“Mwigumize mu rukundo rw’Imana”

Iki gitabu kizogufasha kubandanya ushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, bitume wigumiza mu rukundo rw’Imana.

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova irahimiriza abantu bose bakunda Yehova ngo bigane akarorero ka Yezu, we yigumije mu rukundo rwa Se wiwe.

IKIGABANE CA 1

‘Iki ni co ugukunda Imana gusobanura’

Bibiliya ikoresheje iryungane rimwe iradufasha kubona ingene twokwerekana ko dukunda Imana.

IKIGABANE CA 2

Ingene wogumana ijwi ryo mu mutima ryiza

Vyoba bishoboka ko umuntu agira ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi ariko rikaba rihumanye imbere y’Imana?

IKIGABANE CA 3

Dukunde abo Imana ikunda

Yehova ntapfa uwo agize umugenzi; na twebwe dukwiye kumwigana.

IKIGABANE CA 4

Kubera iki twokwubaha ubukuru?

Yehova adusaba kwubaha ubukuru bw’abandi mu mice itatu y’ubuzima. Ivyanditswe biratwereka iyo mice iyo ari yo.

IKIGABANE CA 5

Ingene twoguma twitandukanije n’isi

Ijambo ry’Imana rirekana ibintu bitanu bidufasha kuguma twitandukanije n’isi.

IKIGABANE CA 6

Ingene wohitamwo uburyo bwiza bwo kwinezereza

Ibibazo bitatu vyogufasha guhitamwo neza.

IKIGABANE CA 7

Woba uha agaciro ubuzima nk’uko Imana ibigira?

Hoba harimwo n’ibindi uretse kwica?

IKIGABANE CA 8

Imana ikunda abantu badahumanye

Bibiliya irashobora kugufasha kwirinda ingeso zotuma uba uwuhumanye imbere ya Yehova.

IKIGABANE CA 9

“Nimuhunge ubusambanyi”

Buri mwaka, abakirisu ibihumbi baragwa mu busambanyi. Wokwirinda gute uwo mutego?

IKIGABANE CA 10

Umubano w’ababiranye ni ingabirano iva ku Mana y’urukundo

Wokwitegura gute kugira uzogire urugo ruhimbawe? Nimba wubatse, wokora iki kugira urugo rwanyu rurame?

IKIGABANE CA 11

“Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka”

Kwisuzuma mukoresheje ibi bibazo bitandatu vyobafasha gukomeza umubano wanyu.

IKIGABANE CA 12

Tuvuge amajambo ‘meza yubaka’

Amajambo tuvuga arashobora kwubaka canke gusambura. Raba icogufasha gukoresha ururimi nk’uko Yehova ashaka.

IKIGABANE CA 13

Imisi mikuru idahimbara Imana

Imisi mikuru imwimwe womengo iraninahaza Imana ariko mu vy’ukuri ugasanga irayitukisha.

IKIGABANE CA 14

Tube imvugakuri muri vyose

Kugira ubwize umuntu ukuri, hariho ikintu utegerezwa kubanza gukora.

IKIGABANE CA 15

Nubone ivyiza biva mu gikorwa cawe

Inyishu z’ibibazo bitanu zogufasha kumenya ko wokwemera canke utokwemera akazi kanaka.

IKIGABANE CA 16

Nurwanye Shetani n’amayeri yiwe

Turazi ko Shetani afise ububasha, ariko ntiduhagarika umutima. Uti kubera iki?

IKIGABANE CA 17

‘Mwiyubake ku kwizera kwanyu kweranda rwose’

Ibintu bitatu vyogufasha gukomeza ukwizera kwawe ku buryo wigumiza mu rukundo rw’Imana.

AMAKURU Y’INYONGERA

Ingene twofata uwaciwe mw’ishengero

Ubwo vyoba bibereye ko uhagarika imigenderanire yose n’uwo muntu?

AMAKURU Y’INYONGERA

Kwitwikira umutwe vyogirwa ryari kandi kubera iki?

Bibiliya irerekana ibintu bibiri vyogufasha kumenya inyishu.

AMAKURU Y’INYONGERA

Kuramutsa ibendera, amatora n’ibikorwa bisubirira ivya gisirikare

Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zokuyobora ukagumana ijwi ryo mu mutima ryiza muri ivyo bibazo?

AMAKURU Y’INYONGERA

Uduhimba dutoduto tw’amaraso n’ubuhinga bukoreshwa mu kubaga

Raba ibintu bikeyi wokora kugira wirinde ingorane zishika mu bijanye n’ukuvurwa.

AMAKURU Y’INYONGERA

Ingeso y’ukwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene

Iyo ngeso ihumanye woyitsinda gute?

AMAKURU Y’INYONGERA

Ico Bibiliya ivuga ku kwahukana n’ugutandukana

Twisunze Bibiliya, ni ryari umuntu yahukanye aba afise uburenganzira bwo gusubira kwubaka?

AMAKURU Y’INYONGERA

Gutunganya amatati ajanye n’amafaranga

Vyoba vyoshika umukirisu akitwarira uwundi mukirisu muri sentare?