Ngoma za mbere 6:1-81

  • Abakomoka kuri Lewi (1-30)

  • Abaririmvyi bo ku rusengero (31-47)

  • Abakomoka kuri Aroni (48-53)

  • Aho Abalewi bahawe kuba (54-81)

6  Abahungu ba Lewi+ bari Gerushoni, Kohati+ na Merari+.  Abahungu ba Kohati bari Amuramu, Izihari+, Heburoni na Uziyeli+.  Abana* ba Amuramu+ bari Aroni+, Musa+ na Miriyamu+. Abahungu ba Aroni bari Nadabu, Abihu+, Eleyazari+ na Itamari+.  Eleyazari yavyaye Finehasi+, Finehasi avyara Abishuwa.  Abishuwa yavyaye Buki, Buki avyara Uzi.  Uzi yavyaye Zerahiya, Zerahiya avyara Merayoti.  Merayoti yavyaye Amariya, Amariya avyara Ahitubu+.  Ahitubu yavyaye Sadoki+, Sadoki avyara Ahimasi+.  Ahimasi yavyaye Azariya, Azariya avyara Yohanani. 10  Yohanani yavyaye Azariya. Yari umuherezi mu rusengero* Salomo yubatse i Yeruzalemu. 11  Azariya yavyaye Amariya, Amariya avyara Ahitubu. 12  Ahitubu yavyaye Sadoki+, Sadoki avyara Shalumu. 13  Shalumu yavyaye Hilikiya+, Hilikiya avyara Azariya. 14  Azariya yavyaye Seraya+, Seraya avyara Yehozadaki+. 15  Yehozadaki yajanywe mu bunyagano igihe Yehova yatwara mu bunyagano abo mu Buyuda n’i Yeruzalemu biciye kuri Nebukadinezari. 16  Abahungu ba Lewi bari Gerushomu*, Kohati na Merari. 17  Aya ni yo mazina y’abahungu ba Gerushomu: Libuni na Shimeyi+. 18  Abahungu ba Kohati bari Amuramu, Izihari, Heburoni na Uziyeli+. 19  Abahungu ba Merari bari Mahili na Mushi. Iyi ni yo yari imiryango y’Abalewi hisunzwe amazina ya ba sekuruza+: 20  Abahungu ba Gerushomu+ bari aba: Gerushomu yavyaye Libuni, Libuni avyara Yahati, Yahati avyara Zima, 21  Zima avyara Yowa, Yowa avyara Ido, Ido avyara Zera, Zera avyara Yeyaterayi. 22  Abahungu ba Kohati* bari aba: Kohati yavyaye Aminadabu, Aminadabu avyara Kora+, Kora avyara Asiri, 23  Asiri avyara Elikana, Elikana avyara Ebiyasafu+, Ebiyasafu avyara Asiri, 24  Asiri avyara Tahati, Tahati avyara Uriyeli, Uriyeli avyara Uziya, Uziya na we avyara Shawuli. 25  Abahungu ba Elikana bari Amasayi na Ahimoti. 26  Abahungu ba Elikana* bari aba: Elikana yavyaye Zofayi, Zofayi avyara Nahati, 27  Nahati avyara Eliyabu, Eliyabu avyara Yerohamu, Yerohamu avyara Elikana+. 28  Abahungu ba Samweli+ bari aba: imfura yari Yoweli, uwa kabiri yari Abiya+. 29  Abahungu ba Merari* bari aba: Merari yavyaye Mahili+, Mahili avyara Libuni, Libuni avyara Shimeyi, Shimeyi avyara Uza, 30  Uza avyara Shimeya, Shimeya avyara Hagiya, Hagiya na we avyara Asaya. 31  Aba ni bo Dawidi yajeje ibanga ryo kuyobora abaririmvyi bo ku nzu ya Yehova, aho isandugu y’Imana imariye gushirwayo+. 32  Ni bo bari bajejwe ivyo kuririmba kw’ihema ryeranda ari ryo hema ry’ibonaniro, gushika igihe Salomo yubaka inzu ya Yehova i Yeruzalemu+. Igikorwa bari bajejwe bagikora nk’uko babisabwa+. 33  Abakora ico gikorwa hamwe n’abahungu babo bari aba: mu Bakohati hari umuririmvyi Hemani+. Hemani yari umuhungu wa Yoweli+, Yoweli wa Samweli, 34  Samweli wa Elikana+, Elikana wa Yerohamu, Yerohamu wa Eliyeli, Eliyeli wa Towa, 35  Towa wa Zufi, Zufi wa Elikana, Elikana wa Mahati, Mahati wa Amasayi, 36  Amasayi wa Elikana, Elikana wa Yoweli, Yoweli wa Azariya, Azariya wa Zefaniya, 37  Zefaniya wa Tahati, Tahati wa Asiri, Asiri wa Ebiyasafu, Ebiyasafu wa Kora, 38  Kora wa Izihari, Izihari wa Kohati, Kohati wa Lewi, Lewi wa Isirayeli. 