Ja ku birimwo

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Amaberebere

Amaberebere

 Igitabu kimwe cavuze giti: «Amata bahingura baha abana bakivuka nta ho ahuriye na gato n’amaberebere.» Imvo imwe ituma amaberebere ari yo abereye ku mwana ni uko umubiri w’umugore yonsa uyahindura ku buryo ahura n’ivyo umwana akeneye.

 Rimbura iki kintu: Amaberebere agenda arahinduka kuva umwana atanguye kwonka gushika ahaze. Umugore agitangura kwonsa, amaberebere aba arimwo ingaburo ndemamubiri bita protéines, amavitamine, ivyunyunyu be n’amazi. Amaze umwanya ariko aronsa na ho, amaberebere arazamwo ibinure vyinshi ku buryo bituma umwana ahaga. Vyongeye, amaberebere agenda arahinduka bivanye n’imisi umwana amaze avutse canke ibiringo vy’umwaka.

 Mw’ijoro, urugero rw’udukabuzi bita hormones, nk’utwitwa mélatonine ruriyongera mu maberebere, utundi dukabuzi tukiyongera ku murango. Ukwo kuntu utwo dukabuzi tugenda turahindagurika bivanye n’amasaha, bituma umubiri w’umwana umenya igihe co gusinzira n’igihe co kuguma ari maso.

 Mu misi ya mbere umugore acibaruka, haza amaberebere asa n’umuhondo. Biroroha ko umushishito uhingura ayo maberebere kandi aba arimwo ingaburo nyinshi, ivyo bikaba bituma umwana aronka ivyo akeneye naho aba afise umushishito mutoyi. Ayo maberebere ararwiriyemwo abasoda b’umubiri bakingira umwana indwara. Vyongeye, aranatuma yoroherwa mu nda.

 Umugore yonsa ntakwiye guhagarika umutima yibaza ko adafise amaberebere akwiye, mbere no mu gihe yoba afise amahasa, kubera ko urugero rw’amaberebere rugenda ruriyongera bivanye n’ukuntu yonsa.

 Uvyibazako iki? Ukuntu amaberebere akozwe mu buryo budasanzwe, vyoba vyariyadukije? Canke hariho uwabishizeho?