Ngoma za mbere 9:1-44

  • Amamuko y’abagarutse bavuye mu bunyagano (1-34)

  • Abakomotse kuri Sawuli basubira kuvugwa (35-44)

9  Abisirayeli bose banditswe hakurikijwe amamuko yabo, bandikwa mu Gitabu c’abami ba Isirayeli. Abantu bo mu Buyuda batwawe mu bunyagano i Babiloni kubera ubuhemu bwabo+.  Mu bagarutse ubwa mbere bagasubira kuba mu matongo yabo mu bisagara vyabo, harimwo Abisirayeli, abaherezi, Abalewi n’abakora ibikorwa vyo ku rusengero*+.  Hari abakomoka mu muryango wa Yuda+, uwa Benyamini+, uwa Efurayimu n’uwa Manase bagiye kuba i Yeruzalemu. Bari aba:  Utayi umuhungu wa Amihudi, Amihudi wa Omuri, Omuri wa Imuri, Imuri wa Bani. Abo bakomoka kuri Peresi+ umuhungu wa Yuda.  Mu bakomoka kuri Shela hari imfura yiwe Asaya n’abahungu biwe.  Mu bakomoka kuri Zera+ hari Yehuweli na benewabo 690.  Mu bakomoka kuri Benyamini hari Salu umuhungu wa Meshulamu, Meshulamu wa Hodaviya, Hodaviya wa Hasenuwa,  Ibuneya wa Yerohamu, Ela wa Uzi, Uzi wa Mikiri, na Meshulamu wa Shefatiya, Shefatiya wa Ruweli, Ruweli wa Ibuniya.  Benewabo hisunzwe urutonde rw’amamuko yabo bari 956. Abo bose bari abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bavamwo. 10  Mu baherezi hari Yedaya, Yehoyaribu, Yakini+, 11  Azariya umuhungu wa Hilikiya, Hilikiya wa Meshulamu, Meshulamu wa Sadoki, Sadoki wa Merayoti, Merayoti wa Ahitubu indongozi mu nzu* y’Imana y’ukuri. 12  Hari na Adaya wa Yerohamu, Yerohamu wa Pashuri, Pashuri wa Malikiya, Mayasayi wa Adiyeli, Adiyeli wa Yahizera, Yahizera wa Meshulamu, Meshulamu wa Meshilemiti, Meshilemiti wa Imeri, 13  na benewabo. Bari abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bavamwo bakaba n’abagabo b’intwari kandi bashoboye ibikorwa, biteguriye igikorwa co ku nzu y’Imana y’ukuri. Igitigiri cabo cari 1.760. 14  Mu Balewi hari Shemaya+ umuhungu wa Hashubu, Hashubu wa Azirikamu, Azirikamu wa Hashabiya. Bakomoka kuri Merari. 15  Hari na Bakibakari, Hereshi, Galali, Mataniya wa Mika, Mika wa Zikiri, Zikiri wa Asafu, 16  Obadiya wa Shemaya, Shemaya wa Galali, Galali wa Yedutuni, na Berekiya wa Asa, Asa wa Elikana, yaba mu bigwati vy’Abanyanetofa+. 17  Abarinda amarembo+ bari Shalumu, Akubu, Talimoni na Ahimani. Uwo mwenewabo Shalumu ni we yari umukuru 18  kandi yahora arinda irembo ry’umwami ryo mu buseruko+. Abo ni bo barinda amakambi y’Abalewi. 19  Shalumu umuhungu wa Kore, Kore wa Ebiyasafu, Ebiyasafu wa Kora, hamwe na benewabo ni bo bari bahagarikiye ibikorwa vy’abarinzi b’imiryango y’ihema. Shalumu n’abo benewabo bava mu muryango wa bene Kora. Ba se bari bajejwe ikambi ya Yehova, bakaba barinda ubwinjiriro bwayo. 20  Finehasi+ mwene Eleyazari+ ni we yahora ari indongozi yabo kandi Yehova yari kumwe na we. 21  Zakariya+ mwene Meshelemiya yarinda ubwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro. 22  Abatowe bose ngo babe abarinzi b’amarembo bari 212. Ibibanza babamwo vyisunga urutonde rwerekana amamuko yabo+. Dawidi na Samweli, umwe yahishurirwa n’Imana*+, ni bo babajeje iryo banga ry’abizigirwa. 