Ngoma za mbere 25:1-31

  • Abacuraranzi n’abaririmvyi bo ku nzu y’Imana (1-31)

25  Vyongeye, Dawidi n’abakuru b’imigwi y’abakora igikorwa co ku rusengero bafata bamwe muri bene Asafu na Hemani na Yedutuni+ babatandukanya n’abandi. Babatandukanije kugira baze baravuga ubuhanuzi bakoresheje inanga n’ibindi bicurarangisho vy’imirya+ be n’ivyuma bisama+. Uru ni rwo rutonde rw’abashinzwe ico gikorwa:  muri bene Asafu hari Zakuri, Yozefu, Netaniya na Asharela. Bene Asafu bari bayobowe na Asafu, uwavuga ubuhanuzi ayobowe n’umwami.  Muri bene Yedutuni+ hari batandatu: Gedaliya, Zeri, Yeshaya, Shimeyi, Hashabiya na Matitiya+. Bayoborwa na se Yedutuni, uwavuga ubuhanuzi akoresheje inanga, agakengurukira Yehova akongera akamushemeza+.  Muri bene Hemani+ hari Bukiya, Mataniya, Uziyeli, Shebuweli, Yerimoti, Hananiya, Hanani, Eliyata, Gidaliti, Romamuti-Ezeri, Yoshibekasha, Maloti, Hotiri na Mahaziyoti.  Abo bose bari bene Hemani. Hemani yamenyesha umwami ivyo Imana y’ukuri yamweretse, bikaninahaza Imana*. Nuko Imana y’ukuri iha Hemani abahungu 14 n’abakobwa 3.  Abo bose bari bayobowe na se mu vyo kuririmba ku nzu ya Yehova bakoresheje ivyuma bisama, ibicurarangisho vy’imirya n’inanga+. Ni co gikorwa bari bajejwe ku nzu y’Imana y’ukuri. Asafu, Yedutuni na Hemani bayoborwa n’umwami.  Bo hamwe na benewabo, bose bari abaririmvyi b’abahanga bamenyerejwe mu vyo kuririmbira Yehova. Bari 288.  Bagira ubupfindo+ kugira babagaburire ibikorwa, yaba umuto canke uwuhambaye, yaba umuhanga canke uwiga.  Ubupfindo bwa mbere bwaguye kuri Yozefu mwene Asafu+. Ubwa kabiri bwaguye kuri Gedaliya+. We na benewabo be n’abahungu biwe bari 12. 10  Ubwa gatatu bwaguye kuri Zakuri+. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 11  Ubwa kane bwaguye kuri Iziri. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 12  Ubwa gatanu bwaguye kuri Netaniya+. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 13  Ubwa gatandatu bwaguye kuri Bukiya. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 14  Ubw’indwi bwaguye kuri Yesharela. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 15  Ubw’umunani bwaguye kuri Yeshaya. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 16  Ubw’icenda bwaguye kuri Mataniya. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 17  Ubw’icumi bwaguye kuri Shimeyi. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 18  Ubwa 11 bwaguye kuri Azareli. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 19  Ubwa 12 bwaguye kuri Hashabiya. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 20  Ubwa 13 bwaguye kuri Shubayeli+. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 21  Ubwa 14 bwaguye kuri Matitiya. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 22  Ubwa 15 bwaguye kuri Yeremoti. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 23  Ubwa 16 bwaguye kuri Hananiya. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 24  Ubwa 17 bwaguye kuri Yoshibekasha. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 25  Ubwa 18 bwaguye kuri Hanani. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 26  Ubwa 19 bwaguye kuri Maloti. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 27  Ubwa 20 bwaguye kuri Eliyata. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 28  Ubwa 21 bwaguye kuri Hotiri. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 29  Ubwa 22 bwaguye kuri Gidaliti+. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 30  Ubwa 23 bwaguye kuri Mahaziyoti+. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 31  Ubwa 24 bwaguye kuri Romamuti-Ezeri+. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «akaduza ihembe ryiwe.» Iyo mvugo isigura kuduza ihembe kugira urivuze, uninahaze Imana.