Ja ku birimwo

Kugendera Beteli

Turagutumiye n’igishika cinshi ngo uzoze kugendera ibiro vyacu vy’amashami, ibikunze kwitwa Beteli. Ku biro vy’amashami bimwebimwe hariho amaratiro umuntu ashobora kwitemberezamwo.

Gusubira kugendera Beteli: Mu bihugu vyinshi, abantu barasubiye kugendera ibiro vyacu vy'amashami kuva ku wa 1 Ruheshi 2023. Wipfuza ayandi makuru, nuyabaze ibiro vy'ishami ushaka kugendera. Turakwinginze ntuzogendere Beteli mu gihe boba bagutoye korona, ufise ibimenyetso vy’inkorora canke giripe, canke uherutse kumarana umwanya n’umuntu batoye korona.

Ubwongereza

Gusaba gutemberezwa

Imbere yo kuza gutembera, woba ukwiye kubisaba? Ego. Kugira twirinde uruja n’uruza rwinshi no kugira twiyemeze ko abashitsi bose batemberezwa neza, bose turabasaba ko bobanza kutumenyesha imbere yo kuza gutembera, uko boba bangana kwose.

Woba woshobora gutembera naho utoba warabisavye? Utabisavye, birashoboka cane ko tutokwakira. Kubera ko ikibanza atari ikirenga, abantu bakeyi ni bo bonyene bashobora gutemberezwa ku musi.

Uje gutembera woshika sangapi? Kugira twirinde uruja n’uruza rwinshi, dusaba ko ata woshika hagisigaye umwanya urenga isaha ngo atemberezwe.

Mwobisaba gute? Nimba muri abantu badashika 20, nufyonde ahanditse ngo “Gusaba gutemberezwa: abantu badashika 20.” Nimba na ho muri 20 canke murenga, mwoterefona mugasaba gutemberezwa muri abantu 20 canke barenga.

Mwoba mushobora guhindura isango canke gusivya urugendo? Ego. Fyonda ahanditse ngo “Kuraba ivyo wasavye canke kubihindura.”

Vyogenda gute usanze ata kibanza gisigaye ku misi wipfuza gutemberezwa? Nugume uraba ku rubuga rwacu. Birashika ikibanza kikaboneka hagize abahindura isango canke abasivya urugendo.

Gusaba gutemberezwa: abantu badashika 20

Kuraba ivyo wasavye canke kubihindura

Kuhagendera

1 Kingdom Way

West Hanningfield

CHELMSFORD

CM2 8FW

UBWONGEREZA

+44 20-8906-2211

Inzira wojana

Ibintu nyamukuru bihakorerwa

Barahagarikira igikorwa co kwigisha c’Ivyabona vya Yehova mu Bwongereza, muri Irlande no mw’izinga rya Malita. Barahagarikira igikorwa co guhindura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi zitandukanye, harimwo ururimi rw’ibimenyetso rw’Abongereza, ikinya irlande, ururimi rwitwa gaélique écossais n’urwitwa gallois. Baratunganya kandi amavidewo n’ivyo kwumviriza.

Amaratiro umuntu ashobora kwitemberezamwo

  1. “Intoranwa yacu”: Iryo ratiro ry’ivya kahise ryerekana ingene igikorwa co kwamamaza inkuru nziza cagiye kiratera imbere mu Bwongereza no muri Irlande.

  2. “Bibiliya mu Bwongereza”: Iryo ratiro ririmwo amabibiliya y’imbonekarimwe kandi rirerekana ingene igikorwa co guhindura Bibiliya cagiye kiratera imbere mu bijana n’ibindi.

  3. Inzego zo kw’ishami ry’Ubwongereza: Iryo ratiro ririmwo ibibaho n’amavidewo bisigura ibikorwa birangurirwa kw’ishami ry’Ubwongereza.

Kuva ku wa mbere gushika ku wa gatanu

Haba huguruye kuva isaha 2:00 z’igitondo gushika isaha 11:00 z’umugoroba.

Nimba muzoza muri umugwi munini, murasabwe kubimenyesha hakiri kare.

Nuvome agatabu k’ibihakorerwa