Niwijukire gusoma no kwigisha

Aka gatabu kagenewe kugufasha kuryohora ubuhanga bwawe bwo gusomera imbere y’abantu, kuvuga no kwigisha.

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Twaratewe agateka ko kwigisha ubutumwa buhambaye kuruta ubundi bwose.

ICIGWA CA 1

Intangamarara nziza

Intangamarara nziza ifise intumbero zitatu.

ICIGWA CA 2

Kuvuga nk’uwuyaga

Kuvuga nk’uwuyaga bituma abakwumviriza bumva bisanze, bakakira neza ivyo ubabwira.

ICIGWA CA 3

Gukoresha ibibazo

Ubigiranye ukwiyubara, nubaze ibibazo kugira utume abakwumviriza bagumana inyota yo kugukurikira no kugira ushimike ku vyiyumviro bihambaye.

ICIGWA CA 4

Gucira inzira neza ivyanditswe

Raba ingene wotegura ubwenge bw’abakwumviriza imbere yo gusoma icanditswe.

ICIGWA CA 5

Gusoma ata makosa

Gusoma ata makosa birahambaye kugira dufashe abantu kumenya Yehova.

ICIGWA CA 6

Gusigura neza ivyanditswe

Nufashe abakwumviriza babona neza isano riri hagati y’icanditswe wasomye n’iciyumviro muriko muraganirako.

ICIGWA CA 7

Amakuru yo kwizigirwa

Amakuru yo kwizigirwa arafasha abakwumviriza gushika ku ciyumviro c’ukuri.

ICIGWA CA 8

Uburorero bwigisha

Nukoreshe uburorero busanzwe, bukora ku mutima kandi bushimika ku vyiyumviro nyamukuru.

ICIGWA CA 9

Gukoresha neza amashusho

Nukoreshe amashusho kugira ufashe abakwumviriza kuguma bibuka ivyo bize.

ICIGWA CA 10

Guhindura ijwi

Nuhindure ubunyarutsi, uhuze ijwi n’ivyo uriko uravuga wongere uhindure urugero rwaryo kugira ucangamure abakwumviriza no kugira ubahimirize.

ICIGWA CA 11

Gushwashwanuka

Gushwashwanuka birerekana ko wajijutse kandi bigatuma abakwumviriza baguma bagukurikira.

ICIGWA CA 12

Impuhwe n’ikibabarwe

Igihe uvuganye impuhwe, birereka abakwumviriza ko ubitwararika.

ICIGWA CA 13

Kwerekana akamaro k’ivyo wigisha

Nufashe abakwumviriza gutahura ukuntu ikiganiro cawe kiberekeye, ubereke n’ingene boshira mu ngiro ivyo bize.

ICIGWA CA 14

Gushira ahabona ivyiyumviro nyamukuru

Nufashe abakwumviriza gukurikira ikiganiro cawe kandi werekane neza ingene buri ciyumviro nyamukuru gifitaniye isano n’umutwe w’ikiganiro cawe hamwe n’intumbero yawe.

ICIGWA CA 15

Kuvugana ubujijutsi

Nuvugane ubujijutsi. Niwerekane ko wemera udakekeranya ko ivyo uriko uravuga bihambaye.

ICIGWA CA 16

Imvugo iremesha

Niwubake abandi aho kubatora amahinyu. Nushimike ku kuri kuremesha kwo mw’Ijambo ry’Imana.

ICIGWA CA 17

Imvugo itahurika

Nufashe abakwumviriza gutahura ivyo uriko uravuga. Nutomore ivyiyumviro nyamukuru.

ICIGWA CA 18

Gushikiriza amakuru yigisha

Nutume abakwumviriza bazirikana ku vyo uriko urababwira, bumve ko bize ikintu c’ingirakamaro.

ICIGWA CA 19

Gukora ku mutima abakwumviriza

Nufashe abakwumviriza gukomeza urukundo bakunda Imana n’Ijambo ryayo Bibiliya.

ICIGWA CA 20

Insozero nziza

Insozero nziza irafasha abakwumviriza kwemera ivyo wabigishije no kubishira mu ngiro.

Kurikirana iterambere ryawe

Kurikirana iterambere ryawe mu bijanye no kuryohora ubuhanga bwo gusoma no kwigisha.

Raba kandi

UTUVIDEWO TWO MU RUKURIKIRANE

Niwijukire gusoma no kwigisha: Amavidewo

Nutsimbataze ubuhanga bwo kwigisha no gusomera imbere y’abantu.