Ngoma za mbere 27:1-34

  • Abakuru bakorera umwami (1-34)

27  Iyi ni yo yari imigwi y’Abisirayeli yakorera umwami. Yarimwo abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango, abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 n’ab’imigwi y’abantu 100+, hamwe n’abarongozi+. Bitwararika ibintu vyose bijanye n’iyo migwi. Iyo migwi yarakurakuranwa* ku kwezi ku kwezi, mu mezi yose y’umwaka. Umwumwe wose warimwo abantu 24.000.  Uwagaba umugwi wa mbere wakora mu kwezi kwa mbere yari Yashobeyamu+ mwene Zabidiyeli. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000.  Yakomoka kuri Peresi+. Ni we yari umukuru w’abantu bose bahagarikiye imigwi yakora mu kwezi kwa mbere.  Uwagaba umugwi w’abakora mu kwezi kugira kabiri yari Dodayi+ mwene Ahohi+. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000. Mikiloti yari indongozi.  Umukuru w’umugwi wa gatatu w’abakora mu kwezi kugira gatatu yari Benaya+ mwene Yehoyada+ umukuru w’abaherezi. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000.  Uwo Benaya yari umurwanyi w’intwari. Yari muri bamwe mirongo itatu akaba n’umukuru wabo. Mu mugwi yagaba, umuhungu wiwe Amizabadi yari umutware.  Umukuru w’umugwi wa kane w’abakora mu kwezi kugira kane yari Asaheli+ mwenewabo na Yowabu+. Yasubiriwe n’umuhungu wiwe Zebadiya. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000.  Umukuru w’umugwi wa gatanu w’abakora mu kwezi kugira gatanu yari Shamuhuti Umwizirahi. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000.  Umukuru w’umugwi wa gatandatu w’abakora mu kwezi kugira gatandatu yari Ira+ mwene Ikeshi w’i Tekowa+. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000. 10  Umukuru w’umugwi w’indwi w’abakora mu kwezi kugira indwi yari Helesi+ Umupeloni wo mu Befurayimu. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000. 11  Umukuru w’umugwi w’umunani w’abakora mu kwezi kugira umunani yari Sibekayi+ Umuhusha wo muri bene Zera+. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000. 12  Umukuru w’umugwi w’icenda w’abakora mu kwezi kugira icenda yari Abiyezeri+ w’i Anatoti+ akomoka mu Babenyamini. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000. 13  Umukuru w’umugwi w’icumi w’abakora mu kwezi kugira cumi yari Maharayi+ w’i Netofa wo muri bene Zera+. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000. 14  Umukuru w’umugwi wa 11 w’abakora mu kwezi kugira 11 yari Benaya+ w’i Piratoni akomoka mu Befurayimu. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000. 15  Umukuru w’umugwi wa 12 w’abakora mu kwezi kugira 12 yari Heludayi w’i Netofa, akomoka kuri Otiniyeli. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000. 16  Aba ni bo bari indongozi mu miryango ya Isirayeli: mu muryango wa Rubeni indongozi yari Eliyezeri mwene Zikiri. Mu muryango wa Simeyoni yari Shefatiya mwene Mayaka. 17  Mu muryango wa Lewi yari Hashabiya mwene Kemuweli. Mu bakomoka kuri Aroni yari Sadoki. 18  Mu muryango wa Yuda yari Elihu+, umwe muri benewabo na Dawidi. Mu muryango wa Isakari yari Omuri mwene Mikayeli. 19  Mu muryango wa Zabuloni yari Ishimaya mwene Obadiya. Mu muryango wa Nafutali yari Yerimoti mwene Aziriyeli. 20  Mu muryango wa Efurayimu yari Hosheya mwene Azaziya. Mu gice c’umuryango wa Manase yari Yoweli mwene Pedaya. 21  Mu gice c’umuryango wa Manase c’i Gileyadi yari Ido mwene Zakariya. Mu muryango wa Benyamini yari Yasiyeli mwene Abuneri+. 22  Mu muryango wa Dani yari Azareli mwene Yerohamu. Abo ni bo bari abatware b’imiryango ya Isirayeli. 23  Ariko Dawidi ntiyaharuye abari bafise imyaka iva kuri 20 kumanuka kuko Yehova yari yarasezeranye kugwiza Abisirayeli nk’inyenyeri zo kw’ijuru+. 24  Yowabu mwene Zeruwiya yari yatanguye guharura, mugabo ntiyarangiza. Imana yarashavuriye Abisirayeli* kubera ico gikorwa co guharura+ kandi igitigiri c’abaharuwe nticanditswe mu nkuru zivuga ivyabaye mu gihe c’umwami Dawidi. 25  Uwari ajejwe ububiko bw’itunga ry’umwami+ yari Azimaveti mwene Adiyeli. Yonatani mwene Uziya ni we yari ajejwe ibigega vyo mu gihugu hagati, mu bisagara, mu bigwati no mu minara. 26  Uwari ajejwe abarimyi yari Eziri mwene Kelubu. 27  Uwari ajejwe imirima y’imizabibu yari Shimeyi w’i Rama. Uwari ajejwe ibigega vy’umuvinyu wavuye mu nzabibu bimbuye yari Zabidi w’i Shefamu*. 28  Uwari ajejwe imirima y’imyelayo* n’ibiti vy’imisukomora+ vyari mu karere ka Shefela+ yari Bayali-Hanani w’i Gederi*. Uwari ajejwe ibigega vy’amavuta yari Yowasi. 29  Uwari ajejwe amasho y’inka yarisha i Sharoni+ yari Shiturayi w’i Sharoni. Uwari ajejwe amasho y’inka yo mu biyaya yari Shafati mwene Adulayi. 30  Uwari ajejwe ingamiya yari Obili Umwishimayeli. Uwari ajejwe indogobwa* yari Yehideya w’i Meronoti. 31  Uwari ajejwe amasho y’intama n’impene yari Yazizi Umuhaguri. Abo bose bari abakuru bajejwe amatungo y’umwami Dawidi. 32  Yonatani+ umuhungwabo na Dawidi yari umujanama wiwe akaba n’umunyamabanga. Yari umugabo w’ubwenge. Yehiyele mwene Hakimoni yari ajejwe abana b’umwami+. 33  Ahitofeli+ yari umujanama w’umwami, Hushayi+ Umwaruki akaba umugenzi* w’umwami. 34  Yehoyada mwene Benaya+ na Abiyatari+ ni bo basubiriye Ahitofeli. Yowabu+ yari umukuru w’ingabo z’umwami.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «yarinjira ikongera igasohoka.»
Mu giheburayo havuga ngo «ishavu ryaje kuri Isirayeli.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «Sifumoti.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «Gedera.»
Imyelayo bayita kandi olive.
Mu giheburayo havuga ngo «indogobwa z’ingore.»
Canke «somambike.»