Ngoma za mbere 3:1-24

  • Abakomoka kuri Dawidi (1-9)

  • Abami bakomotse kuri Dawidi (10-24)

3  Aba ni bo bahungu Dawidi yavyariye i Heburoni+: imfura yari Amunoni+. Nyina yitwa Ahinowamu+ w’i Yezireli. Uwa kabiri yari Daniyeli. Nyina yitwa Abigayili+ w’i Karumeli.  Uwa gatatu yari Abusalomu+ yavyawe na Mayaka. Mayaka yari umukobwa wa Talimayi umwami w’i Geshuri. Uwa kane yari Adoniya+ yavyawe na Hagita.  Uwa gatanu yari Shefatiya. Nyina yitwa Abitali. Uwa gatandatu yari Itireyamu yavyawe n’umugore wa Dawidi yitwa Egila.  Abo batandatu yabavyariye i Heburoni. Yamaze imyaka 7 n’amezi 6 aganza ari aho i Heburoni, amara n’imyaka 33 aganza ari i Yeruzalemu+.  Aba ni bo yavyariye i Yeruzalemu+: Shimeya, Shobabu, Natani+ na Salomo+. Abo uko ari bane bavyawe na Batisheba+ umukobwa wa Amiyeli.  Abandi bahungu icenda ba Dawidi bari Ibuhari, Elishama, Elifeleti,  Noga, Nefegi, Yafiya,  Elishama, Eliyada na Elifeleti.  Abo bose bari abahungu ba Dawidi udashizemwo abo yavyaye ku ncoreke. Mushiki wabo yitwa Tamari+. 10  Salomo yavyaye Rehobowamu+, Rehobowamu avyara Abiya+, Abiya avyara Asa+, Asa avyara Yehoshafati+, 11  Yehoshafati avyara Yehoramu+, Yehoramu avyara Ahaziya+, Ahaziya avyara Yehowasi+, 12  Yehowasi avyara Amaziya+, Amaziya avyara Azariya+, Azariya avyara Yotamu+, 13  Yotamu avyara Ahazi+, Ahazi avyara Hezekiya+, Hezekiya avyara Manase+, 14  Manase avyara Amoni+, Amoni avyara Yosiya+. 15  Abahungu ba Yosiya bari aba: imfura yari Yohanani, uwa kabiri Yehoyakimu+, uwa gatatu Zedekiya+, uwa kane Shalumu. 16  Umuhungu wa Yehoyakimu yari Yekoniya+. Yekoniya na we yavyaye Zedekiya. 17  Abandi bahungu Yekoniya yavyaye igihe yari imbohe ni Shalutiyeli, 18  Malikiramu, Pedaya, Shenazari, Yekamiya, Hoshama na Nedabiya. 19  Abahungu ba Pedaya bari Zerubabeli+ na Shimeyi. Aba Zerubabeli na bo bari Meshulamu na Hananiya (mushiki wabo yitwa Shelomiti). 20  Yari afise n’abandi bahungu batanu ari bo Hashuba, Oheli, Berekiya, Hasadiya na Yushabu-Hesedi. 21  Abahungu ba Hananiya bari Pelatiya na Yeshaya. Umuhungu* wa Yeshaya yari Refaya, umuhungu* wa Refaya yari Arunani, umuhungu* wa Arunani yari Obadiya, umuhungu* wa Obadiya yari Shekaniya. 22  Abakomoka kuri Shekaniya* bari Shemaya n’abahungu ba Shemaya ari bo Hatushi, Igali, Bariya, Neyariya na Shafati. Bose hamwe bari batandatu. 23  Abahungu ba Neyariya bari batatu: Eliyowenayi, Hizikiya na Azirikamu. 24  Abahungu ba Eliyowenayi bari indwi: Hodaviya, Eliyashibu, Pelaya, Akubu, Yohanani, Delaya na Anani.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu ba Shekaniya.»