Ngoma za mbere 18:1-17

  • Intsinzi za Dawidi (1-13)

  • Abakuru mu ntwaro ya Dawidi (14-17)

18  Mu nyuma, Dawidi atsinda Abafilisitiya+ arabahasha, abatwara igisagara ca Gati+ n’udusagara tuhegukira*.  Dawidi atsinda Abanyamowabu+ maze atangura kubaganza, bakaza baramuzanira ikori*+.  Dawidi atsinda na Hadadezeri+ umwami w’i Zoba+, amutsindira hafi y’i Hamati+. Ico gihe Hadadezeri yari agiye gukomeza ubutegetsi bwiwe mu karere gaherereye ku ruzi Efurate+.  Dawidi amutwara imikogote 1.000, abarwanira ku mafarasi 7.000 n’abarwanira hasi 20.000+. Amafarasi yose akwega imikogote ayavuna amaguru*, asigaza 100 gusa+.  Abasiriya b’i Damasiko baza gutabara Hadadezeri umwami w’i Zoba, mugabo Dawidi yica abasoda b’Abasiriya 22.000+.  Dawidi aca ashira ibirindiro i Damasiko muri Siriya. Abasiriya batangura kuganzwa na we, bakaza baramuzanira ikori. Aho Dawidi yaja hose, Yehova yaramuha intsinzi*+.  Dawidi yaka abantu ba Hadadezeri inkinzo* z’inzahabu bari bafise, azijana i Yeruzalemu.  Dawidi atwara n’ubutare bwinshi cane bw’umujumpu, abukuye mu gisagara ca Tibuhati n’ica Kuni vyegukira Hadadezeri. Ni bwo Salomo yakozemwo ca gitangi c’umujumpu citwa Ikiyaga+, za nkingi n’ibikoresho vy’umujumpu+.  Toyu* umwami w’i Hamati yumvise ko Dawidi yatsinze ingabo zose z’umwami Hadadezeri+ w’i Zoba+, 10  ubwo nyene aca arungika umuhungu wiwe Hadoramu kuramutsa umwami Dawidi no kumukeza kubera yarwanije Hadadezeri akamutsinda (kuko Hadadezeri yakunda kurwana na Toyu). Hadoramu yaje azanye ubwoko bwose bw’ibintu bikozwe mu nzahabu, mw’ifeza no mu mujumpu. 11  Umwami Dawidi avyegurira* Yehova+, nk’uko yabigize kw’ifeza n’inzahabu yakuye muri aya mahanga yose: Abanyedomu, Abanyamowabu, Abamoni+, Abafilisitiya+ n’Abamaleki+. 12  Abishayi+ mwene Zeruwiya+ yishe Abanyedomu 18.000 mu mubande w’Umunyu+. 13  Ashira ibirindiro mu karere ka Edomu maze Abanyedomu bose batangura kuganzwa na Dawidi+. Aho Dawidi yaja hose, Yehova yaramuha intsinzi*+. 14  Dawidi abandanya kuganza Isirayeli yose+. Abo yatwara bose yabatwara neza*, akabatunganiriza+. 15  Yowabu mwene Zeruwiya yari umukuru w’ingabo+, Yehoshafati+ mwene Ahiludi yari umwanditsi w’ivyaja biraba, 16  Sadoki mwene Ahitubu na Ahimeleki mwene Abiyatari bari abaherezi, Shavusha na we akaba umunyamabanga. 17  Benaya mwene Yehoyada ni we yari arongoye Abakereti+ n’Abapeleti*+. Abahungu ba Dawidi ni bo bakurikira havuye umwami.

Utujambo tw'epfo

Canke «tuhakikuje.»
Canke «ikibuguro.» Raba Insiguro y’amajambo (Ikibuguro).
Canke «ayatema ibitsi.»
Canke «yaramukiza.»
Canke «inkinzo z’umuzingi.»
Muri 2Sm 8:9, 10 yitwa Toyi.
Canke «aravyeza abiha.»
Canke «yaramukiza.»
Canke «mu bugororotsi.»
Abakereti n’Abapeleti bacungera Dawidi.