Abami ba mbere 2:1-46

  • Dawidi abwira Salomo ivyo azokora (1-9)

  • Dawidi apfa, Salomo akimikwa (10-12)

  • Umugambi wa Adoniya umukwegera urupfu (13-25)

  • Abiyatari akurwa mu mabanga. Yowabu yicwa (26-35)

  • Shimeyi yicwa (36-46)

2  Dawidi ari hafi gupfa, abwira umuhungu wiwe Salomo ivyo azokora ati:  «Ndi mu gupfa*. Nukomere+ rero kandi ube umugabo+.  Uze ushitse ivyo Yehova Imana yawe agusaba: uze ugendere mu nzira ziwe, ugamburuke ivyagezwe vyiwe, amabwirizwa yiwe, ingingo yashinze n’ivyibutswa vyiwe, nk’uko vyanditswe mu mategeko ya Musa+. Uzoheza uroranirwe* mu vyo uzokora vyose n’aho uzoja hose.  Yehova azoshitsa ivyo yansezeraniye. Yavuze ati: “Abana bawe nibaguma bigenza neza, bakagendera mu nzira zanje badahemuka, bakabigira n’umutima wabo wose n’ubuzima bwabo bwose+, mu muryango wawe ntihazokwigera habura uwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.”  Urazi neza kandi ivyo Yowabu mwene Zeruwiya yankoreye mu kwica abakuru b’ingabo za Isirayeli babiri, Abuneri+ mwene Neri na Amasa+ mwene Yeteri. Yabishe ata ntambara iriho, asesa amaraso+ mu gihe c’amahoro, atarukiriza amaraso y’intambara ku mukaba yari akenyeye no ku birato* yari yambaye.  Uze ukoreshe ubukerebutsi bwawe ntumureke ngo amanuke mu kuzimu amahoro, yisaziye*+.  Mugabo bene Baruzilayi+ Umunyagileyadi, uze ubagirire neza*. Baze bame bafungurira ku meza yawe, kuko banserutseko+ igihe nahunga mwenewanyu Abusalomu+.  Ariko mu micungararo, hari na Shimeyi mwene Gera Umubenyamini w’i Bahurimu. Yaramvumye bimwe bibi+ igihe nariko nja i Mahanayimu+. Mugabo igihe yaza kunsanganira kuri Yorodani, naramurahiye mw’izina rya Yehova ko ntazomwica+.  Wewe rero ntuze ubure kumuhana+. Uri umuntu w’inkerebutsi, urazi ico ukwiye kumukorera. Ntuze umureke ngo apfe nk’abandi, yisaziye*+ 10  Maze Dawidi arapfa*, bamuhamba mu gisagara ca Dawidi+. 11  Dawidi yamaze imyaka 40 aganza Isirayeli. Imyaka 7 yayimaze i Heburoni+, 33 na yo i Yeruzalemu+. 12  Salomo araheza yicara ku ntebe y’ubwami ya se Dawidi maze ubutegetsi bwiwe bugenda burarushiriza gukomera+. 13  Mu nyuma, Adoniya mwene Hagiti aza kwa Batisheba nyina wa Salomo. Batisheba amubaza ati: «Ugenzwa n’amahoro?» Na we ati: «Ni amahoro.» 14  Yongerako ati: «Hari ico nipfuza kukubwira.» Batisheba ati: «Mbwira.» 15  Adoniya abandanya ati: «Urazi neza yuko ari jewe nari kuganza kandi n’Abisirayeli bose bari biteze ko ari jewe mba umwami*+. Mugabo ubwami bwanciye mu myanya y’intoke buhabwa mwenewacu, kuko Yehova ari we yabishatse+. 16  Ariko rero hari ikintu kimwe nipfuza kugusaba kandi ntukinyankire.» Batisheba amubwira ati: «Mbarira.» 17  Aca avuga ati: «Ndagusavye umbwirire umwami Salomo ampe Abishagi+ w’i Shunemu ambere umugore, kuko wewe atobikwankira.» 18  Batisheba aca avuga ati: «Nta ngorane, ndakubwirira umwami.» 19  Batisheba rero aja kuraba umwami Salomo kugira amubwire ivyo Adoniya yamutumye. Umwami aca aja kumusanganira aramwunamira. Maze umwami yicara ku ntebe yiwe y’ubwami, atumako n’intebe y’icubahiro ya nyina kugira yicare iburyo bwiwe. 20  Batisheba aca avuga ati: «Hari akantu nagira ndakwisabire kandi ntukanyankire.» Umwami aca amubwira ati: «Kambwire mawe sinokakwankira.» 21  Nyina avuga ati: «Niwemere mwenewanyu Adoniya atware Abishagi w’i Shunemu, amubere umugore.» 22  Umwami Salomo aca yishura nyina ati: «Kubera iki Adoniya umusabira gusa Abishagi w’i Shunemu? Musabire n’ubwami+ kuko ari mukurwanje+ kandi akaba ashigikiwe n’umuherezi Abiyatari na Yowabu+ mwene Zeruwiya+ 23  Umwami Salomo aca arahira mw’izina rya Yehova ati: «Imana izobimpanire bimwe bikomeye, Adoniya natapfa kubera ico kintu asavye. 24  Ndakurahiye Yehova Imana nzima, we yankomeje+ akanshira ku ntebe y’ubwami ya dawe Dawidi, akampa n’umuryango uzokomokamwo abami*+ nk’uko yabisezeranye, Adoniya ntagenda adapfuye+ uyu musi.» 25  Ubwo nyene umwami Salomo arungika Benaya+ mwene Yehoyada, aca aragenda yica Adoniya*. 