Abami ba mbere 1:1-53

  • Dawidi na Abishagi (1-4)

  • Adoniya arondera kuba umwami (5-10)

  • Natani na Batisheba bagira ico bakoze (11-27)

  • Dawidi ategeka ko Salomo arobanuzwa amavuta (28-40)

  • Adoniya ahungira ku gicaniro (41-53)

1  Umwami Dawidi yari ashaje+, ageze mu zabukuru. Bari basigaye bamupfuka impuzu mugabo ntasusuruke.  Abasuku biwe bamubwira rero bati: «Twemerere mwami, tukuronderere umwigeme w’isugi azoza aragukorera yongere akwitwararike. Azoza aragupfumbatira mwami, kugira ususuruke.»  Nuko barondera umukobwa mwiza mu karere kose ka Isirayeli, baronka Abishagi+ w’i Shunemu+. Baraheza bamuzanira umwami.  Uwo mukobwa yari mwiza bihebuje. Atangura rero gukorera umwami no kumwitwararika. Mugabo umwami ntiyarangurana na we amabanga y’abubatse.  Aho hose Adoniya+ mwene Hagiti yaguma yiyemera avuga ati: «Ni je ngiye kuba umwami!» Nuko akoresha umukogote agenderamwo, arondera n’abagendera ku mafarasi be n’abagabo 50 baza bariruka imbere yiwe+.  Mugabo se ntiyigeze amuhambarira* ngo amubaze ati: «Ivyo ukora ni ibiki?» Adoniya kandi yari mwiza cane. Yavutse inyuma ya Abusalomu.  Maze Adoniya avugana na Yowabu mwene Zeruwiya be n’umuherezi Abiyatari+, bemera kumufasha no kumushigikira+.  Mugabo umuherezi Sadoki+ na Benaya+ mwene Yehoyada n’umuhanuzi Natani+ na Shimeyi+ na Reyi n’abarwanyi b’intwari ba Dawidi+, ntibashigikiye Adoniya.  Mu nyuma Adoniya atanga ibimazi+ vy’intama n’inka n’ibitungwa binuze, abitangira iruhande y’ibuye rya Zoheleti ryari hafi y’i Eni-Rogeli. Atumira benewabo bose, ni ukuvuga abahungu b’umwami, atumira n’abagabo bose bo mu Buyuda bakorera umwami. 10  Mugabo ntiyatumira umuhanuzi Natani na Benaya n’abarwanyi b’intwari na mwenewabo Salomo. 11  Natani+ aca abwira Batisheba+ nyina wa Salomo+ ati: «Mbega wamenye ko Adoniya+ mwene Hagiti yabaye umwami? Kandi databuja Dawidi nta co abiziko. 12  Ndagusavye rero wumvirize impanuro ngira ndaguhe kugira ukize ubuzima bwawe n’ubw’umuhungu wawe Salomo+. 13  Genda urabe umwami Dawidi, umubwire uti: “Mwami wanje, databuja, ni wewe ubwawe wandahiye yuko umuhungu wanje Salomo ari we azoganza mu kibanza cawe, akicara ku ntebe yawe y’ubwami+. Kubera iki none Adoniya ari we yabaye umwami?” 14  Ukiriko uravugana n’umwami, nanje nca nza nemeze ivyo uvuze.» 15  Nuko Batisheba aja kuraba umwami mu cumba yararamwo. Umwami yari ashaje cane kandi Abishagi+ w’i Shunemu ni we yamwitwararika. 16  Maze Batisheba yunamira umwami, ashika hasi. Umwami aca amubaza ati: «Wipfuza iki?» 17  Yishura ati: «Databuja, ni wewe ubwawe wandahiye mw’izina rya Yehova Imana yawe yuko umuhungu wanje Salomo ari we azoganza mu kibanza cawe, akicara ku ntebe yawe y’ubwami+. 18  None raba Adoniya ni we yabaye umwami, kandi nta co ubiziko mwami wanje+. 