39  Mwenewabo Asafu+ yahagarara iburyo bwiwe. Asafu yari umuhungu wa Berekiya, Berekiya wa Shimeya, 40  Shimeya wa Mikayeli, Mikayeli wa Bayaseya, Bayaseya wa Malikiya, 41  Malikiya wa Etini, Etini wa Zera, Zera wa Adaya, 42  Adaya wa Etani, Etani wa Zima, Zima wa Shimeyi, 43  Shimeyi wa Yahati, Yahati wa Gerushomu, Gerushomu wa Lewi. 44  Benewabo bakomoka kuri Merari+ bahagarara ibubamfu*. Hari Etani+ umuhungu wa Kishi, Kishi wa Abudi, Abudi wa Maluku, 45  Maluku wa Hashabiya, Hashabiya wa Amaziya, Amaziya wa Hilikiya, 46  Hilikiya wa Amusi, Amusi wa Bani, Bani wa Shemeri, 47  Shemeri wa Mahili, Mahili wa Mushi, Mushi wa Merari, Merari wa Lewi. 48  Abalewi benewabo ni bo bari bashinzwe* ibikorwa vyose vyo kw’ihema ryeranda, ari yo nzu y’Imana y’ukuri+. 49  Aroni n’abahungu biwe+ baratanga ibimazi bigafumba umwotsi, bakabitangira ku gicaniro c’amashikanwa aturirwa+ no ku gicaniro c’imibavu+. Bakora ibikorwa bijanye n’ibintu vyeranda cane, bisunze ivyo Musa umusavyi w’Imana y’ukuri yari yarategetse vyose, kugira Abisirayeli bababarirwe ibicumuro vyabo*+. 50  Abakomoka kuri Aroni+ bari aba: Aroni yavyaye Eleyazari+, Eleyazari avyara Finehasi, Finehasi avyara Abishuwa, 51  Abishuwa avyara Buki, Buki avyara Uzi, Uzi avyara Zerahiya, 52  Zerahiya avyara Merayoti, Merayoti avyara Amariya, Amariya avyara Ahitubu+, 53  Ahitubu avyara Sadoki+, Sadoki avyara Ahimasi. 54  Aha ni ho Abalewi baba kandi ni ho bashinze amakambi* mu karere bahawe: ubupfindo bwa mbere bwaguye ku bakomoka kuri Aroni b’Abakohati, 55  bahabwa Heburoni+ mu Buyuda, n’amatongo yo kuragiramwo ahakikuje. 56  Mugabo akarere gakikuje ico gisagara n’ibigwati bihegereye babihaye Kalebu+ mwene Yefune. 57  Ibi ni vyo bisagara* vy’ubuhungiro+ vyahawe abakomoka kuri Aroni: Heburoni+, Libuna+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Yatiri+, Eshitemowa n’amatongo yaho yo kuragiramwo+, 58  Hilene n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Debiri+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 59  Ashani+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Beti-Shemeshi+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo. 60  Mu karere k’umuryango wa Benyamini bahawe Geba+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Alemeti n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Anatoti+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Ibisagara vyose vyahawe imiryango yabo vyari 13+. 61  Abakohati basigaye baronse* ibisagara cumi bikuwe ku gice c’umuryango wa Manase+ no ku yindi miryango. 62  Imiryango y’Abagerushomu yahawe ibisagara 13 bikuwe ku muryango wa Isakari, uwa Asheri, uwa Nafutali no muri Bashani mu karere kegukira umuryango wa Manase+. 63  Imiryango y’Abamerari yahawe ibisagara 12 bikuwe ku muryango wa Rubeni, uwa Gadi n’uwa Zabuloni+. 64  Abisirayeli rero baha Abalewi ivyo bisagara n’amatongo yavyo yo kuragiramwo+. 65  Babahaye n’ibisagara bikuwe ku muryango wa Yuda, ku wa Simeyoni no ku wa Benyamini. Ivyo bisagara biravugwa amazina kandi babihawe biciye ku bupfindo. 