Ja ku birimwo

Niwigane ukwizera kw’abagabo n’abagore bavugwa muri Bibiliya

Iki gice kirimwo inkuru z’abagabo n’abagore bavugwa muri Bibiliya berekanye ukwizera gukomeye. a Abo bantu be n’akarorero badusigiye k’ukwizera birashobora kugufasha gukomeza ukwizera kwawe no kurushiriza kuba umugenzi w’Imana.

a Kugira ngo urushirize gusa n’uwubona izo nkuru, hari ibintu vy’ido n’ido vyongewemwo bitari muri Bibiliya. Imbere y’uko ivyo bintu bishirwamwo, turagira ubushakashatsi bwitondewe kugira twiyemeze ko bihuje n’uko iyo nkuru yiganwa muri Bibiliya be n’ivyo abacukuzi bubuye.

Kuva kw'irema gushika ku mwuzure

Abeli: “Naho yapfuye, aracavuga”

Ni ibiki wokwigira kuri Abeli n’ukwizera kwiwe naho Bibiliya ata vyinshi imuvugako?

Henoki “yari yahimbaye Imana rwose”

Nimba utunze umuryango canke ukaba uriko ugwa uvyuka ngo ukore ibigororotse, urashobora kugira ico wigiye ku kwizera kwa Henoki.

Nowa: “Yagendana n’Imana y’ukuri”

Ni ingorane izihe zashikiye Nowa n’umukenyezi wiwe mu kurera abana babo? Berekanye gute ko bafise ukwizera mu kwubaka ubwato?

Nowa ‘yarazigamwe hamwe n’abandi indwi’

Vyagenze gute ngo Nowa n’umuryango wiwe barokoke mu gihe kigoye kuruta ibindi vyose abantu bari bamaze kubona?

Kuva ku mwuzure gushika Abisirayeli bavuye mu Misiri

Aburamu: “Se w’abari n’ukwizera bose”

Aburamu yerekenye gute ko afise ukwizera? Ni mu buryo ubuhe woshima kwigana ukwizera kwa Aburamu?

Sara: “Uri umugore asa neza”

Mu Misiri, abaganwa ba Farawo barabonye ingene Sara yasa n’irirenga. Ivyakurikiye birashobora kugutangaza.

Imana yamwise “Umuganwakazi”

Kubera iki iryo zina rishasha ryari riberanye na Sara?

Rebeka: “Ndemeye kugenda”

Turetse ukwizera, Rebeka yari afise n’iyindi migenzo myiza.

“Ndabinginze mwumvirize iyi ndoto”

Inkuru y’umuryango Yozefu yakuriyemwo warimwo ingorane, iratanga icigwa gihambaye ku miryango irimwo abana badasangiye abavyeyi canke basangiye umuvyeyi umwe gusa.

“Noshobora nte gukora ico kibi gikomeye?”

Yozefu yashoboye gute kwanka kuryamana na muka Potifari naho uno ata ko atagize ngo amuryosharyoshe?

“None ugusobanura si ukw’Imana?”

Ni igiki catumye Yozefu ashobora kugira umutima rugabo agasobanura indoto y’umukuru w’abahereza ibinyobwa umwami wa Misiri, iy’umukuru w’abotsa imikate be n’iya Farawo? Vyagenze gute ngo Yozefu ave mw’ibohero aje ku kirimba, mu kiringo c’umusi umwe gusa?

“Mbega jewe mbaye mu kibanza c’Imana?”

Vyoba birashika mu muryango iwanyu hakaba ishari, uguhemuka canke urwanko? Nimba ari ukwo, inkuru yo muri Bibiliya yerekeye Yozefu yogufasha.

Miriyamu​—“Ririmbira Yehova”!

Umuhanuzikazi Miriyamu yarayoboye Abisirayelikazi mu kuririmba ururirimbo rw’intsinzi ku Kiyaga Gitukura. Ivyamushikiye mu buzima bwiwe biratwigisha kugira umutima rugabo, ukwizera n’ukwicisha bugufi.

Kuva Abisirayeli bavuye mu Misiri gushika ku mwami wa mbere wa Isirayeli

Rahabu ‘yiswe umugororotsi bivuye ku bikorwa’

Inkuru ya Rahabu yerekana gute yuko ata n’umwe muri twebwe Yehova adaha agaciro? Ukwizera kwiwe kutwigisha iki?

‘Nahagurutse nka inabibondo muri Isirayeli’

Inkuru yo muri Bibiliya yerekeye Debora itwigisha iki ku bijanye n’ukwizera be no kugira umutima rugabo?

Rusi: “Aho uzoja ni ho nzoja”

Ni kubera iki Rusi yemeye guheba umuryango wiwe n’igihugu c’amavukiro? Ni kamere izihe yerekanye zatumye Yehova amukunda cane?

Rusi: “Umugore w’agahebuza”

Ni kubera iki umubano wa Rusi na Bowazi wari uhambaye? Rusi na Nawomi batwigisha iki ku bijanye n’umuryango?

