Abami ba kabiri 17:1-41

  • Hosheya, umwami wa Isirayeli (1-4)

  • Isirayeli itemba (5, 6)

  • Abisirayeli batwarwa mu bunyagano kubera ubuhuni (7-23)

  • Abanyamahanga bazanwa ngo babe i Samariya (24-26)

  • Abasamariya bavangatiranya ivy’ugusenga (27-41)

17  Mu mwaka ugira 12 Ahazi umwami w’Ubuyuda aganza, ni ho Hosheya+ mwene Ela yaba umwami wa Isirayeli i Samariya. Yamaze imyaka icenda aganza.  Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi, ariko ntiyashikiriye abami ba Isirayeli baganje imbere yiwe.  Igihe kimwe, Shalumaneseri umwami wa Ashuri yaraje kumutera+, maze Hosheya yemera kuganzwa na we, atangura no kumuha ikori*+.  Ariko umwami wa Ashuri amenya ko Hosheya yariko ategura umugambi mubi. Nkako, hari intumwa Hosheya yari yarungitse gutabaza ku mwami wa Misiri yitwa So+, kandi ntiyari akirungikira ikori umwami wa Ashuri nko mu myaka y’imbere y’aho. Umwami wa Ashuri ni kwo guca amuta mw’ibohero, amugumizayo aboshe.  Nuko umwami wa Ashuri atera igihugu cose, amara imyaka itatu yugarije Samariya.  Mu mwaka ugira icenda Hosheya aganza, ni ho umwami wa Ashuri yafata Samariya+. Yaciye atwara Abisirayeli mu bunyagano+ i Ashuri, abajana kuba i Hala n’i Habori hafi y’uruzi Gozani+ no mu bisagara vy’Abamedi+.  Ivyo vyabaye kubera yuko Abisirayeli bari bacumuye ku Mana yabo Yehova yabakuye mu gihugu ca Misiri, ikabakiza Farawo umwami wa Misiri+. Baratanguye gusenga* izindi mana+,  bakurikiza imigenzo y’amahanga Yehova yari yaromoye akabisa Abisirayeli be n’imigenzo yatangujwe n’abami ba Isirayeli.  Abisirayeli bagumye bakora ivyo Imana yabo Yehova ibona ko ari bibi. Bagumye bubaka ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana* mu bisagara vyabo vyose+, kuva ku minara y’inderetsi gushika ku bisagara bikingijwe ibihome*. 10  Bagumye bishingira inkingi nyeranda z’amabuye* n’iz’ibiti+ ku mirambi miremire yose no munsi y’ibiti vyose bitotahaye+. 11  Mu bibanza vyabo vyose vyo gusengeramwo bagumye bahatangira ibimazi bigafumba umwotsi. Biganye amahanga Yehova yari yaromoye akababisa+. Bagumye bakora ibintu vy’ububisha kugira ngo bababaze Yehova. 12  Bagumye basenga* ibigirwamana bisesemye*+ kandi Yehova yari yarabihanije ngo ntibabisenge+. 13  Yehova yagumye aburira Isirayeli n’Ubuyuda biciye ku bahanuzi biwe bose no ku basavyi biwe bose bamenyesha ivyo beretswe+. Yababwira ati: «Nimureke gukora ibintu vy’ububisha+. Nimugamburuke amabwirizwa yanje n’ivyagezwe vyanje, mukurikize amategeko yose nahaye ba sogokuruza, na mwebwe nkayabaha biciye ku basavyi banje b’abahanuzi.» 14  Mugabo ntibumvirije. Bagumye ari intagondwa nka ba sekuruza* batizeye Yehova Imana yabo+. 15  Bagumye banka gukurikiza amategeko yiwe n’isezerano+ yagiranye na ba sekuruza be n’ivyibutswa yari yarabahaye kugira ababurire+. Bagumye basenga ibigirwamana vy’imburakimazi+, na bo nyene basigara ari imburakimazi+. Biganye amahanga yari abakikuje kandi Yehova yari yarabategetse ngo ntibayigane+. 16  Bagumye barenga ku mabwirizwa yose Yehova Imana yabo yabahaye, bakora ibishusho bibiri vy’inyana bikozwe mu cuma*+, n’inkingi nyeranda y’igiti*+, bunamira ingabo zose zo kw’ijuru*+ bongera basenga Bayali+. 17  Baranaturiye abahungu babo n’abakobwa babo babatangako ibimazi*+, bararagura+ bongera barapfumura*. Bagumye bakora* ivyo Yehova abona ko ari bibi kugira ngo bamubabaze. 18  Yehova yaciye ashavurira cane Abisirayeli, bituma abomora bamuva imbere+. Abo mu muryango wa Yuda ni bo gusa basigaye. 19  N’abo mu muryango wa Yuda ntibagamburutse amabwirizwa ya Yehova Imana yabo+, kandi bakurikije imigenzo y’Abisirayeli+. 20  Nuko Yehova aheba abakomoka kuri Isirayeli bose, arabacisha bugufi, areka abasahuzi barabasahura gushika abomoye bakamuva imbere. 21  Yashikuye Isirayeli ku muryango wa Dawidi, maze Abisirayeli bimika Yerobowamu mwene Nebati aba umwami wabo+. Mugabo Yerobowamu yatumye Abisirayeli bareka gukorera Yehova, abakoresha igicumuro gikomeye. 22  Nuko Abisirayeli baguma bakora ibicumuro vya Yerobowamu vyose+. Bagumye babikora 23  gushika Yehova abomoye bakamuva imbere nk’uko yari yarabivuze biciye ku basavyi biwe bose b’abahanuzi+. Abisirayeli bakurwa rero mu gihugu cabo, bajanwa mu bunyagano i Ashuri+, kandi ni yo bakiri gushika n’uyu musi. 24  Umwami wa Ashuri araheza azana abantu akuye i Babiloni, i Kuta, i Ava, i Hamati n’i Sefaruvayimu+, abashira mu bisagara vy’i Samariya ngo babibemwo mu gishingo c’Abisirayeli. Maze abo bantu bigarurira Samariya bibera mu bisagara vyaho. 25  Igihe batangura kubayo, ntibatinya* Yehova. Yehova yaciye abarungikamwo intambwe+ maze zica bamwe muri bo. 26  Nuko bamenyesha umwami wa Ashuri bati: «Abantu bo mu mahanga atandukanye wazanye ari inyagano ngo babe mu bisagara vy’i Samariya ntibazi ingene basenga Imana yaho*. Ni co gituma iguma ibarungikamwo intambwe zikabica, kubera ko ata n’umwe muri bo azi ingene basenga Imana yaho.» 27  Umwami wa Ashuri aca ategeka ati: «Nimufate umwe mu baherezi baho mwajanye mu bunyagano, mumusubizeyo aje kubayo maze abigishe ingene basenga Imana yaho.» 28  Nuko umwe mu baherezi bari barakuwe i Samariya bakajanwa mu bunyagano agaruka kuba i Beteli+, hanyuma atangura kubigisha ingene bakwiye gusenga* Yehova+. 29  Mugabo abantu bo muri ayo mahanga bahingura ibishusho vy’imana zabo bivanye n’ihanga bavamwo, babishira mu tuzu two mu bibanza basengeramwo twubatswe n’abahora baba i Samariya. Ukwo ni ko abo bantu bo mu mahanga atandukanye bagize mu bisagara babamwo. 30  Abava i Babiloni bahinguye Sukoti-Benoti, ab’i Kuta bahingura Nerugali, ab’i Hamati+ bahingura Ashima, 31  ab’i Ava na bo bahingura Nibuhazi na Tarutaki. Ab’i Sefaruvayimu baturiza umuriro abana babo, bakabashikanira imana z’i Sefaruvayimu+ zitwa Adurameleki na Anameleki. 32  Naho batinya Yehova, bafata abantu basanzwe bakabagira abaherezi bo mu bibanza basengeramwo. Abo baherezi ni bo babakorera muri twa tuzu two mu bibanza vyo gusengeramwo+. 33  Baratinya Yehova mugabo bagasenga imana zabo bwite, bakurikije uburyo bwo gusenga* bw’amahanga bari barakuwemwo+. 34  Gushika n’uyu musi baracasenga nk’uko bahora*. Nta n’umwe muri bo asenga* Yehova kandi nta n’umwe akurikiza ivyagezwe vyiwe, ingingo yashinze, amategeko be n’amabwirizwa Yehova yahaye abakomoka* kuri Yakobo, uwo yise Isirayeli+. 35  Igihe Yehova yagirana isezerano n’Abisirayeli+, yabategetse ati: «Ntimuze mutinye izindi mana, kandi ntimuze muzunamire canke ngo muzisenge* canke ngo muzishikanire ibimazi+. 36  Jewe Yehova, nabaduganye ndabakuye mu gihugu ca Misiri nkoresheje ububasha buhambaye n’ukuboko gukomeye*+. Ni jewe rero mukwiye gutinya+, ni je mukwiye kwunamira, kandi ni jewe mukwiye gushikanira ibimazi. 37  Muze mwame mukurikiza neza ivyagezwe vyanje, ingingo nashinze, amategeko, n’amabwirizwa nabandikiye+, kandi ntimuze mutinye izindi mana. 38  Ntimuze mwibagire isezerano nagiranye namwe+ kandi ntimuze mutinye izindi mana. 39  Jewe Yehova Imana yanyu aze abe ari jewe mutinya, kuko ari jewe nzobakiza abansi banyu bose.» 40  Ariko abantu bo muri ayo mahanga ntibagamburutse. Bagumye basenga nk’uko bahora*+. 41  Baratinya Yehova+ ariko kandi bagasenga* ibishusho vyabo bibajwe. Abana babo n’abuzukuru babo bagumye bigana ba sekuruza gushika n’uyu musi.

