Abatesalonika ba mbere 1:1-10

  • Indamutso (1)

  • Pawulo ashima kubera ukwizera kw’Abatesalonika (2-10)

1  Jewe Pawulo na Silivano*+ na Timoteyo+, turabandikiye mwebwe shengero ry’Abatesalonika ryunze ubumwe n’Imana ari yo Data hamwe n’Umukama Yezu Kristu. Ubuntu buhebuje* n’amahoro bibane namwe.  Twama dushimira Imana iyo mwese tubashize mu masengesho yacu+,  kuko tuguma twibuka igikorwa mukorana ukwizera, ukuntu mubira akuya bivuye ku rukundo, n’ukuntu mwihangana kubera ko mwizigira+ Umukama wacu Yezu Kristu, imbere y’Imana yacu ikaba na Data.  Bavukanyi, mwebwe mukundwa n’Imana, turazi ko yabatoye  kubera ko inkuru nziza twamamaza tutayibabwiye mu majambo gusa, ariko kandi twayibabwiranye ububasha n’impwemu nyeranda n’ukujijuka gukomeye. Murazi uko twari tumeze iwanyu ku neza yanyu.  Vyongeye, mwaratwiganye+ mwigana n’Umukama+, uravye ukuntu mwemeye rya jambo mu makuba menshi+, mufise umunezero uva ku mpwemu nyeranda,  ku buryo mwabereye akarorero abizera bose b’i Masedwane n’i Akaya.  Mu bisanzwe, ijambo rya Yehova* ntiryakwiragiye gusa i Masedwane n’i Akaya rivuye iwanyu, ahubwo ukwizera Imana kwanyu kwarakwiragiye hose+, ku buryo ata co dukeneye kuvuga.  Kuko bo ubwabo baguma bavuga ukuntu twahuye namwe ari bwo bwa mbere. Baravuga n’ingene mwahevye ibigirwamana vyanyu+ mugahindukirira Imana kugira mushumbire Imana nzima kandi y’ukuri, 10  no kugira ngo murindire ko Umwana wayo, ari we Yezu, aza avuye mw’ijuru+. Yaramuzuye mu bapfuye, akaba ari we adukiza uburake buriko buraza+.

Utujambo tw'epfo

Yitwa kandi Silasi.