Abatesalonika ba mbere 1:1-10
1 Jewe Pawulo na Silivano*+ na Timoteyo+, turabandikiye mwebwe shengero ry’Abatesalonika ryunze ubumwe n’Imana ari yo Data hamwe n’Umukama Yezu Kristu.
Ubuntu buhebuje* n’amahoro bibane namwe.
2 Twama dushimira Imana iyo mwese tubashize mu masengesho yacu+,
3 kuko tuguma twibuka igikorwa mukorana ukwizera, ukuntu mubira akuya bivuye ku rukundo, n’ukuntu mwihangana kubera ko mwizigira+ Umukama wacu Yezu Kristu, imbere y’Imana yacu ikaba na Data.
4 Bavukanyi, mwebwe mukundwa n’Imana, turazi ko yabatoye
5 kubera ko inkuru nziza twamamaza tutayibabwiye mu majambo gusa, ariko kandi twayibabwiranye ububasha n’impwemu nyeranda n’ukujijuka gukomeye. Murazi uko twari tumeze iwanyu ku neza yanyu.
6 Vyongeye, mwaratwiganye+ mwigana n’Umukama+, uravye ukuntu mwemeye rya jambo mu makuba menshi+, mufise umunezero uva ku mpwemu nyeranda,
7 ku buryo mwabereye akarorero abizera bose b’i Masedwane n’i Akaya.
8 Mu bisanzwe, ijambo rya Yehova* ntiryakwiragiye gusa i Masedwane n’i Akaya rivuye iwanyu, ahubwo ukwizera Imana kwanyu kwarakwiragiye hose+, ku buryo ata co dukeneye kuvuga.
9 Kuko bo ubwabo baguma bavuga ukuntu twahuye namwe ari bwo bwa mbere. Baravuga n’ingene mwahevye ibigirwamana vyanyu+ mugahindukirira Imana kugira mushumbire Imana nzima kandi y’ukuri,
10 no kugira ngo murindire ko Umwana wayo, ari we Yezu, aza avuye mw’ijuru+. Yaramuzuye mu bapfuye, akaba ari we adukiza uburake buriko buraza+.