Utujambo tw'epfo

Canke «ikibuguro.» Raba Insiguro y’amajambo (Ikibuguro).
Mu giheburayo havuga ngo «gutinya.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Ni ukuvuga ahantu hose, haba ari ahantu haba abantu bake canke benshi.
Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»
Mu giheburayo havuga ngo «bakorera.»
Mu giheburayo havuga ngo «badadaza izosi ryabo nk’izosi rya ba se.»
Canke «mu cuma bashongesheje.»
Izo ngabo ni izuba, ukwezi, inyenyeri n’ibindi bisyo vyo mu kirere.
Canke «barondera ibimenyetso bibafasha kumenya kazoza.»
Mu giheburayo havuga ngo «barigurishije ngo bakore.»
Mu giheburayo havuga ngo «baracishije mu murimo abahungu babo n’abakobwa babo.»
Canke «ntibasenga.»
Canke «ntibazi imigenzo y’idini Imana yaho yemera.»
Mu giheburayo havuga ngo «gutinya.»
Canke «bakurikije imigenzo y’idini.»
Canke «baracakurikiza imigenzo y’idini bahoramwo.»
Mu giheburayo havuga ngo «atinya.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «muzikorere.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuramvuye.»
Canke «bakurikiza imigenzo y’idini bahoramwo.»
Mu giheburayo havuga ngo «bagakorera.»