Abami ba mbere 9:1-28

  • Yehova yongera kubonekera Salomo (1-9)

  • Ivyo Salomo yagabiye umwami Hiramu (10-14)

  • Ivyo Salomo yubatse (15-28)

9  Salomo akirangiza kwubaka inzu ya Yehova n’ikirimba* ciwe+ no kwubaka ikintu cose yipfuza+,  Yehova yongera kubonekera Salomo nk’uko yari yaramubonekeye i Gibeyoni+.  Maze Yehova amubwira ati: «Numvise isengesho ryawe n’ivyo wansavye utakamba. Iyi nzu wubatse nayejeje kugira ngo izokwame yitirirwa izina ryanje+. Nzoyamizako ijisho n’umutima+.  Nawe niwigenza neza nka so Dawidi+, ukabigira n’umutima wawe wose+ kandi mu buryo bugororotse+, ugakora ivyo nagutegetse vyose+ kandi ukagamburuka amabwirizwa yanje n’ingingo nashinze+,  nanje rero nzokomeza ubwami bwawe muri Isirayeli ibihe vyose nk’uko nabisezeraniye so Dawidi, nti: “Mu muryango wawe ntihazokwigera habura uwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.”  Mugabo mwebwe n’abahungu banyu nimwantera akagere ntimukurikize amabwirizwa n’amategeko nabahaye, mugatangura gusenga* izindi mana no kuzunamira+,  nzorandura rero Abisirayeli mu gihugu nabahaye+, n’inzu nejeje ngo yitirirwe izina ryanje ndayihebe, imve mu maso+. Abisirayeli bazosigara bagayitse*, babe n’akamenyo imbere y’amahanga yose+.  Iyi nzu wubatse izosigara ari ibihomvagurike+. Uwuzoyica iruhande wese azoyiraba yumirwe, avuze agahwa, abaze ati: “Mbe basha iki gihugu n’iyi nzu Yehova yabihoye iki+?”  Bazomwishura bati: “Abantu bahaba barahevye Yehova Imana yabo yakuye ba sekuruza babo mu gihugu ca Misiri, baja ku zindi mana, barazunamira barazisenga*. Ni co catumye Yehova abateza ibi vyago vyose+.”» 10  Salomo yamaze imyaka 20 yubaka za nzu zibiri, ni ukuvuga ya nzu ya Yehova n’ikirimba* ciwe+. 11  Muri ico kiringo, Hiramu+ umwami w’i Tiro yarahaye Salomo ibiti vy’amasederi n’ivy’imiberoshi be n’inzahabu zose yipfuza+. Umwami Salomo na we araheza aha Hiramu ibisagara 20 mu karere ka Galilaya. 12  Nuko Hiramu ava i Tiro aja kuraba ivyo bisagara Salomo yamuhaye, ariko ntiyabishima*. 13  Abwira Salomo ati: «Ibi bisagara wampaye ni bwoko ki ga mwenewacu?» Baraheza bavyita akarere ka Kabuli* gushika n’uyu musi. 14  Hiramu yarungikiye umwami italanto* z’inzahabu+ 120. 15  Ng’aya amakuru ajanye n’abo umwami Salomo yahamagaye ngo bakore ibikorwa+ vyo kwubaka inzu ya Yehova+, ikirimba* ciwe, agasozi Milo*+, uruzitiro rwa Yeruzalemu, igisagara ca Hazori+, ica Megido+ n’ica Gezeri+. 16  (Farawo umwami wa Misiri yari yarateye igisagara ca Gezeri aragifata, maze agituriza umuriro, yica n’Abanyakanani+ bakibamwo. Yahavuye agiha umukobwa wiwe+ nk’ingabire* igihe yaja kwubakana na Salomo.) 17  Salomo asubira kwubaka* igisagara ca Gezeri, ica Beti-Horoni y’Epfo+, 18  ica Bayalati+, ica Tamari kiri mu bugaragwa muri ico gihugu, 19  ibisagara vyiwe vyose vyo kubikamwo ibintu, ibisagara vyo kubikamwo imikogote+ n’ibisagara vy’abagendera ku mafarasi. Yubaka n’ivyo yipfuza kwubaka vyose i Yeruzalemu, i Libani n’ahandi hose mu gihugu yaganza. 20  Hari abantu batari abo mu Bisirayeli bari basigaye mu gihugu. Bari Abamori, Abaheti, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+. 21  Abakomotse kuri abo bantu bari basigaye mu gihugu, Abisirayeli ntibari barashoboye kubatikiza. Abo ni bo Salomo yakoresheje ibikorwa vy’agahato, abagira abashumba gushika n’uyu musi+. 22  Ariko mu Bisirayeli nta n’umwe Salomo yagize umushumba+. Bobo yabagize abarwanyi, abasuku, abatware, ibisongerezi, abakuru b’abatwara imikogote n’abakuru b’abagendera ku mafarasi. 23  Salomo yari afise abakuru 550 bajejwe abahagarikira ibikorwa. Ni bo batwara abakozi+. 24  Maze umukobwa wa Farawo+ ava mu gisagara ca Dawidi+, yimukira mu nzu yiwe Salomo yamwubakiye. Salomo araheza yubaka ka gasozi Milo*+. 25  Gatatu mu mwaka+, Salomo yarashikana ibimazi biturirwa n’ibimazi vyo gusangira ku gicaniro yari yarubakiye Yehova+. Yashikana ivyo bimazi kuri ico gicaniro cari imbere ya Yehova, bigafumba umwotsi. Salomo yari yarangije kwubaka inzu y’Imana+. 26  Umwami Salomo akora n’amato* i Eziyoni-Geberi+ hafi y’i Eloti, ku nkengera y’ikiyaga Gitukura, mu gihugu ca Edomu+. 27  Hiramu yararungika abasuku biwe bamenyereye cane ikiyaga, bakaja gukorana n’abasuku ba Salomo kuri ayo mato+. 28  Baraja i Ofiri+, bakagaruka bazaniye umwami Salomo italanto 420 z’inzahabu.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «gukorera.»
Canke «babacako umugani.»
Mu giheburayo havuga ngo «barazikorera.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntivyaba ibibereye mu maso yiwe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «akarere ata co kamaze.»
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
«Milo» ni ijambo ry’igiheburayo risobanura «kwuzuza.» Ni ikintu kimeze nk’agasozi gishobora kuba cubatswe kugira gikingire igisagara.
Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Canke «ingabire y’ubugeni.»
Canke «akomeza.»
«Milo» ni ijambo ry’igiheburayo risobanura «kwuzuza.»
Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.