Hana: Yaraseruriye Imana akari ku mutima mw’isengesho

Hana yihanganiye ibintu vyasa n’ibitokwihanganirwa kuko yizera Yehova.

Samweli: ‘Yabandanije gukurira imbere ya Yehova’

Ni igiki kidasanzwe uravye ubwana bwa Samweli? Ni ibiki vyakomeje ukwizera kwiwe igihe yari ku rusengero?

Samweli: Yarihanganiye ibintu bivuna umutima

Twese turahura n’ingorane canke ibintu bivuna umutima bishobora kugerageza ukwizera kwacu. Twokwigira iki ku kwihangana kwa Samweli?

Kuva ku mwami wa mbere wa Isirayeli gushika kw'ivuka rya Yezu

Yonatani: ‘Nta kibuza Yehova gukiza’

Yonatani yarateye ikirindiro c’abansi ari kumwe gusa n’uwumutwaza ibigwanisho, kandi yaratahukanye intsinzi y’intibagirwa.

‘Urugamba ni urwa Yehova’

Ni igiki catumye Dawidi anesha Goliyati? Iyo nkuru ya Dawidi itwigisha iki?

Abigayili: Yarakoranye ukwiyubara

Twokwigira iki kuri wa mubano utoroshe wa Abigayili?

Eliya: Yaraburaniye ugusenga gutyoroye

Twokwigana gute Eliya igihe duhuye n’abatemera ivyo Bibiliya yigisha?

Eliya: Yagumye ari maso yongera ararindira

Eliya yerekanye gute ko yari umuntu akunda gusenga igihe yari arindiriye ko Yehova ashitsa ivyo yari yasezeranye?

Eliya: Yarahojejwe n’Imana yiwe

Ni ibiki vyatumye Eliya acika intege gushika n’aho yipfuza gupfa?

Eliya yarihanganiye akarenganyo

Vyoba bimaze gushika ukarenganywa? Woba wipfuza kubona Imana ibitunganije? Raba ingene wokwigana ukwizera kwa Eliya.

Eliya: Yarihanganye gushika kw’iherezo

Ukuntu ukwizera kwa Eliya kwamufashije kwihangana birashobora kudufasha natwe kubona ingene twokomeza ukwizera kwacu mu bihe bigoye.

Yona: Yarigiye ku makosa yiwe

Woba utahura Yona kubona yaratinye igikorwa bamushinze? Inkuru yiwe iratwigisha ivyigwa bihambaye ku bijanye n’ukwihangana kwa Yehova hamwe n’imbabazi ziwe.

Yona: Yarize icigwa mu bijanye no kugira imbabazi

Inkuru ya Yona yodufashe gute kwisuzuma tutibesha?

Esiteri: Yaraburaniye abasavyi b’Imana

Kwerekana urukundo rwo kwitangira abandi nka kumwe kwa Esiteri bisaba ukwizera n’umutima rugabo.

Esiteri: Yakoranye ubukerebutsi, ubutwari, ata bwikunzi

Ni gute Esiteri yakoze ibintu ata bwikunzi ku bw’izina rya Yehova no ku bw’abasavyi biwe?

Kuva kw'ivuka rya Yezu gushika ku rupfu rw'intumwa

Mariya: “Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova!”

Inyishu Mariya yahaye umumarayika Gaburiyeli ihishura iki ku bijanye n’ukwizera kwiwe? Ni izindi kamere nziza izihe yerekanye?

Mariya: Yaragize “ivyiyumviro ashitseko mu mutima wiwe”

Ivyashikiye Mariya i Betelehemu vyatumye arushiriza kwizera imihango ya Yehova.

Mariya yarihanganiye ugusogotwa n’inkota

Akarorero ka Mariya nyina wa Yezu karashobora kugufasha igihe ufise intuntu isogota nk’ “inkota ndende.”

Yozefu: Yarakingiye umuryango, arawuronderera, arumira kw’ibanga

Ni mu buryo ki Yozefu yakingiye umuryango wiwe? Kubera yatwaye Mariya na Yezu mu Misiri?

Marita: “Ndemera”

Ni gute Marita yerekanye ukwizera kudasanzwe n’igihe yari yishwe n’intuntu?

Petero: Yararwanije ubwoba n’ugukekeranya

Ugukekeranya ni kubi cane kandi kuronona ibintu vyinshi. Ariko rero, Petero yarashobora gutsinda ubwoba n’ugukekeranya yari afise ku bijanye no gukurikira Yezu.

Petero: Yari intahemuka mu bigeragezo

Ukwizera kwa Petero hamwe n’ukudahemuka kwiwe vyamufashije gute kwemera gukosorwa na Yezu?

Petero: Yarigiye kuri Shebuja ibijanye no guharira abandi

Ni icigwa ikiye Yezu yahaye Petero ku bijanye no guharira abandi? Yezu yerekanye gute ko yari yahariye Petero?

“Umwana wanje w’umukundwa kandi w’umwizigirwa mu Mukama”

Ni igiki cafashije Timoteyo gutsinda amasoni akaba umucungezi mukirisu w’umutima rugabo?