Abakorinto ba mbere 4:1-21

  • Abafise ivyo bajejwe bakwiye kuba abizigirwa (1-5)

  • Ukwicisha bugufi kw’abakirisu (6-13)

    • «Ntimurenge ku bintu vyanditswe» (6)

    • Abakirisu ni nk’igikino co kurorera (9)

  • Pawulo aritwararika abana biwe bo mu vy’impwemu (14-21)

4  Abantu bakwiye kutubona nk’abakozi* ba Kristu n’abasuku* bajejwe amabanga meranda y’Imana+.  Abasuku* rero vyitezwe ko baba abizigirwa.  Kuri jewe gusuzumwa namwe canke na sentare y’abantu nta co bimaze. Honyene na jewe ubwanje sinisuzuma.  Kuko numva ata co niyagiriza. Ariko ivyo ntivyerekana ko ndi umugororotsi. Uwunsuzuma ni Yehova*+.  Ku bw’ivyo, ntihagire ico mucira urubanza+ igihe kitaragera, gushika Umukama aje. Ibintu vy’ibanga vyari mu mwiza azobizana ku muco, ashire ahabona ivyiyumviro biri mu mitima y’abantu. Umuntu wese azoheza ashimagizwe n’Imana nk’uko abikwiye+.  Rero bavukanyi, ibi bintu navuze navyerekeje kuri jewe na Apolo+ ku neza yanyu, kugira ngo biciye kuri twebwe mumenye iyi ngingo: «Ntimurenge ku bintu vyanditswe.» Ivyo bizotuma mutivyimvya+, ntimurutishe umuntu uwundi.  Kuko, ni nde atuma uba uwutandukanye n’abandi? Mu vy’ukuri, ni igiki ufise utahawe+? None ko wagihawe, kubera iki wirata nk’aho utagihawe?  Burya muramaze guhaga? Muramaze kuba abatunzi? Mwaratanguye kuganza+ tutari kumwe? Icompa mukaba mwaratanguye kuganza, ngo natwe tuganze turi kumwe namwe+.  Mbona umengo twebwe intumwa, Imana yadushize ku mugaragaro ubwa nyuma, nk’abantu baciriwe urwo gupfa+, kuko twacitse nk’igikino co kurorera kirabwa n’isi+, n’abamarayika n’abantu. 10  Twebwe turi ibipfu+ kubera Kristu, ariko mwebwe muri abanyabwenge muri Kristu. Twebwe turagoyagoya, ariko mwebwe murakomeye. Mwebwe murubahwa, ariko twebwe turakengerwa. 11  Gushika kuri iyi saha nyene tubandanya gusonza+, kunyoterwa+, kubura ivyo twambara*, gukubitwa+, kubura uburaro, 12  no gukora cane dukoresheje amaboko yacu+. Igihe dututswe, turahezagira+. Igihe baduhamye, turihangana cane+. 13  Igihe batwambitse ibara, twishurana ubwitonzi*+. Gushika ubu tubonwa nk’umwanda* w’isi, umucafu utabwa na bose. 14  Ibi bintu sindavyanditse kugira ndabamaramaze, ahubwo ndavyanditse kugira ndabakebure nk’abana banje nkunda cane. 15  Kuko naho mwogira abarezi* 10.000 muri Kristu, mu vy’ukuri nta ba so benshi mufise, kuko muri Kristu Yezu nacitse so biciye ku nkuru nziza+. 16  Ndabinginze rero, munyigane+. 17  Ni co gituma ndabarungikiye Timoteyo, kuko ari umwana wanje nkunda cane kandi w’umwizigirwa mu Mukama. Azobibutsa ukuntu nkora ibintu* mu gikorwa ca Kristu Yezu+, nk’uko nsanzwe nigisha hose mu mashengero yose. 18  Hari abivyimvya muri mwebwe biyumvira ko ntazoza iwanyu. 19  Mugabo nzoza iwanyu vuba, Yehova* niyabigomba. Sinzoba nshaka kwumva ivyo abo bantu bivyimvya bavuga, ahubwo nzoba nshaka kumenya ko bafise ububasha buva ku Mana. 20  Kuko Ubwami bw’Imana butabonekera mu majambo, ahubwo bubonekera mu bubasha. 21  Mushima ko nza iwanyu nzanye inkoni+, canke ko nza mfise urukundo n’umutima w’ubwitonzi?

Utujambo tw'epfo

Canke «abafasha.»
Ijambo ryo mu kigiriki ryakoreshejwe ng’aha, ryerekeza ku musuku ajejwe urugo.
Ijambo ryo mu kigiriki ryakoreshejwe ng’aha, ryerekeza ku musuku ajejwe urugo.
Canke «kugenda gusa.»
Mu kigiriki havuga ngo «turinginga.»
Canke «umucafu», «iyarara.»
Mu kigiriki havuga ngo «umwigisha», «uwuyobora umwana.» Yari afise igikorwa co kurera abana canke kubakingira.
Mu kigiriki havuga ngo «inzira zanje.»