19  Yatanze ibimazi vyinshi cane vy’impfizi n’ibitungwa binuze n’intama. Yatumiye abahungu bose b’umwami n’umuherezi Abiyatari na Yowabu umukuru w’ingabo+. Ariko umusuku wawe Salomo ntiyamutumiye+. 20  None rero mwami wanje, ni wewe Abisirayeli bose bahanze amaso ngo ubabwire uwugiye kugusubirira, akicara ku ntebe y’ubwami. 21  Nutabigira, jewe n’umuhungu wanje Salomo tuzofatwa nk’abansi niwamara gupfa* 22  Batisheba akiriko aravugana n’umwami, umuhanuzi Natani na we aca arashika+. 23  Baca bamenyesha umwami ko umuhanuzi Natani aje kumuraba. Natani yinjiye aca yunamira umwami, mu maso hiwe hashika hasi. 24  Maze avuga ati: «Mwami wanje, databuja, mbega ni wewe wavuze ko Adoniya ari we azoganza mu kibanza cawe, akicara ku ntebe yawe y’ubwami+? 25  Erega uyu musi yamanutse gutanga ibimazi+ vyinshi cane vy’impfizi n’ibitungwa binuze n’intama. Kandi yatumiye abahungu bose b’umwami n’abakuru b’ingabo n’umuherezi Abiyatari+. Bariko bararya bongera banywa bari kumwe na Adoniya, bakaguma bavuga ngo: “Umwami Adoniya nahangame!” 26  Mugabo jewe umusuku wawe n’umuherezi Sadoki na Benaya+ mwene Yehoyada n’umusuku wawe Salomo, ntiyadutumiye. 27  Mwami wanje, databuja, yoba ari wewe wemeye ko ico kintu gikorwa utambwiye jewe umusuku wawe, ngo menye uwuzogusubirira ku ntebe y’ubwami?» 28  Umwami Dawidi aca avuga ati: «Nimumpamagarire Batisheba.» Batisheba aca araza, ahagarara imbere y’umwami. 29  Nuko umwami ararahira ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, we yankijije* mu marushwa yose+, 30  yuko uyu musi ngomba nkore ivyo nakurahiye mw’izina rya Yehova Imana ya Isirayeli, igihe navuga nti: “Umuhungu wawe Salomo ni we azoganza mu kibanza canje, yicare ku ntebe yanje y’ubwami.”» 31  Batisheba aca yunamira umwami, mu maso hiwe hashika hasi. Maze avuga ati: «Uragahoraho mwami wanje Dawidi!» 32  Ubwo nyene umwami Dawidi aca avuga ati: «Nimumpamagarire umuherezi Sadoki n’umuhanuzi Natani na Benaya+ mwene Yehoyada+.» Nuko barenguka imbere y’umwami. 33  Umwami ababwira ati: «Nimujane n’abarinzi* b’umwami, mwurize umuhungu wanje Salomo ku ndogobwa* yanje+ bwite, muheze mumumanukane i Gihoni+. 34  Mugezeyo umuherezi Sadoki n’umuhanuzi Natani bace bamurobanuza amavuta*+, abe umwami wa Isirayeli. Muce muvuza inzamba maze muvuge muti: “Umwami Salomo nahangame+!” 35  Muce mugarukana na we maze yicare ku ntebe yanje y’ubwami, atangure kuganza mu kibanza canje. Nca ndamugira indongozi ya Isirayeli n’Ubuyuda.» 36  Benaya mwene Yehoyada aca abwira umwami ati: «Amen! Yehova Imana y’umwami wanje na we nyene nabishigikire. 37  Yehova abane na Salomo+ nk’uko nyene yabanye nawe mwami wanje, atume intwaro yiwe ikomera kuruta iy’umwami wanje Dawidi+ 38  Nuko umuherezi Sadoki n’umuhanuzi Natani na Benaya+ mwene Yehoyada n’Abakereti n’Abapeleti*+ buriza Salomo ku ndogobwa y’umwami Dawidi+ hanyuma bamumanukana i Gihoni+. 