Abakorinto ba mbere 2:1-16

  • Ingene Pawulo yamamaje i Korinto (1-5)

  • Ubukerebutsi bw’Imana buraruta ubundi bwose (6-10)

  • Umuntu w’umubiri n’umuntu w’impwemu (11-16)

2  Ni co gituma bavukanyi, igihe naza iwanyu kubamenyesha ibanga ryeranda+ ry’Imana ntaje mfise imvugo y’agahebuza+ canke ubukerebutsi bw’agahebuza.  Kuko igihe nari kumwe namwe nafashe ingingo yo kutavuga* ikintu na kimwe kiretse Yezu Kristu, no kuba yarishwe amanitswe ku giti+.  Kandi naje iwanyu ngoyagoya, mfise ubwoba, njugumira cane.  Imvugo nakoresha n’ivyo namamaza ntivyarimwo amajambo y’ubukerebutsi anyura, ahubwo vyagaragaza impwemu n’ububasha+,  kugira ngo ntimwizere ubukerebutsi bw’abantu, ahubwo mwizere ububasha bw’Imana.  Twebwe rero tuvuga ivyerekeye ubukerebutsi mu bahumuye+, mugabo si ubukerebutsi bw’iyi si* canke ubw’abatware b’iyi si, bamwe babwirizwa kuvaho+.  Ahubwo tuvuga ubukerebutsi bw’Imana butekeye mw’ibanga ryeranda+, ubukerebutsi bwanyegejwe, ubwo Imana yateguye kera ibi bihe* bitarabaho, kugira turonke ubuninahazwa.  Ubwo bukerebutsi nta n’umwe mu batware b’iyi si* yabumenye+, kuko iyo babumenya batari kwica* wa Mukama w’ubuninahazwa.  Mugabo nk’uko vyanditswe: «Ijisho ntiryabonye, n’ugutwi ntikwumvise, eka n’ibintu Imana yateguriye abayikunda ntivyiyumviriwe mu mutima w’umuntu+ 10  Ni twebwe Imana yabihishuriye+ biciye ku mpwemu yayo+, kuko impwemu isesangura ibintu vyose, mbere n’ibintu vyimbitse vy’Imana+. 11  Kanatsinda, ni nde mu bantu azi ivyiyumviro vy’umuntu, atari impwemu yiwe? N’ivyiyumviro vy’Imana nta n’umwe yabimenye atari impwemu yayo. 12  Ariko twebwe ntitwaronse impwemu y’isi, ahubwo twaronse impwemu iva ku Mana+, kugira tumenye ibintu Imana yaduhaye n’umutima ukunze. 13  Ivyo bintu ni vyo nyene tuvuga. Ntitubivuga mu majambo yigishwa n’ubukerebutsi bw’abantu+, ahubwo tubivuga mu majambo yigishwa n’impwemu+, tugasigura ibintu vy’impwemu dukoresheje amajambo y’impwemu*. 14  Mugabo umuntu w’umubiri ntiyemera* ibintu vy’impwemu y’Imana, kuko ari ubupfu kuri we. Kandi ntashobora kubimenya, kuko bisuzumwa mu buryo bw’impwemu. 15  Ariko umuntu w’impwemu arasuzuma ibintu vyose+, mugabo we nta muntu n’umwe amusuzuma. 16  Nakare, «ni nde yamenye ivyiyumviro* vya Yehova* ngo amwigishe+?» Mugabo twebwe, turafise ivyiyumviro* vya Kristu+.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «kutamenya.»
Canke «bw’iki gihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
Canke «b’iki gihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
Canke «kwicira ku giti.»
Canke «tugahuza ibintu vy’impwemu n’amajambo y’impwemu.»
Canke «ntiyakira.»
Canke «umuzirikanyi.»
Canke «umuzirikanyi.»