Samweli wa mbere 3:1-21

  • Samweli atorwa ngo abe umuhanuzi (1-21)

3  Muri ico gihe, wa muhungu Samweli yakorera+ Yehova ahagarikiwe na Eli. Mugabo muri iyo misi, ijambo rya Yehova ryari risigaye ari imbonekarimwe, no kwerekwa+ ntivyaba kenshi.  Umusi umwe, Eli yari aryamye aho yama aryama. Amaso yiwe yari yatanguye guhuma, atakibona neza+.  Itara ry’Imana+ ntiryari bwazime, Samweli na we yari aryamye mu rusengero*+ rwa Yehova, aho isandugu y’Imana yari.  Yehova ahamagara rero Samweli, na we avuga ati: «Sabwe.»  Maze yiruka iyo Eli ari, amubwira ati: «Wari umpamagaye, nditavye.» Mugabo Eli avuga ati: «Sinaguhamagaye. Subira kuryama.» Nuko asubira kuryama.  Yehova yongera guhamagara ati: «Samweli!» Samweli aca aravyuka aja iyo Eli ari, amubwira ati: «Wari umpamagaye, nditavye.» Mugabo Eli avuga ati: «Sinaguhamagaye mwana, subira kuryama.»  (Samweli rero ntiyari bwamenye Yehova, kandi ntiyari bwatangure guhishurirwa ijambo rya Yehova+.)  Yehova yongera guhamagara ubugira gatatu ati: «Samweli!» Aca aravyuka aja iyo Eli ari, avuga ati: «Wari umpamagaye, nditavye.» Nuko Eli atahura yuko Yehova ari we yariko arahamagara uwo muhungu.  Abwira rero Samweli ati: «Genda uryame, maze niyaguhamagara uvuge uti: “Mbwira Yehova, kuko jewe umusavyi wawe ndaguteze yompi.”» Samweli aca asubira kuryama. 10  Nuko Yehova araza, yongera guhamagara Samweli ati: «Samweli, Samweli!» Samweli aca yishura ati: «Numbwire, jewe umusavyi wawe ndaguteze yompi.» 11  Yehova aca abwira Samweli ati: «Ehe ngira nkore ikintu muri Isirayeli, uwuzocumva wese akaba azogwa mu gahundwe*+. 12  Kuri uwo musi nzokorera Eli n’umuryango* wiwe ivyo navuze vyose ku biberekeye, kuva ku ca mbere gushika ku ca nyuma+. 13  Umubwire yuko ngiye gushitsa urubanza ntabanduka naciriye umuryango wiwe kubera ikosa azi neza+, kuko abahungu biwe batuka* Imana+ yamara ntabakosore+. 14  Ni co gituma narahiye umuryango wa Eli yuko ata kimazi canke ishikanwa bizogenda bikuyeho ikosa ryabo+ 15  Samweli araryama gushika mu gitondo. Maze yugurura imiryango y’inzu ya Yehova, ariko atinya kwiganira Eli ivyo yari yeretswe. 16  Nuko Eli ahamagara Samweli ati: «Mwananje Samweli!» Na we ati: «Sabwe.» 17  Amubaza ati: «Bwa bundi yakubwiye iki? Ndagusavye ntihagire ico umpisha. Imana izobiguhanire bimwe bikomeye, niwagira ico umpisha mu vyo yakubwiye vyose.» 18  Samweli amwiganira rero vyose, ntiyamuhisha na kimwe. Eli aca avuga ati: «Yehova ni we yabivuze. Nakore ivyo abona ko ari vyiza.» 19  Samweli abandanya gukura, kandi Yehova ubwiwe abana na we+. Mu vyo yavuga vyose, nta na kimwe Imana yareka ngo kigende kidashitse*. 20  Abisirayeli bose, kuva i Dani gushika i Beri-Sheba, bamenya yuko Samweli yari yagenywe kuba umuhanuzi wa Yehova. 21  Yehova abandanya kubonekera i Shilo, kuko ari ho Yehova yihishurira Samweli. Yehova yamwihishurira biciye ku vyo yamubwira+.

Utujambo tw'epfo

Ni ukuvuga rya hema ryeranda.
Mu giheburayo havuga ngo «azokwumva iminzerere mu matwi.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «bavuma.»
Mu giheburayo havuga ngo «nta na kimwe cakorokera hasi.»