26  Hanyuma umwami abwira umuherezi Abiyatari+ ati: «Genda i Anatoti+ mu matongo yawe. Wari ukwiye gupfa. Ariko uyu musi sindakwica kubera ko dawe Dawidi+ akiriho warerura isandugu y’Umukama Segaba Yehova, no kubera ko mwagoranywe na dawe+ 27  Salomo rero akura Abiyatari mw’ibanga ryo kuba umuherezi wa Yehova, aba ashikije ivyo Yehova yavugiye i Shilo+ ku bijanye n’umuryango* wa Eli+. 28  Yowabu yumvise ayo makuru, aca ahungira kw’ihema rya Yehova+, afata amahembe y’igicaniro. Ivyo yabigize kubera ko yashigikiye Adoniya+. Ariko ntiyari yarashigikiye Abusalomu+. 29  Maze bamenyesha umwami Salomo bati: «Yowabu yahungiye kw’ihema rya Yehova, aguma iruhande y’igicaniro.» Salomo aca atuma Benaya mwene Yehoyada ati: «Genda umwice.» 30  Nuko Benaya aja kw’ihema rya Yehova, abwira Yowabu ati: «Umwami avuze ngo uve ng’aho!» Mugabo Yowabu amwishura ati: «Oya munyicira aha.» Benaya aca aja kubwira umwami ivyo Yowabu yamwishuye. 31  Umwami aca amubwira ati: «Kora ivyo avuze. Mwice uheze umuhambe. Twe n’umuryango wa dawe uzoba udukuyeko amaraso Yowabu yasheshe ata mvo+. 32  Yehova agira agarukane ku gatwe kiwe amaraso yasheshe, kuko yicishije inkota abagabo babiri b’intungane* kumurusha kandi bameze neza kumurusha. Yishe Abuneri+ mwene Neri umukuru w’ingabo za Isirayeli+, yica na Amasa+ mwene Yeteri umukuru w’ingabo z’Ubuyuda+. Yabishe dawe Dawidi atabizi. 33  Amaraso yabo azoguma ku gatwe ka Yowabu no ku gatwe k’uruvyaro rwiwe*+. Mugabo kuri Dawidi n’uruvyaro rwiwe* n’umuryango wiwe n’ubwami bwiwe*, haze hame amahoro ava kuri Yehova.» 34  Maze Benaya mwene Yehoyada aragenda yica Yowabu. Baraheza bamuhamba iwe mu bugaragwa*. 35  Umwami aca agena Benaya+ mwene Yehoyada ngo abe umukuru w’ingabo mu kibanza ca Yowabu, umuherezi Sadoki+ na we amugena mu kibanza ca Abiyatari. 36  Maze umwami atumako Shimeyi+, amubwira ati: «Ubaka inzu i Yeruzalemu uyibemwo. Ntuze uve mu gisagara ngo hagire ahandi uja. 37  Umusi wahirahiye ukava mu gisagara ukajabuka umwonga Kidironi+, umenye neza ko uzoba upfuye. Amaraso yawe azoja ku gatwe kawe.» 38  Shimeyi aca yishura umwami ati: «Iyo ngingo ufashe ni nziza. Jewe umusuku wawe nzokwubahiriza ivyo uvuze, mwami.» Nuko Shimeyi amara imisi myinshi aba i Yeruzalemu. 39  Ariko haheze imyaka itatu, abashumba babiri ba Shimeyi baratoroka, baja kwa Akishi+ mwene Mayaka akaba n’umwami w’i Gati. Shimeyi bamubwira bati: «Abashumba bawe bari i Gati.» 40  Shimeyi aca ategura indogobwa agenderako, maze aja i Gati kwa Akishi kurondera abashumba biwe. Agarutse ari kumwe n’abashumba biwe, 41  Salomo bamumenyesha ko Shimeyi yavuye i Yeruzalemu akaja i Gati akongera akagaruka. 42  Umwami aca atumako Shimeyi, amubwira ati: «Sinakurahije mw’izina rya Yehova, nkakugabisha ko umusi wahirahiye ukava mu gisagara ukaja ahandi uzoba upfuye? Ntiwaciye uvuga ngo: “Iyo ngingo ufashe ni nziza, nzoyubahiriza+”? 43  Kubera iki none utubahirije indahiro warahiye imbere ya Yehova n’ivyo nagutegetse?» 44  Umwami aca abwira Shimeyi ati: «Urazi neza mu mutima wawe ikibi wakoreye dawe Dawidi+. Yehova agira asubize ku gatwe kawe ico kibi wakoze+. 45  Mugabo jewe umwami Salomo, Yehova azompezagira+ atume n’intebe y’ubwami ya Dawidi ihangama ibihe vyose.» 46  Umwami aca ategeka Benaya mwene Yehoyada kuja kwica Shimeyi. Benaya aca aragenda aramwica+. Ubwami bwa Salomo buraheza burakomera+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ngira njane inzira isi yose ijana.»
Canke «ukorane ubukerebutsi», «ukorane ubwenge.»
Canke «isandari.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntureke ngo imvi ziwe zimanuke mu kuzimu amahoro.»
Canke «ubereke urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «imvi ziwe uze uzimanukane mu kuzimu ziriko amaraso.»
Mu giheburayo havuga ngo «aryama hamwe na ba sekuruza.»
Mu giheburayo havuga ngo «Isirayeli yose yari yashize amaso kuri jewe ngo mbe umwami.»
Mu giheburayo havuga ngo «akanyubakira n’inzu.»
Canke «asimbira kuri Adoniya, aramwica.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Canke «b’abagororotsi.»
Canke «abamukomokako.»
Canke «abamukomokako.»
Mu giheburayo havuga ngo «intebe yiwe y’ubwami.»
Mu giheburayo, iryo jambo ahanini risobanura ahantu h’agahinga hari imihana iri kure na kure.