Ngoma za mbere 19:1-19

  • Abamoni batetereza intumwa za Dawidi (1-5)

  • Dawidi atsinda Abamoni n’Abasiriya (6-19)

19  Mu nyuma Nahashi umwami w’Abamoni arapfa, umuhungu wiwe aca atangura kuganza mu kibanza ciwe+.  Maze Dawidi avuga ati: «Nzogirira neza*+ Hanuni mwene Nahashi kubera ko se yangiriye neza.» Dawidi aca arungika intumwa ngo zije kumuhoza kubera yari yabuze se. Abo bantu ba Dawidi bageze mu gihugu c’Abamoni+ guhoza Hanuni,  abakuru b’Abamoni babwira Hanuni bati: «Wibaza ko Dawidi arungitse abaguhoza kugira ngo atere iteka so? Ahubwo abarungitse kugira bihweze neza igisagara, basume urusaku* maze bagutembagaze.»  Hanuni aca afata abo bantu ba Dawidi, abamwa ubwanwa ku ruhande rumwe+ yongera agegenera impuzu zabo ku bisusu, araheza arabarungika.  Umwami Dawidi amenye ivyabashikiye, ubwo nyene aca atuma abaja guhura na bo, kuko bari bateterejwe rwose. Abatuma kubabwira ngo: «Nimugume i Yeriko+ gushika ubwanwa bwanyu busubiye gukura, muheze mugaruke.»  Mu nyuma Abamoni babona yuko basigaye banukira Dawidi. Hanuni n’Abamoni baca barungika intumwa i Mezopotamiya*, i Aramu-Mayaka n’i Zoba+. Bazirungikanye italanto* 1.000 z’ifeza ngo zirondere imikogote n’abarwanira ku mafarasi.  Nuko izo ntumwa zihabwa imikogote 32.000. Zihera n’umwami w’i Mayaka n’ingabo ziwe. Hanyuma baraza bakambika imbere ya Medeba+. Abamoni na bo bava mu bisagara vyabo bakoranira hamwe, bitegurira urugamba.  Dawidi avyumvise, arungika Yowabu+ n’ingabo zose, ari kumwe n’abarwanyi b’intwari kurusha abandi+.  Maze Abamoni barasohoka batonda urugamba imbere y’irembo ry’igisagara. Nayo abami bari baje kubafasha, bari ukwabo mu gahinga. 10  Yowabu abonye ko ibitero biriko bimuturuka imbere n’inyuma, aca afata bamwe mu basoda b’abahizi bo muri Isirayeli, abatondesha urugamba kugira barwane n’Abasiriya+. 11  Abasoda basigaye, abazeza mwenewabo* Abishayi+ kugira ngo abatondeshe urugamba barwane n’Abamoni. 12  Yowabu aca amubwira ati: «Abasiriya+ nibandusha inguvu, uce uza untabare. Nawe Abamoni nibakurusha inguvu ndagutabara. 13  Dukomere kandi tugire umutima rugabo+, turwanire abantu bacu n’ibisagara vy’Imana yacu. Yehova na we araheza akore ico abona ko kibereye.» 14  Nuko Yowabu n’ingabo ziwe baregera kugira batane mu mitwe n’Abasiriya, maze Abasiriya barabahunga+. 15  Abamoni babonye ko Abasiriya bahunze, na bo nyene baca bahunga mwenewabo Abishayi binjira mu gisagara. Yowabu aca asubira i Yeruzalemu. 16  Abasiriya bamaze kubona ko batsinzwe n’Abisirayeli, baca batumako Abasiriya bo mu karere ka rwa ruzi runini*+. Shofaki* umukuru w’ingabo za Hadadezeri ni we yari abarongoye+. 17  Dawidi abimenye, aca akoranya ingabo za Isirayeli zose maze ajabuka Yorodani ashika aho Abasiriya bari. Dawidi n’ingabo ziwe baca batonda urugamba ngo batane mu mitwe n’Abasiriya, Abasiriya na bo batangura kumurwanya+. 18  Mugabo Abasiriya bahunga Abisirayeli. Dawidi yica muri bo abasoda 7.000 batwara imikogote n’abasoda 40.000 barwanira hasi. Yica na Shofaki umukuru w’ingabo zabo. 19  Abatwarwa na Hadadezeri babonye ko batsinzwe n’Abisirayeli+, baca bagirana amasezerano y’amahoro na Dawidi bemera kuganzwa na we+. Abasiriya ntibasubiye kwemera gufasha Abamoni.

Utujambo tw'epfo

Canke «nzokwereka urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «bagitate.»
Mu giheburayo havuga ngo «Aramu-Naharayimu.»
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «abashira mu kuboko kwa mwenewabo.»
Ni uruzi Efurate.
Muri 2Sm 10:16 yitwa Shobaki.