66  Akarere imiryango imwimwe y’Abakohati yaronse, kari kagizwe n’ibisagara vyakuwe ku muryango wa Efurayimu+. 67  Ibi ni vyo bisagara* vy’ubuhungiro babahaye: Shekemu+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo mu karere k’imisozi ka Efurayimu, Gezeri+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 68  Yokimeyamu n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Beti-Horoni+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 69  Ayaloni+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Gati-Rimoni+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo. 70  Abasigaye bo mu miryango y’Abakohati bahawe ibi bisagara: Aneri n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Bileyamu n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyakuwe ku gice c’umuryango wa Manase. 71  Ibi ni vyo bisagara Abagerushomu baronse bikuwe ku gice c’umuryango wa Manase: Golani+ mu karere ka Bashani n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Ashitaroti n’amatongo yaho yo kuragiramwo+. 72  Ivyo baronse bikuwe ku muryango wa Isakari ni Kedeshi n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Daberati+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo+, 73  Ramoti n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Anemu n’amatongo yaho yo kuragiramwo. 74  Ivyo baronse bikuwe ku muryango wa Asheri ni Mashali n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Abudoni n’amatongo yaho yo kuragiramwo+, 75  Hukoki n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Rehobu+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo. 76  Ivyo baronse bikuwe ku muryango wa Nafutali ni Kedeshi+ i Galilaya+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Hamoni n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Kiriyatayimu n’amatongo yaho yo kuragiramwo. 77  Ibi ni vyo bisagara Abamerari basigaye baronse bikuwe ku muryango wa Zabuloni+: Rimono n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Tabora n’amatongo yaho yo kuragiramwo. 78  Bararonse n’ibisagara bikuwe ku muryango w’Abarubeni mu karere ka Yorodani, hafi ya Yeriko mu buseruko bwa Yorodani. Ivyo bisagara ni Bezeri mu gahinga n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Yahazi+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 79  Kedemoti+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo be na Mefati n’amatongo yaho yo kuragiramwo. 80  Ivyo baronse bikuwe ku muryango wa Gadi ni Ramoti i Gileyadi n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Mahanayimu+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 81  Heshiboni+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Yazeri+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»
Ku murongo wa 1 yitwa Gerushoni.
Canke «abakomoka kuri Kohati.»
Aratandukanye na Elikana avugwa ku murongo wa 25.
Canke «abakomoka kuri Merari.»
Ni ukuvuga ibubamfu bwa Hemani.
Canke «bari batanzwe ngo bakore.»
Canke «batangirwe impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).
Canke «amakambi azitijwe impome.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «igisagara» twisunze Yos 21:13.
Canke «bahawe biciye ku bupfindo.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «igisagara» twisunze Yos 21:21.