Abatesalonika ba mbere 2:1-20

  • Igikorwa ca Pawulo i Tesalonika (1-12)

  • Abatesalonika baremeye ijambo ry’Imana (13-16)

  • Pawulo akumbuye Abatesalonika (17-20)

2  Mu vy’ukuri bavukanyi, mwebwe ubwanyu murazi yuko urugendo twagize iwanyu rutabaye impfagusa+.  Twabanje gushikirwa n’imibabaro twongera dufatwa nabi bimwe biteye isoni i Filipi+, nk’uko mubizi, mugabo Imana yacu yaradufashije kugira ubutinyutsi* ngo tubabwire inkuru nziza y’Imana+ naho twarwanijwe cane*.  Kuko ivyo tubahimiriza gukora bitava ku kwihenda canke ku buhumane canke ku bubeshi,  ahubwo Imana yabonye ko tubereye kuzezwa inkuru nziza, akaba ari co gituma tutayivuga ngo dushimishe abantu ariko tuyivuga ngo dushimishe Imana yo isuzuma imitima yacu+.  Murazi yuko tutigeze dukoresha amajambo yo kubaryosharyosha canke ngo tubiyereke uko tutari turondera guhisha umwina dufise+. Imana ni yo cabona!  Eka kandi ntitwarondeye gushimagizwa* n’abantu, yaba mwebwe canke abandi, naho twari gushobora kubaremera tubasaba vyinshi kubera turi intumwa za Kristu+.  Ahubwo riho, twabaye abantu bengenga muri mwebwe, nka kurya umuvyeyi yonsa yitwararikana ikibabarwe* umwana wiwe.  Kubera ikibabarwe tubafitiye rero, twari twiyemeje* kutabashikiriza gusa inkuru nziza y’Imana, mugabo tukabaha n’ubuzima bwacu bwite+ kuko twari dusigaye tubakunda cane+.  Bavukanyi, muribuka neza ukuntu twakoze tutiziganya tukabira akuya. Igihe twababwira inkuru nziza y’Imana, twarakora ijoro n’umurango kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe turemera tumusaba vyinshi+. 10  Muri ivyabona, n’Imana ni icabona, yuko twabaye abantu badahemuka, bagororotse kandi batagirako umugayo mu kuntu twabafashe, mwebwe abemera. 11  Murazi yuko twagumye tubahimiriza, tubirura, twongera duhanura umwe wese muri mwebwe+, nk’uko sebibondo+ abigirira abana biwe, 12  kugira ngo mubandanye kugenda nk’uko bibereye abakorera Imana+, yo ibahamagarira Ubwami bwayo+ n’ubuninahazwa bwayo+. 13  Ni co gituma kandi twama dushimira Imana+ kubera ko igihe mwakira ijambo ryayo mwatwumvanye, mutaryemeye nk’ijambo ry’abantu, ahubwo mwaryemeye nk’uko riri koko, nk’ijambo ry’Imana. Ni na ryo ririko rirakorera muri mwebwe abemera. 14  Bavukanyi, mwariganye amashengero y’Imana ari i Yudaya yunze ubumwe na Kristu Yezu, kubera ko mwagiriwe nabi n’abo muva mu gihugu kimwe+, nk’uko n’ab’i Yudaya bariko bagirirwa nabi n’Abayuda, 15  abishe mbere n’Umukama Yezu+ n’abahanuzi, natwe bakaduhama+. Kandi ntibariko bashimisha Imana, ahubwo bariko bononera abantu bose 16  kuko bagerageza kutubuza kubwira inkuru nziza abanyamahanga ngo na bo bakizwe+. Mu gukora ivyo, baguma bongerereza* ibicumuro vyabo. Mugabo uburake bwayo bugira buze bwabashikako+. 17  Mugabo igihe twatandukana namwe akanya gato ga bavukanyi (tugatandukana ku maso atari ku mutima), nta ko tutagize ngo tubabone amaso mu yandi, kubera twari tubishashaye cane. 18  Ni co catumye dushaka kuza iwanyu. Honyene ushima, jewe Pawulo sinagerageje rimwe gusa, nagerageje kabiri, mugabo Shetani yaratuzibiye. 19  None icizigiro cacu canke umunezero wacu canke urugori rwacu ruzotuma twigina imbere y’Umukama wacu Yezu mu gihe c’ukugaruka* kwiwe, si mwebwe+? 20  Mu vy’ukuri ni mwebwe teka* ryacu n’umunezero wacu.

Utujambo tw'epfo

Canke «umutima rugabo.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «twari mu rugamba rukomeye.»
Canke «kuninahazwa.»
Canke «abungabungana urukundo.»
Mu kigiriki havuga ngo «twarahimbawe cane.»
Mu kigiriki havuga ngo «buzuza.»
Canke «ukuhaba.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).
Canke «ni mwebwe buninahazwa.»