Abami ba kabiri 18:1-37

  • Hezekiya, umwami w’Ubuyuda (1-8)

  • Incamake y’ingene Isirayeli yatemvye (9-12)

  • Senakeribu atera Ubuyuda (13-18)

  • Rabushake acokora Yehova (19-37)

18  Hezekiya+ mwene Ahazi+ umwami w’Ubuyuda yabaye umwami mu mwaka ugira gatatu Hosheya+ mwene Ela umwami wa Isirayeli aganza.  Yari afise imyaka 25 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 29 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Abi*, akaba yari umukobwa wa Zakariya+.  Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse+, nka sekuruza Dawidi+.  Ni we yakuyeho vya bibanza vyo gusengeramwo*+, amenagura inkingi nyeranda z’amabuye, atemagura n’inkingi nyeranda y’igiti*+. Yarajanjaguye na ya nzoka y’umujumpu Musa yari yarahinguye+ kuko gushika ico gihe, Abisirayeli bari bakiyishikanira ibimazi, bigafumba umwotsi. Yahora yitwa ikigirwamana c’inzoka c’umujumpu*.  Hezekiya yarizigira Yehova+ Imana ya Isirayeli. Nta n’umwe yari ameze nka we mu bami bose b’Ubuyuda baganje inyuma yiwe canke imbere yiwe.  Yarumiye kuri Yehova+, aguma amugamburukira. Yagumye akurikiza amabwirizwa Yehova yari yarahaye Musa.  Kandi Yehova yari kumwe na we. Ivyo yakora vyose yabikorana ubukerebutsi*. Yaragararije umwami wa Ashuri, yanka kuganzwa na we+.  Vyongeye yaratsinze Abafilisitiya+ gushika i Gaza no mu turere tuhakikuje, kuva ku minara y’inderetsi gushika ku bisagara bikingijwe ibihome*.  Mu mwaka ugira kane umwami Hezekiya aganza, ni ukuvuga mu mwaka ugira indwi Hosheya+ mwene Ela umwami wa Isirayeli aganza, Shalumaneseri umwami wa Ashuri aduga gutera Samariya, arahugariza+. 10  Bafata Samariya+ haheze imyaka itatu. Hari mu mwaka ugira gatandatu Hezekiya aganza, ni ukuvuga mu mwaka ugira icenda Hosheya umwami wa Isirayeli aganza. 11  Maze umwami wa Ashuri ajana Abisirayeli mu bunyagano+ i Ashuri. Abajana kuba i Hala n’i Habori hafi y’uruzi Gozani no mu bisagara vy’Abamedi+. 12  Ivyo vyabaye kubera yuko Abisirayeli batumvirije Yehova Imana yabo, baguma barenga kw’isezerano bagiranye, ni ukuvuga ibintu vyose Musa umusavyi wa Yehova yari yarabategetse+. Ntibumvirije canke ngo bagamburuke. 13  Mu mwaka ugira 14 umwami Hezekiya aganza, Senakeribu umwami wa Ashuri+ aja gutera ibisagara vyose vy’Ubuyuda bikingijwe ibihome, arabifata+. 14  Hezekiya umwami w’Ubuyuda aca arungika intumwa i Lakishi kubwira umwami wa Ashuri ngo: «Naragize nabi. Ndagusavye usubire inyuma, ureke kuntera. Ico unsaba cose nzokiguha.» Nuko umwami wa Ashuri ategeka ko Hezekiya umwami w’Ubuyuda amuha italanto* 300 z’ifeza n’italanto 30 z’inzahabu. 15  Hezekiya atanga rero ifeza zose zari mu nzu ya Yehova no mu bubiko bw’itunga ry’inzu* y’umwami+. 16  Nuko Hezekiya umwami w’Ubuyuda akurako* imiryango y’urusengero+ rwa Yehova n’ibishimaryango we ubwiwe yari yarahometseko inzahabu+, araheza abiha umwami wa Ashuri. 17  Maze umwami wa Ashuri arungika Tarutani*, Rabusarisi* na Rabushake* i Yeruzalemu kuraba umwami Hezekiya bari kumwe n’ingabo nyinshi. Bava i Lakishi+, baduga i Yeruzalemu+. Bashitseyo, bahagarara iruhande y’umugende w’ikidengeri co haruguru uri iruhande y’ibarabara rikuru rija kw’itongo ry’umumesuzi+. 18  Baca bahamagara umwami, ariko haza Eliyakimu+ mwene Hilikiya yari ajejwe ivyo ku kirimba*, n’umunyamabanga Shebuna+ na Yowa mwene Asafu, umwanditsi w’ivyaja biraba. 19  Rabushake ababwira rero ati: «Ndabasavye mubwire Hezekiya muti: “Umwami ahambaye, umwami wa Ashuri, avuze ati: ‘Ivyizigiro vyawe bishingiye ku ki+? 20  Uvuga uti: “Ndafise ubuhinga bwo kurwana n’ingabo zishoboye urugamba.” Ako ni akarimi gusa. Wizigiye nde, aho wubahuka kungarariza+? 