Abami ba mbere 3:1-28

  • Salomo atwara umukobwa wa Farawo (1-3)

  • Yehova abonekera Salomo mu ndoto (4-15)

    • Salomo asaba ubukerebutsi (7-9)

  • Salomo acira urubanza abagore babiri (16-28)

3  Salomo yunga ubucuti na Farawo umwami wa Misiri mu kwabira* umukobwa wiwe+. Araheza amuzana mu gisagara ca Dawidi+ gushika arangije kwubaka inzu yiwe+ n’inzu ya Yehova+ n’uruzitiro rwa Yeruzalemu+.  Ariko abantu bari bagishikana ibimazi mu bibanza basengeramwo*+, kuko ico gihe inzu yitirirwa izina rya Yehova itari bwubakwe+.  Salomo abandanya gukunda Yehova, akavyerekana mu kugendera amabwirizwa se Dawidi yamusigiye. Ariko yari agikoresha ibibanza vyo gusengeramwo, akahashikanira ibimazi+ bigafumba umwotsi.  Umwami Salomo aja i Gibeyoni gutangayo ibimazi, kuko ari ho hari ikibanza co gusengeramwo+ gihambaye cane. Ashikana ibimazi biturirwa 1.000 ku gicaniro cari muri ico kibanza+.  Mw’ijoro, Yehova abonekera Salomo mu ndoto aho i Gibeyoni. Imana imubwira iti: «Saba ico ugomba ko ndaguha+  Salomo aca yishura ati: «Umusavyi wawe dawe Dawidi wamweretse urukundo* rwinshi, kuko yagendeye imbere yawe ari umwizigirwa, ari intungane*, afise n’umutima ugororotse. Gushika n’uyu musi wagumye wereka dawe urwo rukundo rwinshi, kuko wamuhaye umuhungu azoganza mu kibanza ciwe+.  None raba Yehova Mana yanje, jewe umusavyi wawe wangize umwami asubirira dawe Dawidi kandi nkiri muto*, ntaramenya utuntu n’utundi*+.  Jewe umusavyi wawe ntwara abantu bawe watoye+, bakaba ari abantu benshi cane badaharurika.  Ndagusavye rero umpe umutima ugamburuka kugira ngo nshobore gucira imanza abantu bawe+, ngo menye gutandukanya ikibi n’iciza+. Ahandiho sinoshobora gucira imanza iri sinzi ry’abantu* bawe.» 10  Ico kintu Salomo asavye gihimbara Yehova+. 11  Imana ica imubwira iti: «Kubera yuko utisabiye kuramba* canke ubutunzi canke agatwe* k’abansi bawe, ariko ukisabira ubushobozi bwo gutegera kugira ngo uce neza* imanza+, 12  nzoguha ivyo usavye+. Nzoguha ubukerebutsi n’ugutegera*+ ku buryo hatazokwigera haboneka uwumeze nkawe, nk’uko nyene ata wigeze aboneka imbere yawe+. 13  Nzoguha n’ivyo utasavye+. Nzoguha ubutunzi n’icubahiro*+, ku buryo ata wundi mwami ameze nkawe azopfa abonetse igihe cose uzoba ukiriho*+. 14  Kandi niwagendera mu nzira zanje, ugakurikiza amategeko yanje n’amabwirizwa yanje nka so Dawidi+, nzoguha no kuramba*+ 15  Salomo yikanguye, asanga yariko ararota. Aca aja i Yeruzalemu, ahagarara imbere y’isandugu y’isezerano rya Yehova, ashikana ibimazi biturirwa n’amashikanwa yo gusangira+. Araheza atereka inzimano abasuku biwe bose. 16  Mu nyuma, abagore babiri b’abamaraya baza kuraba umwami, bahagarara imbere yiwe. 17  Umwe muri bo avuga ati: «Databuja, twe n’uyu mugore tuba mu nzu imwe. Ni ho yari ari igihe nibaruka. 18  Ku musi ugira gatatu na we aca aribaruka. Nta wundi twari kumwe mu nzu kiretse twebwe babiri. 19  Mw’ijoro, uyu mugore asinziriye, yaryamye ku mwana wiwe, arapfa. 20  Aca ahengera mu gicugu, aza aho ndyamye jewe umusukukazi wawe, atora umwana wanje. Hanyuma afata umwana wiwe yapfuye amuryamika mu gikiriza canje, uwanje na we amuryamika mu gikiriza ciwe. 21  Mu gitondo mvyutse kwonsa umwana wanje, nsanga yapfuye. Nuko ndamwihweza neza, nsanga si wa wundi nari navyaye.» 22  Mugabo uwundi mugore avuga ati: «Oya, umwana wanje ni uyu akiriho, uwawe ni urya yapfuye.» Mugabo umwe wundi yaguma avuga ati: «Oya, uwawe ni urya yapfuye, uwanje ni uyu akiriho.» Ukwo ni ko baguma baharira imbere y’umwami. 23  Vyakabaye kera, umwami avuga ati: «Umwe avuga ngo “uyu akiriho ni rwanje, rwawe ni urya yapfuye.” Uwundi ngo “oya, uwapfuye ni rwawe, rwanje ni uyu akiriho.”» 24  Umwami yongerako ati: «Nimunzanire inkota.» Baca barayimuzanira. 25  Nuko umwami avuga ati: «Uyu mwana akiriho nimumucemwo kubiri, umugore umwe mumuhe igihimba kimwe, uwundi mumuhe ikindi.» 26  Nyina w’uyo mwana akiriho aca aterwa ikigumbagumba n’umwana wiwe, maze atakambira umwami ati: «Ndakwinginze databuja umuhe uwo mwana. Ni ukuri ntimumwice.» Wa mugore wundi na we akaguma avuga ngo: «Nibamucemwo kubiri, tumubure twese.» 27  Umwami ni kwo guca avuga ati: «Oya ntimumwice. Uwo mwana nimumuhe uyu mugore. Ni we nyina.» 28  Abisirayeli bose bumvise urwo rubanza umwami yaciye, baramwikugura*+ kuko babonye ko Imana yari yamuhaye ubukerebutsi kugira ace neza imanza+.

Utujambo tw'epfo

Canke «gutwara.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu bibanza bitaramutse.» Raba Insiguro y’amajambo (Ibibanza bitaramutse).
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «mu bugororotsi.»
Canke «nkiri agahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntazi gusohoka canke kwinjira.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «aba bantu bagoye.» Mu giheburayo havuga ngo «aba bantu baremereye.»
Mu giheburayo havuga ngo «imisi myinshi.»
Canke «urupfu.»
Mu giheburayo havuga ngo «wumve.»
Mu giheburayo havuga ngo «umutima ukerebutse kandi utegera.»
Mu giheburayo havuga ngo «imisi yawe yose.»
Canke «n’ubuninahazwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «nzorehura n’imisi yawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «baramutinya.»