39  Umuherezi Sadoki atora rero ihembe ry’amavuta+ ryari mw’ihema*+, araheza ayarobanuza Salomo+. Batangura kuvuza inzamba, maze abantu bose basemerera bati: «Umwami Salomo nahangame!» 40  Inyuma y’ivyo, abantu bose baduga bamukurikiye, bavuza imyironge n’akanyamuneza kenshi, ku buryo isi yata imigaga kubera urwamo rwabo+. 41  Adoniya n’abatumire biwe bose barangije kurya+, baza bumva nya rwamo. Yowabu akimara kwumva inzamba, avuga ati: «Habaye iki ko numva urwamo rwinshi mu gisagara?» 42  Akiriko aravuga, Yonatani+ mwene Abiyatari umuherezi arashika. Maze Adoniya amubwira ati: «Shika shika wewe uri umuntu mwiza*, kandi utegerezwa kuba uzanye inkuru nziza.» 43  Mugabo Yonatani yishura Adoniya ati: «Eka si inkuru nziza. Umwami wacu Dawidi yimitse Salomo ngo abe ari we aba umwami. 44  Umwami yatumye umuherezi Sadoki n’umuhanuzi Natani na Benaya mwene Yehoyada n’Abakereti n’Abapeleti, buriza Salomo ku ndogobwa y’umwami+. 45  Umuherezi Sadoki n’umuhanuzi Natani baca bamurobanuza amavuta i Gihoni aba umwami, maze bagaruka banezerewe. Abantu bariko barigina mu gisagara. Urwo ni rwo rwamo mwumvise. 46  Vyongeye, Salomo yicaye ku ntebe y’ubwami. 47  N’ikindi kandi, abantu b’umwami baje gukeza umwami wacu Dawidi bamubwira bati: “Imana yawe itume izina rya Salomo ryamamara cane kuruta iryawe kandi itume intwaro ya Salomo ikomera kuruta iyawe.” Umwami aca yunamira Imana ari ku gitanda. 48  Umwami yavuze kandi ati: “Yehova Imana ya Isirayeli nashemezwe kubona uyu musi atumye haboneka uwicara ku ntebe yanje y’ubwami, amaso yanje akavyibonera.”» 49  Abatumire bose ba Adoniya bagira ubwoba bwinshi, maze barahaguruka umwe wese ajana inzira yiwe. 50  Adoniya na we nyene agira ubwoba kubera Salomo. Aca ava ng’aho aragenda, aja gufata amahembe y’igicaniro+. 51  Maze bamenyesha Salomo bati: «Adoniya yagize ubwoba kubera wewe mwami Salomo, aca aja gufata amahembe y’igicaniro. Aguma avuga ati: “Simva aha. Umwami Salomo nabanze andahire ko atanyicisha inkota jewe umusuku wiwe.”» 52  Salomo aca avuga ati: «Niyigenza neza nta n’umwe azomurya urwara*. Mugabo niyakora nabi+ azoca yicwa.» 53  Umwami Salomo aca atuma abaja kumukura kuri nya gicaniro. Adoniya araza yunamira umwami Salomo, maze Salomo amubwira ati: «Niwitahire iwawe.»

Utujambo tw'epfo

Canke «amubabaza», «amukosora.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuryama hamwe na ba sogokuruza.»
Canke «yacunguye ubuzima bwanje.»
Mu giheburayo havuga ngo «abasuku.»
Canke «inyumpu y’ingore.» Inyumpu ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Abakereti n’Abapeleti bacungera Dawidi.
Rishobora kuba ari rya hema Dawidi yategurira ya sandugu.
Canke «w’ijunja n’ijambo.»
Mu giheburayo havuga ngo «nta gashatsi kiwe na kamwe kazokorokera hasi.»