21  Wizigiye Misiri kandi ari irenga rijanjaguritse+? Umuntu aryishimikije rica rimutobora ikiganza. Ukwo ni ko Farawo umwami wa Misiri amerera abamwizigira bose. 22  Mumbwiye na ho ko mwizigiye Imana yanyu Yehova+, kwoba ari ukwihenda. Mbega Hezekiya si we yakuyeho ibibanza vyo kuyisengeramwo n’ibicaniro vyayo+, agaca abwira abo mu Buyuda n’i Yeruzalemu ati: “Muzoze murunamira Imana imbere y’iki gicaniro kiri i Yeruzalemu+”?’” 23  Nimba uri umugabo Hezekiya, ndagusavye wemeranye iki kintu* na databuja umwami wa Ashuri: reka nguhe amafarasi 2.000 turabe ko uronka abasoda bakwiye boyagenderako+. 24  Ahantu wizigira imikogote yo mu Misiri n’abasoda baho bagendera ku mafarasi, wumva woshobora gute gutsinda? Na buramatari umwe gusa wo hasi mu basuku ba databuja ntiwomutsinda. 25  Ugira ngo naduze gutera aha hantu ngo ndahatikize ata ruhusha ruvuye kuri Yehova mfise? Yehova ubwiwe yambwiye ati: “Duga utere ico gihugu, ugitikize.”» 26  Eliyakimu mwene Hilikiya na Shebuna+ na Yowa baca babwira Rabushake+ bati: «Turagusavye databuja, uvugane natwe mu giharameya*+, turacumva. Reka kutubwira mu kiyuda* imbere y’aba bantu bahagaze ku ruzitiro+ 27  Mugabo Rabushake abishura ati: «Mbega mwibaza ko databuja yantumye kubwira aya majambo mwe na shobuja gusa? Erega yantumye kubibwira n’abo bagabo bahagaze ku ruzitiro, bazohava barya umwanda wabo mukuru, bakanywa n’umwanda wabo mutoyi cokimwe namwe.» 28  Rabushake aca asemerera mu kiyuda ati: «Nimwumve ivyo umwami ahambaye avuze, umwami wa Ashuri+. 29  Umwami avuze ati: “Hezekiya ntabahende, kuko adashobora kuntsinda ngo abakize+. 30  Kandi Hezekiya ntabahende ngo mwizigire Yehova, ababwira ngo: ‘Yehova ntazobura kudukiza, kandi umwami wa Ashuri ntazogenda afashe iki gisagara+.’ 31  Ntimwumvirize Hezekiya. Umwami wa Ashuri avuze ati: ‘Nimwemere mwishikane tubane amahoro. Umwe wese muri mwebwe azoheza arye ku muzabibu wiwe no ku giti ciwe c’umusukoni, anywe n’amazi yo mw’itangi ryiwe, 32  gushika nje nkabatwara mu gihugu kimeze nk’igihugu canyu+. Ni igihugu cuzuyemwo intete n’umuvinyu mushasha, imikate n’imirima y’imizabibu, ibiti vy’imyelayo n’ubuki. Muzoheza mubeho ntimupfe. Ntimwumvirize Hezekiya kuko abahenda ngo: “Yehova azodukiza.” 33  Mbega mu mana zose z’amahanga, hari n’imwe yashoboye gukingira igihugu cayo ngo ntigifatwe n’umwami wa Ashuri? 34  Imana z’i Hamati+ n’i Arupadi ziri hehe? Iz’i Sefaruvayimu+, i Hena n’i Iva zozo ziri hehe? Zoba zarakingiye Samariya sindahafate+? 35  Mu mana zose z’amahanga, ni iyihe yakingiye igihugu cayo ngo sindagifate? None Yehova wewe, mwibaza ko azokingira Yeruzalemu ngo sindahafate+?’”» 36  Mugabo ntihagira n’uwukurako umunwa ngo agire ico amwishuye, kuko umwami yari yabategetse ati: «Ntihagire ico mumwishura+ 37  Maze Eliyakimu mwene Hilikiya yari ajejwe ivyo ku kirimba*, n’umunyamabanga Shebuna na Yowa mwene Asafu, umwanditsi w’ivyaja biraba, baja kuraba Hezekiya bitaburiyeko impuzu, bamwiganira ivyo Rabushake yavuze.

Utujambo tw'epfo

Ni izina «Abiya» rivunaguye.
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Canke «yahora yitwa Nehushitani.»
Canke «ubwenge.»
Ni ukuvuga ahantu hose, haba ari ahantu haba abantu bake canke benshi.
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ikirimba.»
Mu giheburayo havuga ngo «acacura.»
Canke «umukuru w’ingabo.»
Canke «umwishikira mukuru wo ku kirimba.»
Canke «umukuru w’abahereza ibinyobwa umwami.»
Canke «ivyo mu rugo rw’umwami.»
Canke «upinge», «uhige.»
Canke «mu gisiriya.»
Ni ukuvuga igiheburayo.
Canke «ivyo mu rugo rw’umwami.»