Abami ba kabiri 24:1-20

  • Yehoyakimu agarariza. Urupfu rwiwe (1-7)

  • Yehoyakini, umwami w’Ubuyuda (8, 9)

  • Abajanywe i Babiloni ubwa mbere (10-17)

  • Zedekiya, umwami w’Ubuyuda. Agarariza (18-20)

24  Ku ntwaro ya Yehoyakimu, Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni aza gutera igihugu ciwe, maze Yehoyakimu amara imyaka itatu aganzwa na we. Ariko aramuhinduka, aramugarariza.  Maze Yehova atangura kurungika utugwi tw’abambuzi ngo tumutere: uri utw’Abakaludaya+, Abasiriya, Abanyamowabu n’Abamoni. Yehova yagumye arungika utwo tugwi mu Buyuda ngo tubatikize, nk’uko yari yarabivuze+ biciye ku basavyi biwe b’abahanuzi.  Yehova ni we vy’ukuri yashinze ko ivyo bintu bishikira Ubuyuda, kugira ngo abahaba abomore bamuve imbere+ kubera ibicumuro vyose Manase yakoze+  no kubera amaraso y’abantu ata co bazira yasheshe+. Yujuje Yeruzalemu amaraso y’abantu ata co bazira, maze Yehova yanka gutanga imbabazi+.  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehoyakimu, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda+.  Nuko Yehoyakimu arapfa+, umuhungu wiwe Yehoyakini aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.  Umwami wa Misiri ntiyubahuka gusubira kuva mu gihugu ciwe, kuko umwami wa Babiloni yari yaratwaye ivyegukira uwo mwami wa Misiri vyose+, kuva ku mwonga* wa Misiri+ gushika ku ruzi Efurate+.  Yehoyakini+ yabaye umwami afise imyaka 18, maze amara amezi atatu aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Nehushita, akaba yari umukobwa wa Elinatani w’i Yeruzalemu.  Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi, yigana ivyo se yari yarakoze vyose. 10  Muri ico gihe, ingabo za Nebukadinezari umwami wa Babiloni ziduga gutera i Yeruzalemu, zirahugariza+. 11  Nuko Nebukadinezari umwami wa Babiloni ashika i Yeruzalemu, ingabo ziwe zikihugarije. 12  Maze Yehoyakini umwami w’Ubuyuda ari kumwe na nyina, n’abasuku biwe, n’abatware biwe*, n’abakozi bo ku kirimba iwe+, baja kwishikana ku mwami wa Babiloni+, na we aca amugira imbohe. Hari mu mwaka ugira umunani umwami wa Babiloni aganza+. 13  Agenda atwaye ubutunzi bwose bwari mu nzu ya Yehova n’ubwari mu nzu* y’umwami+. Ahimbagura ibikoresho vy’inzahabu vyose vyari mu rusengero rwa Yehova, vyari vyakozwe na Salomo umwami wa Isirayeli+. Vyabaye nk’uko Yehova yari yarabivuze. 14  Atwara mu bunyagano ab’i Yeruzalemu bose: abatware* bose+, abarwanyi b’intwari bose, abanyamyuga bose b’abahinga hamwe n’abacuzi* bose+. Bose hamwe bari 10.000. Nta wasigaye mu gihugu kiretse abanyagihugu nyarucari+. 15  Nuko atwara Yehoyakini+ mu bunyagano i Babiloni+, agenda atwaye na nyina w’umwami, abagore b’umwami, abakozi bo ku kirimba iwe n’abantu bakurubakuru bo muri ico gihugu. Abakura i Yeruzalemu abatwara i Babiloni ari inyagano. 16  Umwami wa Babiloni atwara kandi abarwanyi bose, bakaba bari 7.000. Atwara n’abanyamyuga b’abahinga be n’abacuzi*, bose hamwe bakaba bari 1.000. Abo bantu bose yatwaye mu bunyagano bari abagabo b’intwari bazi kurwana. 17  Maze umwami wa Babiloni yimika Mataniya sewabo wa Yehoyakini+, amugira umwami mu kibanza ciwe. Araheza amuhindura izina, amwita Zedekiya+. 18  Zedekiya yabaye umwami afise imyaka 21, maze amara imyaka 11 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Hamutali+, akaba yari umukobwa wa Yeremiya w’i Libuna. 19  Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi, yigana ivyo Yehoyakimu yari yarakoze vyose+. 20  Ishavu rya Yehova ni ryo ryatumye ivyo bintu biba i Yeruzalemu no mu Buyuda, gushika yomoye abahaba bakamuva imbere+. Zedekiya arahava agarariza umwami wa Babiloni+.

Utujambo tw'epfo

Canke «abaganwa.»
Canke «ku kirimba.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «hamwe n’abubatsi b’ibihome bikingira igisagara.»
Canke «abaganwa.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «be n’abubatsi b’ibihome bikingira igisagara.»