Ngoma za mbere 15:1-29

  • Abalewi bazana isandugu i Yeruzalemu (1-29)

    • Mikali agaya Dawidi (29)

15  Dawidi abandanya kwiyubakira amazu muri ca gisagara ca Dawidi, ategura n’ahantu isandugu y’Imana y’ukuri izoja be n’ihema izoshirwamwo+.  Ico gihe ni ho Dawidi yavuga ati: «Nta n’umwe akwiye kurerura isandugu y’Imana y’ukuri kiretse Abalewi, kuko ari bo Yehova yatoye ngo baze bararerura isandugu ya Yehova no kugira ngo bame bamukorera+  Maze Dawidi akoraniriza Abisirayeli bose i Yeruzalemu kugira ngo baje kuzana isandugu ya Yehova, bayishire mu kibanza yari yayiteguriye+.  Dawidi akoranya abakomoka kuri Aroni+ n’Abalewi+.  Aba ni bo baje mu Bakohati: umukuru yari Uriyeli na benewabo 120.  Mu Bamerari: umukuru yari Asaya+ na benewabo 220.  Mu Bagerushomu: umukuru yari Yoweli+ na benewabo 130.  Mu bakomoka kuri Elizafani+: umukuru yari Shemaya na benewabo 200.  Mu bakomoka kuri Heburoni: umukuru yari Eliyeli na benewabo 80. 10  Mu bakomoka kuri Uziyeli+: umukuru yari Aminadabu na benewabo 112. 11  Dawidi ahamagara n’abaherezi Sadoki+ na Abiyatari+ n’Abalewi Uriyeli, Asaya, Yoweli, Shemaya, Eliyeli na Aminadabu. 12  Ababwira ati: «Muri abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango w’Abalewi. Mwebwe na benewanyu nimwiyeze, muheze muje kuzana isandugu ya Yehova Imana ya Isirayeli, muyishire mu kibanza nayiteguriye. 13  Kubera ko ubwa mbere atari mwebwe mwayireruye+, Yehova Imana yacu yaciye aturekurirako ishavu ryiwe+. Ivyo vyabaye kubera ko tutarondeye kumenya uburyo bwiza bwo kubikora+ 14  Nuko abaherezi n’Abalewi bariyeza kugira bazane isandugu ya Yehova Imana ya Isirayeli. 15  Maze Abalewi barerura isandugu y’Imana y’ukuri ku bitugu bakoresheje ibibando*+, nk’uko Musa yari yarabitegetse abibwiwe na Yehova. 16  Dawidi aca abwira abakuru b’Abalewi ngo batore abaririmvyi muri benewabo, kugira ngo baririmbe banezerewe bajana n’umuziki w’ibicurarangisho vy’imirya, inanga+ n’ivyuma bisama+. 17  Nuko Abalewi batora muri benewabo Hemani+ mwene Yoweli, Asafu+ mwene Berekiya na Etani+ mwene Kushaya wo mu Bamerari. 18  Bari kumwe na benewabo bo mu mugwi ugira kabiri+, ari bo Zakariya, Beni, Yaziyeli, Shemiramoti, Yehiyele, Uni, Eliyabu, Benaya, Mayaseya, Matitiya, Elifelehu, Mikineya n’abarinzi b’amarembo ari bo Obedi-Edomu na Yeyeli. 19  Abaririmvyi Hemani+, Asafu+ na Etani bahawe kuvuza ivyuma bisama vyo mu mujumpu+. 20  Zakariya, Aziyeli, Shemiramoti, Yehiyele, Uni, Eliyabu, Mayaseya na Benaya bavuza ibicurarangisho vy’imirya baregeye kw’ijwi ryo hejuru*+. 21  Matitiya+, Elifelehu, Mikineya, Obedi-Edomu, Yeyeli na Azaziya bavuza inanga baregeye kw’ijwi ryo hasi*+, kugira ngo bayobore abandi. 22  Kenaniya+ umukuru w’Abalewi ni we yari ajejwe ivyo gutwara isandugu, kuko yari umuhinga. 23  Berekiya na Elikana barinda iyo sandugu. 24  Abaherezi Shebaniya, Yoshafati, Netaneli, Amasayi, Zakariya, Benaya na Eliyezeri bavuza inzumbete n’ijwi rinini imbere y’isandugu y’Imana y’ukuri+. Obedi-Edomu na Yehiya na bo nyene barinda isandugu. 25  Nuko Dawidi n’abashingantahe bo muri Isirayeli n’abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 baja gutora isandugu y’isezerano rya Yehova kwa Obedi-Edomu+ bari mu kanyamuneza+. 26  Imana y’ukuri yarafashije Abalewi bari bareruye isandugu y’isezerano rya Yehova, maze bashikana amashuri indwi n’impfizi z’intama indwi+. 27  Dawidi yari yambaye ikanzu itagira amaboko, ikozwe mu gitambara ciza. Abalewi bose bari bareruye isandugu, abaririmvyi na Kenaniya wa mukuru yari ajejwe abaririmvyi n’ivyo gutwara isandugu, na bo nyene bari bambaye gutyo. Dawidi yari yambaye na efodi* yera+. 28  Abisirayeli bose bariko bazana isandugu y’isezerano rya Yehova bavuza impundu+, inzamba, inzumbete+, ivyuma bisama, bakavuza n’ibicurarangisho vy’imirya be n’inanga+ n’ijwi rinini. 29  Mugabo isandugu ya Yehova ishitse mu gisagara ca Dawidi+, Mikali+ umukobwa wa Sawuli araba hasi ari mw’idirisha. Maze abona umwami Dawidi ariko yikina amatavu, yigina uwo musi. Mikali aca atangura kumugayira mu mutima+.

Utujambo tw'epfo

Canke «iminiho.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuri alamoti.» Raba Insiguro y’amajambo (Alamoti).
Mu giheburayo havuga ngo «kuri sheminiti.» Raba Insiguro y’amajambo (Sheminiti).