23  Bo hamwe n’abahungu babo bari bajejwe amarembo y’inzu ya Yehova+ n’ay’ihema ryeranda*. 24  Abo barinzi b’amarembo bari mu mpande zine: mu buseruko, mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko+. 25  Benewabo baza baraza gukorana na bo bavuye iyo baba, bakamarana imisi indwi. 26  Hariho abakuru* bane b’abarinzi b’amarembo bajejwe ibanga ry’abizigirwa. Bari Abalewi, bakaba bari bajejwe ivyumba vy’urusengero* n’ububiko bw’itunga ry’inzu y’Imana y’ukuri+. 27  Barara ku birindiro vyabo bakikuje inzu y’Imana y’ukuri kuko bari bashinzwe igikorwa co kuharinda. Kandi ni bo bari bajejwe urupfunguruzo, bakama bugurura uko bukeye. 28  Bamwe muri bo bari bajejwe ibikoresho+ bikoreshwa mu bijanye no gusenga. Igihe cose babisohoye canke bavyinjije barabiharura. 29  Hari abari bajejwe ibindi bikoresho, ibikoresho vyeranda vyose+, ifu inoze+, umuvinyu+, amavuta+, imibavu*+ n’amavuta amota neza*+. 30  Bamwe mu bahungu b’abaherezi bari bajejwe gukora uruvange rw’amavuta amota neza*. 31  Matitiya wo mu Balewi yari ajejwe ibanga ry’abizigirwa, akaba yari ashinzwe ibintu vyokejwe mu mapanu+. Yari imfura ya Shalumu, uwakomoka kuri Kora. 32  Bamwe muri benewabo b’Abakohati bari bajejwe ya mikate igerekeranye*+. Ni bo bayitegura buri sabato+. 33  Abo bari abaririmvyi bakaba n’abakuru b’imiryango mikurumikuru y’Abalewi. Baba bari mu vyumba vy’urusengero*. Bari barakuweko ayandi mabanga kubera bategerezwa gukora igikorwa bashinzwe ku murango no mw’ijoro. 34  Abo bose bari abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango w’Abalewi hakurikijwe amamuko yabo. Bari abakuru kandi baba i Yeruzalemu. 35  Yeyeli se wa Gibeyoni yaba i Gibeyoni+. Umugore wiwe yitwa Mayaka. 36  Umuhungu wiwe w’imfura yari Abudoni, agakurikirwa na Zuri, Kishi, Bayali, Neri, Nadabu, 37  Gedori, Ahiyo, Zakariya na Mikuloti. 38  Mikuloti yavyaye Shimeyamu. Bose babana na benewabo i Yeruzalemu, hafi ya benewabo bandi. 39  Neri+ yavyaye Kishi, Kishi avyara Sawuli+, Sawuli avyara Yonatani+, Malikishuwa+, Abinadabu+ na Eshibayali. 40  Yonatani yavyaye Meribu-Bayali+, Meribu-Bayali avyara Mika+. 41  Abahungu ba Mika bari Pitoni, Meleki, Tahireya na Ahazi. 42  Ahazi yavyaye Yara, Yara avyara Alemeti, Azimaveti na Zimuri. Zimuri yavyaye Moza, 43  Moza avyara Bineya, Bineya avyara Refaya, Refaya avyara Eleyasa, Eleyasa avyara Azeli. 44  Azeli yavyaye abahungu batandatu ari bo b’aba: Azirikamu, Bokeru, Ishimayeli, Sheyariya, Obadiya na Hanane. Abo bari abahungu ba Azeli.

Utujambo tw'epfo

Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»
Canke «mu rusengero.»
Mu giheburayo havuga ngo «Samweli uwubona.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu y’ihema.»
Canke «uburiro.»
Mu giheburayo havuga ngo «abanyenkomezi.»
Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).
Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).
Canke «amavuta yo gusomora.»
Ni imikate y’ishikanwa.
Canke «mu buriro.»