo bagabo babiri baramara imyaka myinshi bakorana kandi ari abagenzi.
ICIGWA CA 101
Paulo arungikwa i Roma
Urugendo rurimwo intambamyi nyinshi, ariko nta na kimwe gica intege iyo ntumwa.
ICIGWA CA 103
“Ubwami bwawe nibuze”
Igitabu c’Ivyahishuriwe Yohani kirerekana ingene Ubwami bw’Imana buzohindura ibintu ng’aha kw’isi.