Samweli wa mbere 11:1-15

  • Sawuli atsinda Abamoni (1-11)

  • Basubira kumenyesha ko Sawuli ari umwami (12-15)

11  Maze Nahashi Umwamoni+ araduga akambika hafi y’i Yabeshi+ mu karere ka Gileyadi ngo ahatere. Abagabo bose b’i Yabeshi baca babwira Nahashi bati: «Girana isezerano natwe uheze utuganze.»  Nahashi Umwamoni abishura ati: «Ndagirana isezerano namwe nimwemera ko mwese ndabanogora ijisho ry’iburyo, kugira ntetereze Abisirayeli bose.»  Abashingantahe b’i Yabeshi na bo basubizayo bati: «Duhe imisi indwi turungike intumwa mu karere kose ka Isirayeli. Nitutaronka uwudutabara, tuzoca twishikana.»  Amaherezo nya ntumwa zishika i Gibeya+ aho Sawuli yaba* maze zibwira abantu ayo majambo. Abantu bose baca bararira, baraboroga cane.  Maze Sawuli arashika avuye mu mirima ayoboye inka. Abaza ati: «Habaye iki ko abantu bariko bararira?» Nuko bamwiganira ivyo abagabo b’i Yabeshi bavuze.  Sawuli yumvise ayo majambo, impwemu y’Imana ica imuha inkomezi+, maze arurumba ishavu.  Afata rero impfizi zibiri arazikatagura, maze ibihimba vyazo abirungikana intumwa mu karere kose ka Isirayeli. Izo ntumwa zagenda zibwira abantu ziti: «Uku ni ko tuzogira inka z’umuntu wese atazokurikira Sawuli na Samweli.» Nuko abantu bagira ubwoba buvuye kuri Yehova baca bakoranira hamwe bahuje inama*.  Sawuli abaharurira i Bezeki. Hari abagabo 30.000 bo mu muryango wa Yuda n’abagabo 300.000 bo mu yindi miryango ya Isirayeli.  Babwira rero intumwa zari zavuye i Yabeshi bati: «Gende mubwire abagabo b’i Yabeshi mu karere ka Gileyadi ko ejo mu masasita* bazoba batabawe.» Nuko nya ntumwa ziragenda zibimenyesha abagabo b’i Yabeshi, na bo baranezerwa cane. 10  Abagabo b’i Yabeshi babwira rero Abamoni bati: «Ejo tuzokwishikana, mutugire uko mugomba+ 11  Ku musi ukurikira, Sawuli agabura abantu mu migwi itatu. Hanyuma binjira mw’ikambi y’Abamoni mw’iterama ryo mu gitondo*, bica Abamoni+ gushika mu masasita*. Abacitse kw’icumu barashwiragiye, umwe wese ahunga ukwiwe. 12  Abantu rero babwira Samweli bati: «Ba bantu bavuze ko badashaka ko Sawuli atuganza bari he+? Nimubaduhe tubice.» 13  Mugabo Sawuli avuga ati: «Uyu musi nta muntu aza kwicwa+, kuko uyu musi Yehova yatabaye Isirayeli.» 14  Mu nyuma Samweli abwira abantu ati: «Ingo tuje i Gilugali+ dusubire tumenyeshe ko Sawuli ari umwami+ 15  Nuko abantu bose baja i Gilugali, bimika Sawuli imbere ya Yehova aho i Gilugali. Hanyuma batanga ibimazi vyo gusangira ng’aho imbere ya Yehova+. Sawuli n’Abisirayeli bose bagira umusi mukuru baranezerwa cane+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «i Gibeya ha Sawuli.»
Mu giheburayo havuga ngo «nk’umuntu umwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «izuba rikaze.»
Canke «ku murango izuba rikaze.»
Ni ukuvuga nk’isaha 8 z’ijoro gushika 12 z’agatondo.