Abami ba kabiri 20:1-21

  • Hezekiya arwara hanyuma agakira (1-11)

  • Intumwa zaje ziva i Babiloni (12-19)

  • Urupfu rwa Hezekiya (20, 21)

20  Muri iyo misi, Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa+. Nuko umuhanuzi Yesaya mwene Amozi aza kumuraba, amubwira ati: «Yehova avuze ati: “Tunganya ivyo mu rugo rwawe* kuko ugiye gupfa. Ntuzokira+.”»  Hezekiya aca arahindukira arabana n’uruhome, asenga Yehova ati:  «Ndagusavye Yehova, ni ukuri ndakwinginze, wibuke ingene nagukoreye* ntahemuka kandi n’umutima wanje wose, nkakora ivyo ubona ko ari vyiza+.» Maze Hezekiya atangura kurira cane.  Yesaya ataranashika ku mbuga yo hagati ku kirimba, Yehova amubwira+ ati:  «Subira inyuma ubwire Hezekiya indongozi y’abantu banje uti: “Yehova Imana ya sogokuruza Dawidi avuze ati: ‘Numvise isengesho ryawe, ndabona n’amosozi yawe+. Ngira ndagukize+. Hirya y’ejo* uzoduga uje ku nzu ya Yehova+.  Nzokwongera imyaka 15 yo kubaho, kandi wewe n’iki gisagara nzobakiza umwami wa Ashuri+. Nzorwanira iki gisagara ku bwanje no ku bw’umusavyi wanje Dawidi+.’”»  Yesaya aca avuga ati: «Nimuzane insukoni zumye zibumbabumvye.» Nuko barazizana bazishira ku gihute, maze Hezekiya atangura gutora mitende+.  Hezekiya yari yabajije Yesaya ati: «Ikimenyetso+ kinyereka yuko Yehova azonkiza be n’uko hirya y’ejo* nzoduga nkaja ku nzu ya Yehova ni ikihe?»  Yesaya yaciye amwishura ati: «Ikimenyetso kivuye kuri Yehova kikwereka ko Yehova azoshitsa ivyo avuze ni iki: ushaka ko igitutu co ku ngazi* kija imbere intambuko cumi canke ko gisubira inyuma intambuko cumi+ 10  Hezekiya na we amubwira ati: «Biroroshe ko igitutu kija imbere intambuko cumi, mugabo ntivyoroshe ko gisubira inyuma intambuko cumi.» 11  Umuhanuzi Yesaya yaciye rero atakambira Yehova, na we atuma igitutu co ku ngazi za Ahazi gisubira inyuma intambuko cumi+. 12  Ico gihe umwami wa Babiloni Berodaki-Baladani mwene Baladani arungikira Hezekiya amakete n’ingabire, kuko yari yumvise ko Hezekiya yarwaye+. 13  Nuko Hezekiya yakira* abantu uwo mwami yatumye, maze abereka ububiko bw’itunga ryiwe ryose+: uri ifeza, inzahabu, amavuta amota neza* n’ayandi mavuta y’agaciro, ibirwanisho vyiwe n’ibindi bintu vyose yari atunze. Nta na kimwe Hezekiya ataberetse mu nzu yiwe* no mu bwami bwiwe bwose. 14  Inyuma y’ivyo, umuhanuzi Yesaya aja kuraba umwami Hezekiya, amubaza ati: «Abo bantu bavuze iki? Mbe hoho baje bava he?» Hezekiya yishura ati: «Baje bavuye mu gihugu ca kure, i Babiloni+ 15  Yesaya aca amubaza ati: «Ni ibiki babonye mu nzu yawe?» Hezekiya yishura ati: «Babonye ibintu vyose biri mu nzu yanje. Nta na kimwe ntaberetse mu vyo ntuze.» 16  Nuko Yesaya abwira Hezekiya ati: «Niwumve ivyo Yehova avuze+: 17  “Mu misi iri imbere, ibiri mu nzu yawe vyose n’ibintu vyose ba sogokuruza bawe barundanije gushika n’uyu musi, bizotwarwa i Babiloni+. Nta na kimwe kizosigara. Ni jewe Yehova ndabivuze. 18  Kandi bamwe mu bahungu uzovyara, bazotwarwa babe abakozi bo ku kirimba c’umwami wa Babiloni+.”» 19  Hezekiya yishura Yesaya ati: «Ijambo rya Yehova umbwiye ni ryiza+.» Yongerako ati: «Kazima hazoba hari amahoro n’umutekano* igihe nzoba nkiriho*+ 20  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Hezekiya, ni ukuvuga ububasha bwose yerekanye n’ingene yubatse ikidengeri+ n’umugende akazana amazi mu gisagara+, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. 21  Nuko Hezekiya arapfa+, maze umuhungu wiwe Manase+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «nuhe amategeko urugo rwawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «nagendeye imbere yawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku musi ugira gatatu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku musi ugira gatatu.»
Izo ngazi bashobora kuba barazirabirako aho amasaha ageze, bafatiye ku gitutu.
Canke «yumviriza.»
Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).
Canke «ku kirimba iwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu misi yanje.»
Canke «ukuri.»