Abatesalonika ba mbere 3:1-13

  • Pawulo i Atene, akumbuye Abatesalonika (1-5)

  • Timoteyo azana amakuru aremesha (6-10)

  • Pawulo asengera Abatesalonika (11-13)

3  Igihe rero tutari tugishoboye kuvyihanganira, twabonye ari vyiza ko dusigara twenyene i Atene+,  maze tukabarungikira Timoteyo+, umuvukanyi wacu akaba n’umusuku w’Imana* mu bijanye n’inkuru nziza yerekeye Kristu. Twamurungitse kugira ngo abafashe gushikama* yongere abahoze mu bijanye n’ukwizera kwanyu,  ngo ntihagire n’umwe ahungabanywa* n’ayo makuba, kuko mwebwe ubwanyu muzi ko tubwirizwa gushikirwa n’ivyo bintu*+.  Igihe twari kumwe namwe twahora tubabwira yuko tuzoshikirwa n’amakuba, kandi ni ko vyagenze nk’uko mubizi+.  Ni co gituma igihe ntari ngishoboye kuvyihanganira, narungitse umuntu kugira ngo menye yuko mukiri abizigirwa+, kubera ko hari aho Shetani*+ yoba yarabagerageje, maze akuya twabize kakaba impfagusa.  Mugabo Timoteyo ahejeje gushika iwacu avuye iwanyu+, kandi yatubwiye agakuru keza k’ubwizigirwa bwanyu n’urukundo rwanyu, yuko muguma mutwibukana igishika be n’uko mudukumbuye, nk’uko na twebwe tubakumbuye.  Ni co gituma bavukanyi, twahojejwe mu mibabaro yacu yose* no mu makuba yacu yose kubera mwebwe no kubera ukuntu muguma muri abizigirwa+.  Iyo muhagaze mushikamye mu Mukama bituma turonka intege*.  Mbega twoshimira gute Imana yacu kubera umunezero mwinshi mutuma tugira imbere yayo? 10  Ijoro n’umurango turatakamba twivuye inyuma kugira turabe ko twobabona amaso mu yandi no kugira ngo tubaronse ivyo mubuze mu kwizera kwanyu+. 11  Ese Imana yacu ubwayo ari na yo Data, hamwe n’Umukama wacu Yezu botuma bikunda ko tuza iwanyu. 12  Vyongeye, Umukama natume urukundo mufitaniye+ n’urwo mufitiye abandi bose rugwira, emwe rwongerekane, nk’uko natwe tubakunda cane, 13  kugira ngo atume imitima yanyu ishikama, ibe iyitagira umugayo mu bijanye n’ubweranda imbere y’Imana yacu+ ikaba na Data, mu gihe c’ukugaruka* kw’Umukama wacu Yezu+ ari kumwe n’aberanda biwe bose.

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «umukozi akorana n’Imana.»
Canke «abakomeze.»
Canke «anyiganyizwa.»
Canke «twagenewe ivyo bintu.»
Mu kigiriki havuga ngo «Umugerageji.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu vyo tubuze vyose.»
Mu kigiriki havuga ngo «tubaho.»
Canke «ukuhaba.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).