Abami ba kabiri 21:1-26

  • Manase, umwami w’Ubuyuda. Yarasheshe amaraso (1-18)

    • Yeruzalemu izosangangurwa (12-15)

  • Amoni, umwami w’Ubuyuda (19-26)

21  Manase+ yari afise imyaka 12 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 55 aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Hefuziba.  Yakoze ivyo Yehova abona ko ari bibi, yigana imigenzo ishisha y’amahanga+ Yehova yari yaromoye akabisa Abisirayeli+.  Yasubiye kwubaka ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana* se Hezekiya yari yarakuyeho+, yubaka n’ibicaniro vya Bayali, yongera ahingura inkingi nyeranda y’igiti*+ nk’uko Ahabu umwami wa Isirayeli yari yarabigize+. Yarunamira n’ingabo zose zo kw’ijuru* akazisenga*+.  Yarubatse n’ibicaniro mu nzu ya Yehova+ kandi ku vyerekeye iyo nzu, Yehova yari yaravuze ati: «I Yeruzalemu ni ho hazokwitirirwa izina ryanje+  Yarubakiye ibicaniro n’ingabo zose zo kw’ijuru+, avyubaka mu bigo bibiri vy’inzu ya Yehova+.  Yaranaturiye umuhungu wiwe bwite amutangako ikimazi*, akora ivy’amageza, aja mu vy’ubupfumu*+, ashiraho abakora ivyo guhanuza abapfuye*, ashiraho na ba rumenyi+. Akora ku rugero runini ivyo Yehova abona ko ari bibi, kugira ngo amubabaze.  Vyongeye, igishusho ca ya nkingi nyeranda y’igiti+ yari yahinguye agishira mu nzu y’Imana kandi Yehova yari yarabwiye Dawidi n’umuhungu wiwe Salomo ku bijanye n’iyo nzu ati: «Muri iyi nzu no mu gisagara ca Yeruzalemu natoye mu miryango yose ya Isirayeli, hazokwama hitirirwa izina ryanje+.  Kandi sinzokwongera gutuma Abisirayeli bava mu gihugu nahaye ba sekuruza+, nibakurikiza neza amabwirizwa yose nabahaye+, bakisunga amategeko yose umusavyi wanje Musa yabategetse kwubahiriza.»  Ariko ntibagamburutse, kandi Manase yagumye abosha nabi, atuma bakora ibibi biruta ivyakorwa n’amahanga Yehova yazimanganije igihe Abisirayeli binjira mu gihugu+. 10  Yehova yaguma avuga biciye ku basavyi biwe b’abahanuzi+ ati: 11  «Manase umwami w’Ubuyuda aguma akora ivyo bintu biteye ishishi. Akora ibintu vy’ububisha biruta ivyo Abamori+ bose babayeho imbere yiwe bakoze+, agatuma n’abantu bo mu Buyuda bacumura kubera ibigirwamana vyiwe bisesemye*. 12  Ni co gituma jewe Yehova Imana ya Isirayeli mvuze nti: “Ngira nzane ivyago kuri Yeruzalemu+ n’Ubuyuda ku buryo uwuzovyumva wese iminzerere izomuvugira mu matwi+. 13  Kandi nzopimisha Yeruzalemu umugozi+ napimishije Samariya+, nkoreshe n’inivo* nakoresheje ku muryango wa Ahabu+. Nzokwoza Yeruzalemu nk’uko umuntu yoza ibakure agaca ayubika+. 14  Nzoheba amasigarira y’abantu banje*+ ndabatange ku bansi babo. Abansi babo bose bazobasahura bongere babatware ari inyagano+, 15  kubera ko bakoze ivyo mbona ko ari bibi, bakaguma bambabaza kuva umusi ba sekuruza bava mu Misiri gushika n’uyu musi+.”» 16  Manase yarasheshe n’amaraso menshi cane y’abantu ata co bazira, Yeruzalemu yose ayuzuza amaraso+. Ivyo vyaje vyiyongera ku gicumuro yakwegeyemwo abo mu Buyuda bagakora ivyo Yehova abona ko ari bibi. 17  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Manase, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose n’ibicumuro yakoze, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. 18  Nuko Manase arapfa, bamuhamba ku rugo iwe mu murima wahora ari uwa Uza+, maze umuhungu wiwe Amoni atangura kuganza mu kibanza ciwe. 19  Amoni+ yari afise imyaka 22 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka ibiri aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Meshulemeti, akaba yari umukobwa wa Haruzi w’i Yotiba. 20  Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi nka se Manase+. 21  Yagumye akora nk’ivyo se yakoze vyose, agasenga* ibigirwamana bisesemye se yahora asenga, akavyunamira+. 22  Nuko aheba Yehova Imana ya ba sekuruza, ntiyakora ivyo Yehova agomba*+. 23  Mu nyuma abasuku ba Amoni bategura umugambi wo kumugirira nabi, maze bamwicira mu nzu iwe. 24  Mugabo abanyagihugu bica abantu bose bari muri uwo mugambi wo kwica umwami Amoni, maze bimika umuhungu wiwe Yosiya ngo aganze mu kibanza ciwe+. 25  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Amoni, ni ukuvuga ivyo yakoze, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. 26  Nuko bamuhamba mu mva yiwe mu murima wa Uza+, umuhungu wiwe Yosiya+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Izo ngabo ni izuba, ukwezi, inyenyeri n’ibindi bisyo vyo mu kirere.
Mu giheburayo havuga ngo «akazikorera.»
Mu giheburayo havuga ngo «yaracishije mu muriro umuhungu wiwe.»
Canke «arondera ibimenyetso bimufasha kumenya kazoza.»
Raba Insiguro y’amajambo (Uwuhanuza abapfuye).
Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»
Canke «karisho.» Wari umugozi uriko akantu karemereye kenena, bakoresha mu gupima amahagarara.
Mu giheburayo havuga ngo «intoranwa yanje.»
Mu giheburayo havuga ngo «agakorera.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntiyagendera mu nzira ya Yehova.»